RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI MU KURAHIRA ICESE IMBERE Y’IMANA N’ABARUNDI

GITEGA, KU WA 18/6/2020

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi,

  1. Imbere ya vyose, tubanze dushimire Imana Mushoboravyose, yadushikanye kuri uno musi udasanzwe, umusi wiravye ingondo, aho kubw’ubushobozi bw’Imana, ibicishije kuri mwebwe Abarundi, Bene Igihugu, biciye mu matora, mwaraye muduteye iteka ridasanzwe ryo kurongora iki gihugu ciza c’Uburundi, muri iki kiringo c’imyaka indwi dutanguye uno musi.
  • Ndashimira Imana ku bumwe bwaranze abarundi muri ibi bihe kugira dushike kuri iyi ntambwe ihambaye. Aya matora yaraye atsimbataje ubumwe hagati ya bakuru n’abato, abahambaye n’abadahambaye. Vyaraye vyibonekeje neza ko turi kumwe twese, bishoboka.
  • Abarundi mwaraye muduteye Iteka kandi mwongera muraryitera, mu kwitorera indongozi ku nzego zitandukanye, kandi n’ubu mukiriko kuko hari n’ayandi matora asigaye ku rutonde rw’ayategekanijwe.
  • Uwu musi ushitse turi mu bihe bidasanzwe, ibihe vy’amageragezwa, ibihe vy’umubabaro kuko tuwuhimbaje turi mu kigandaro c’umuvyeyi wacu, NKURUNZIZA Petero, Imboneza mu gukunda no gukundisha abarundi igihugu cabo.Nivyo, umutima uravyakira ariko umubiri ukarwana nawo, Imana niyo yonyene Idukomeza, ikaturemesha.

Nashaka rero kubasaba munkundire kandi mumfashe  dushimire bimwe bivuye ku mutima uwo muvyeyi, Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero, twabuze tutanse, Intwari ku rugamba, Umuhizi w’Abahizi, Umuvyeyi w’impuhwe n’ikigongwe,   Inararibonye, Sogokuru.

Mu vyubahiro vyanyu dufate akanya mu gacerere, tumwibuke. [AGACERERE]…….

  • NKURUNZIZA PETERO, umuvyeyi wacu tuzokwama yibukwa nk’umugabo w’Ijunja n’Ijambo, Intwari ku rugamba rwo guharanira, gutsimbataza amahoro mu Burundi no mu makungu, no gutsimbataza Intahe yo kwikukira. Adusigiye Uburundi nk’Igihugu casezeye gusegerereza no gutega amashi abayakubitako, Igihugu cashinze icumu mu mashinga. Iteka yateye Uburundi tworirata bukatwirirako bukongera bukadukerako.

None naho biri uko, nagomba nsabe kandi duhaguruke tumare umwanya tumukomera AMASHI kuvyiza yakoreye uburundi. [AMASHI]…….

Uburundi yabutoranye ari umusaka, bwari burimwo abarundi buzuye urwanko n’inzigo, abarundi bari udusimbirahamwe, abarundi batari bafise umutima wo gukunda igihugu cabo.

None akidusigaranye catoshe, twasubije hamwe amahoro ari yo akiranga. Muravye iyo tuva, iyo bitaba biri uko, n’uyu musi ntiwari gushoboka. None mwari bwabone Uburundi bubura umukuru w’igihugu,  bikaba nk’uku?

Ariko tubishimire Imana kuko niyo yari yashize imbere none ntimutetereje ngo akurikirwe n’induru. Tuyikomere amashi.[AMASHI]…….

  • Tuboneyeho akaryo ko gusubira guhoza Umuryango wiwe, Umutambukanyi n’ibibondo asize, Umuvyeyi wiwe n’abo bavukana, incuti za hafi n’iza kure. Turahojeje kandi Abarundi n’abakunzi b’Uburundi bose iyo bava bakagera. Dusabe Imana Nyeninkomezi, ibashoboze kwihangana, mugume mufatanye mu nda, mushishikare ibikorwa vy’Iterambere nk’uko atahengeshanya kubiduhamagarira no kubiduhera akarorero keza.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi,

  • Kuri uyu musi, nashaka kandi nsubire nshimire bimwe bivuye ku mutima Umugambwe CNDD-FDD dukomokamwo, wo watureze, kandi ukaturamura, gushika n’aho utwizera ukadushira imbere ngo tuwuserukire mu mabanga ahambaye yo kurongora Igihugu.

Nkuko babivuga, “Ibanga ribangirwa ingata,” mbere ugatako ukarikorera. Turabemereye ko tuzokora ivyo dushobora vyose, dushigikiranye, twuzuzanya, duhuje umutima n’inama, kugirango dukutse ikivi, abarundi dutunge kandi dutunganirwe mu gihugu cacu.

  • Amatora y’uyu mwaka w’ 2020 yabaye ikindi kimenyetso ntabesha ko ingendo ya demokarasi yamaze gushinga imizi mu Burundi ubutagisubira inyuma. Ni imbonekarimwe kuko muri kahise, uko abarundi bagiye baratunganya amatora, niko yagiye iranigirwa mu menshi. Aha twovuga nk’ayatunganijwe mu 1961, 1965, 1993.
  • Kuri uyu musi w’imbonekarimwe rero, ndipfuza ko tubanza gusubiza amaso inyuma, turabe kandi dutegere kahise kacu kugirango dutegure kazoza keza, tuzi iyo tuva kuko ico turi coco turakibona.

Sinshaka ko muyoberwa ivyashikiye ba Sogokuru bacu uhereye kuri MWEZI GISABO gushika kuri NKURUNZIZA Petero ngo nuko turi mu bihe vyiza.Abarundi bari ubwoko bumwe, ihanga rimwe basangiye vyose kuva kuri NTARE RUSHATSI ari we SEBURUNDI. Abarundi bagendera ubumwe n’ibanga ryabo, bari basangiye igihugu kimwe arico Uburundi, ingovyi  iduhetse gushika n’ubu. Basangira akabisi n’agahiye, basangira imico n’imigenzo, bafise Imana imwe rudende, Imana rudasumbwa, itanga vyose, inka n’ibibondo.Bari basangiye intara imwe, Umwami umwe.

  1. Umwami yari Sebarundi, ntiyari Sebahutu, canke  Sebatutsi, eka ntiyari na Sebatwa. Yari afise abatware bamufasha gutunganiriza abarundi bose, ni ho bavuga bati ‘’Umwami agirwa n’abagabo’’. Abarundi kera bari bazi Imana. IyerekwaryaMUSA mu gushinga intwaro ku guhugu ca Isirayeri, turavye neza, risa n’iyerekwa rya Ntare Rushatsi mu gushinga intwaro mu Burundi.
  1. Iryo yerekwa ni ryo Umwami yashingiyeko mu Burundi ari na ho havuye icivugo ngenderwako IMANA – UMWAMI -UBURUNDI.

Birumvikana rero, kuva kera Abarundi bari bazi Imana kandi bakayizigira. Birabonekera mu mazina ndoramana n’imyibutsa itari mike igaragaza ukwizigira Imana. Naje nitwa NDAYISHIMIYE.

  1. Abarundi ba kera, kubera bubaha Imana, bigenza runtu nayo ikabahezagira. Bari bazi guhezagiza imbuto ku Mana nayo ikabahezagira, bakaronka imvura bakimbura.Abarundi ba kera bari bazi intwaro ibereye ishingiye ku butungane n’ugukingira agateka ka kiremwa muntu.

Nico gituma umurundi wese yari azi ikizira, akubaha akongera akubahiriza ubutegetsi bw’igihugu, abatware eka n’abamuruta bose.

  1. Ivyo vyose vyaratitutse, bititurwa n’umukoroni igihe yashika agasambura ubutegetsi bw’igihugu cacu, abarundi bakamubera abaja mu gihugu cabo.Abakoroni baraje, imico n’imigenzo myiza abarundi bari bafise birasambuka, ubutegetsi bwa MWEZI GISABOburatembagazwa. Niho habereye itembagazwa ry’ubutegetsi ryambere mu Burundi kuko kare umwami yari igiti kiturirwa. Kuva ico gihe abarundi batanguye kugayika.

Kanatsinda,‘’urugo rutagira umugabo ntakitarukengera’’, umukoroni yaradusanzaje, abarundi bacika impehensa baca bahinduka udusimbirahamwe kuko, nk’uko bivugwa: “ Ngo bakubise umwungere, intama zirasanzara”.

Ivyakurikiye murabizi, ni agahomerabunwa. Nakare ba sokuru nibo bayamaze bati “Uta akaranga, ukaba utaye akabanga, ugatorana akaranda ” Natwe twarabibonye, turacira imoso, ntirigasubire.

  1. Ariko Barundi benewacu, Imana ntiyibagira uwayo. Ivyo vyadushikiye, vyarashikiye n’abandi muri Afirika, muri Aziya na Amerika. Kandi uko babivuyemwo niko natwe turiko turabikira.
  2. Ibi ndabivuze kugira ngo Abarundi n’amakungu babimenye. Bamenye ko Uburundi bwasubiye mu buntu bwabwo.Abarundi barabaye abaja mu gihugu cabo, barata imico n’imigenzo yabo y’ubuntubakurikira imico n’imigenzo y’abanyamahanga.

Bari barataye n’ubwoko bwabo bw’abarundi, bitwa abahutu, abatutsi n’abatwa, aho kwitwa Abarundi; ari co gituma banka igihugu cabo kandi abakera bavuga ngo “ Ntawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere”. Ariko, buke buke, ubu twasubiye kuba Abarundi.

  1. Intwari z’Uburundi zamye zigwanira ako gateka ariko zikazindwa. MWEZI GISABO yaragwanije abakoroni aratsindwa, abarundi baca baba abaja b’ababatsinze. RWAGASORE arahaguruka ngo ahabuze intahe yo kwikukira, bayimutsindako n’abo bari bafatanije urugamba nkaMIREREKANO, NGENDANDUMWE n’abandi.NDADAYE arabandanya urugamba rwa demokarasi ariko bamugandagura ubutarariye, bamujaniranya n’abo bari bafatanije urugamba.
  1. Aho hose twasanze wa mukoroni yatugira abaja ataho yari yagiye, yahinduye ibara ry’urukoba gusa kuko hariho abo yigishije baramenya mu Barundi basigara aribo bikoresho vyiwe mugucinyiza benewabo nawe yitwengera.Abo nabo twarababonye mu gihe ca PDC mu 1961. Twarababonye kandi bahurikiye mu nani n’imihari y’ivyaduka nka za ADC-Ikibiri mu mwaka w’2010, na za CNARED mu 2015.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  1. ‘’Ryarabaye, ntirigasubire’’. Uyu musi nagomba gutangaza icese ko twinjiye mu mateka mashasha.Iyi ntambwe dutanguye uyu musi ni kimwe mu matsinda yaranze urugamba rwo kuzamura Uburundi  rwatanguriye ku rugamba rw’umuheto turongowe n’intwari mu ntwari, umuhizi w’abahizi NKURUNZIZA Petero.
  1. Ni urugamba rwahitanyeincungu nyinshi muri beneburundi, ingabo n’abenegihugu isinzi.Nico gituma nagomba gusaba dufate akanya twibuke izo ncungu zose atanumwe avuyemwo kuko mu Burundi nta muryango utabuze.[AGACERERE]…….

Tubibuke kuko amahano twabonye tutipfuza gusubira kuyabona mu gihugu cacu.

Kwibuka, kwibuka barundi, niko gutuma utasubira kwanjanjwa, ngo urekure iciza wafashe. Erega ukirekuye, wokwicuza.

Noneho rero, Impore yaraje mu Burundi kuko imitego twaguyemwo tutazosubira kuyigwamwo.

  • Twari tumaze imyaka 15 twubaka umushinge w’ubuzima bw’Igihugu, ubuzima bwiza bw’Abenegihugu. Abarundi twari tunyotewe igihugu c’iteka cishira kikizana, Igihugu c’abagabo bigaba bakigaburira kandi barya bakaravye. Abarundi twari tunyotewe kwifatira kazoza kacu mu minwe none umushinge warubatswe.
  • Iyi myaka cumi n’itanu umugambwe CNDD-FDD umaze uramutswa Uburundiyaratumye tumenya ukuri kwari kwihishije mu magume yagiye arashikira Uburundi. Iyi myaka cumi n’itanu ni yo yatweretse ko tukiri mu gasuzuguro k’umukoroni.

Ivyo bikaba vyagaragaye mu 2015, aho ibipfamutima vy’abarundi vyajaku mohe ya ba kavantara, bagashaka kwisamburirako kandi batari impene.

  • Ehe namwe nimurabe!Aho ibihugu mvamahanga canke amashiramwe amwe amwebakwigenzako mu kugusaba ico ufise kandi wagendeyeko kuva kera, kiri no mu mico n’imigenzo y’ikirundi.

Iyumvire namwe, aho basaba abarundi agateka ka zina muntu mu gihe iwabo ubwicanyi babugize ubuhizi, mu gihe iwabo abantu barongorana n’ibikoko, abasangiye ibitsina canke abavukanabakabirana, iwacu naho twakuze kizira no kwica umuserebanyi ngo Umuvyeyi yocika amabere, na gishiki na gisaza batarongorana ngo bovyara amacugane.

  • Raba namwe! Hari uwogusaba ubutungane iwabo birirwa baricira abantu mu bitaro ngo bariko babohereza gupfa batababaye, bakanigira abana mu menshi, bagakorora imbanyi atacamira kandi muzi ko kuva kera na rindi mu Burundi wishe umuntu waba ubaye igicibwamu kibano no mu gihugu. Gukorora inda naho cari igicumuro c’isakirirego; ivyo turabizi, ntituvyigishwa.
  • Barundi Benewacu, mumenye ko ingeso y’urugo ntiyubaka urundi, kandi ingendo y’uwundi iravuna.

Nibatureke!

Nibatureke, twubake Uburundi mu gutsimbataza intwaro ibereye no gukingira na ntaryo agateka ka zina muntu dufatiye ku ndero, imico n’akaranga vyaranze igihugu cacu.Intwaro ibereye ihera mu gushinga Reta mvyeyi. Reta mvyeyi na yo ikaba ihera kuri Sebarundi akunda abana b’igihugu bose, amenya ikibiriza n’ikibaraza na bo bakamwubaha bakongera bakamusonera.

Ni co nje gukora, nkuko Ibwirizwa Shingiro ribintegereza kandi ndemeza neza ko ndikumwe n’Imana vyose nzobishobora.

Ntimugire ubwoba ndazi ibindindiriye. Nje gutsimbataza koko intahe y’ukwikukira kw’Uburundi, ukwishira n’ukwizana kw’abarundi bose no kubakingira mu gateka kabo.

Ivyo ntihagire amakungu azokwirirwa arabinsaba nk’uko babimenyereye mukutwigenzako kuko niwo mwitwarariko wanje.

  • Nzobona ko Uburundi bwikukiye koko igihe umurundi wese azoba yumva mu mutima ko igihugu cacu ari intavogerwa. Erega turacafise abarundi bacibaza ko igihugu c’Uburundi ari ca ntantege gishobora kuvogerwa uko arikwo kwose. Nagira ndabamenyeshe ko nihaba hakiri abagaya Uburundi, ibizigizigi ni bihere.Hariho umugani abarundi bazi kandi baciye wa biregarega bigumye, ni urya nyene. Abibaza ko uburundi bwitaha, ni bateshwe bate kuko abarundi twese turi ingabo zo kurwanira igihugu.
  • Kugira ngo kandi nemere ko Uburundi bwikukiye koko  ni uko Umurundi wese agira ijambo mu biraba ubuzima bw’igihugu.Hariho abarundi bacibaza ko kugira ijambo ari ukuja mu kiguri, mu gihari canke kuja kugumuka mu mabarabara. Ivyo bavyita kwiha ijambo kandi mu migenzo y’ikirundi kizira.  Mu mico y’ikirundi, Abarundi barahana ijambo, bakaganira, ijambo rikaba umunoni.
  • Hari n’abandi barundi bitwaza ngo niukurondera ijambo n’igihagararo ariko ari kugira ngo bahagararire umukoroni mu gihugu cacu. Ni bamwe iyo bibananiye gutoba baca bihindiraiwabow’ababatumye. Abo bose twarabahinyuye.

Ico twibagira ni kimwe. Ni uko kuva kera na rindi, abarundi bamye baja inama mu kwubaka igihugu niho bavuga bati umutwe umwe ntiwigira inama, imiti ikora ikoraye. Ndetse no mugukinga amatati bahanurana bavuga bati ukutavugana ni isokory’amazimwe. Barongera bati:“kananirabagabo ntiyimye”.

Ibiganiro rero nivyo vyamye biranga abarundi, ntihagire umunyamahanga azosubira kwivanga ngo ariko asabira abarundi ibiganiro kuko niwe yari yarabidukuyemwo. Ubu twaragarutse ku muzi, nico gituma mubona twasubije hamwe.

Abashaka ibiganiro, n’ejo baratonda, ariko baze badaca wa mugani w’ibinebwe ngo: “Ikiyago gisumba ikivi”.

Kurya twasigaranywe icivugo na Sogokuru Nkurunziza ngo: “ Dukora dusenga, dusenga dukora”, tugendere no kuri iki civugo ngo: “Tuyaga dukora, Dukora tuyaga”.

  • Nagira ndabatangarize, mwese abarundi iyo muva mukagera: “Kuva ubu ntihagire uwusimbwa n’umutima, yaba uwuri mu Burundi uwuri mu mahanga canke impunzi. Nta muntu n’umwe,yaba muto canke mukuru,azobura ijambo mu gihugu casasagayemwo demokarasi kandi gifiseReta mvyeyi”.

Guhera ubu ivy’ingimba bihagarare, umwe wese avuge ikimubakiye, twoye kwiha amenyo y’abatwenzi. None abagiye kurega mu makungu, banzuye iki? Ni bagaruke nyabuna, dushire imitwe hamwe, dukore, duteze imbere igihugu cacu.

TURI KUMWE TWESE, NTACO TUZOBURA, IMANA NIYO NKURU.

  • Kuva ubu rero, muraraba jewe, mpagarariye Igihugu. Baba abanyamigambwe canke amashirahamwe y’abenegihugu canke umuntu ku giti ciwe, ni mwitegure. Kuva ubu ntakuniganwa ijambo kuko ni uburenganzira bwanyu imbere y’umuvyeyi ariyo Reta.

Kuva ubu ntihagire uwusubira kwiyumvira ko hari uwishikira kwa Reta kurusha uwundi. Abarundi bose barangana imbere y’amategeko. Natwe twiyemeje guhagararira ayo mategeko.

  • Abarongozi b’imigambwesi bo baramutswa igihugu ngo abe ari bo babasabira. Kurya bishikira niko n’abanywanyi babo bishikira. Ntimuhendwe! Si n’abakuru b’amashirahamwe bazobashikira. Ndabamenyesheje ko, uba mu mugambwe canke utawubamwo ufise uburenganzira bwo kugira uruhara mw’itunganywa ry’ibikorwa vy’igihugu haba mu burongozi canke mu bikorwa ivyo ari vyo vyose.

Intwaro ibereye ni iyubaha kandi ikubahiriza umwenegihugu wese mu buzima bwiwe. Ni muri iyo ntumbero mu buzima bwose bw’igihugu hagiye kugenwa mu bisata vyose indongozi zizobatunganiriza koko.

  • Ntihagire abagwa mu mutego w’abanyeporitike ngo “ejo ni we uzonshikana aho nipfuza”. Kubutwari bwawe, nawe uzohishikana.
  • Turazi ko atamwana w’umuntu amenya akari mu mutima wa mugenziwe kiretse Imana. Turiyemeje ko, tubigiye inama na mwebwe,tuzobashikiriza indongozi zibikwiye kandi z’imvugakuri nkuko umugambwe CNDD-FDD nkomokamwo ubihimiriza mu karangamutima kawo.
  • Hari ijambo ryanyuze muri Bibiriya aho YETIRO yahanuye umukwe wiwe MUSA ati: “Uzoheza urabe mu gihugu cose abagabo b’intwari, bubaha Imana, abagabo bakunda ukuri, banka inyungu zitandukanye, ubagene bababere abakuru. Nibo bazocira imanza igihugu igihe cose. Urubanza rwose rugoye bazorugushikiriza. Ariko urubanza rwose rworoshe bazorwitunganiriza bo nyene. Gutyo uzoba wiremuruye umuzigo maze muwufashanye. Niwagira  ivyo bintu, Imana ikaba ari yo igutegeka, uzoshobora kubandanya. Bitayeko ico gihugu cose kizotaha amahoro iwaco.”
  • Murumvise ko ata mukuru abura mukuruwe. Ibizonanira indongozi buca tubashikiriza, bazobituzanira, nibanka kubidushikiriza ndatanze uburenganzira muzoce mubinzanira. Ibigoye navyotuzobishikiriza Imana kuko yoyo  ntakiyinanira, ni co gituma nabanje kurahira imbere Yayo n’imbere yanyu ko ntazohemuka kugira ngo Imana ingumizeko ikiganza cayo.

Ni kandi muri iyo ntumbero, tugiye gutsimbataza ubutegetsi bwegereye abenegihugu. Dushaka indongozi zibegereye, zibumviriza zikongera zikabatunganiriza.

Banyakwubahwa,Barundi mwese, Bakunzi b’Uburundi

  • Ico ndabemereye ni uko Reta igiye gushingwa atari iyije gusa kubarongora mu bikorwa ariko ari iyije kubatunganiriza. Bamwe bahora bitwaza ko bashaka ibiganiro mu gutoba igihugu barumvise ko ibiganiro babironse.

Abahora bavuga ko baharanira inyungu z’abenegihugu mu kugumura, barumvise ko ari uburenganzira bwabo nk’abenegihugu gukurikirana ko ineza yabo bose iriko iratunganywa. Kandi bashikire inzego zibijejwe mu bugwaneza.

  • Tumaze gutunganya intwaro ibereye, tukagira indongozi zitaho ineza y’abenegihugu, ntakindi kiba gisigaye atari kuja ku kivi, tugafata inzira y’iterambere. Iyo nayo ni urugamba, kandi urugamba rwo guhozako.

Ni urugamba rusaba ubwenge,ubuhizi, ubukerebutsi n’ubwira.Ni urugamba rugwanwa kandi atanumwe asigaye inyuma. Nico gituma mvuga nti: TURI KUMWE TWESE BIRASHOBOKA.

  • Iterambere nyakuri rihera ku butungane, amahoro n’umutekano, kugira ngo Umurundi wese yumve ko afise impore mu mutima.Iterambere kandi rishoboka iyo Reta izi kubungabunga itunga rusangi ku neza ya bose.
  •  Nk’Umukuru w’Igihugu, ndabemereye ko nzokora ibishoboka vyose kugira ngo Intambwe Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero yadushikanyeko yo gutsimbataza Intahe yo kwikukira, agateka, kuzirikana Igihugu n’iterambere ridakumira ntibisubire inyuma, ahubwo tubishikane ku rundi rugero.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  • Kwubaka igihugu ni Umugambi wo guhozako kandi wamaho. Umuntu yama akeneye agashasha, yama akeneye akarusho. Ushitse kuri iyi ntambwe, uvuga uti: “si aha gusa, hariho ahandi ndashaka kuhashika.”

Muri iyi myaka 15 irangiye, twarubatse umushinge n’inkingi mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu. Ariko ibikorwa vy’iterambere birabandanya.

  • Sinodondagura ivyaranguwe muri iyi myaka cumi n’itanu ngo ndabimare ariko mwomenya ko ariwo mushinge tugiye gukorerako. Igihugu carihesheje iteka n’icubahiro mu makungu. Ubu amakungu arazi kandi arubaha Uburundi nk’igihugu cikukiye, igihugu gifise ivyo gikeneye ariko gifise n’ivyo gitanga. Iyo ntambwe tugezeko mu gutsimbataza ukwikukira ntituzoyidohokako ahubwo tugiye kuyikomeza.
  • Iruhande yo gusubiza igihugu ijunja n’ijambo cari gifise imbere y’umuzo w’abakoroni, Uburundi bwarasubije Imana ikibanza yari ifise mw’iyerekwa ry’abo dukesha Uburundi: IMANA, UMWAMI, UBURUNDI.

Kukaba nkako turazirikana neza ko iteka n’itekane vy’Igihugu tubikesha imbere ya vyose Imana Mushoboravyose. Tuzobandanya guha ikibanza imico myiza n’akaranga vy’Uburundi kugirango bitubere inkingi y’iterambere.

  • Twisunze iragi ry’Imboneza Kizigenza mu kuzirikana Igihugu, Petero Nkurunziza, tuzobandanya gushigikira inkino, imico n’Imigenzo. Tuzokomeza inyigisho z’inkino, iz’ubunonotsi hamwe n’iz’ubuhinga ndangakaranga na cane cane Ingoma kugira ngo ziteze imbere zongere zimenyekanishe Uburundi mu makungu.

Tuzogarukira twongere duteze imbere Ururimi rw’Ikirundi, imico n’akaranga ka basokuru tubicishije ku kigo gishasha c’Ubushakashatsi bwo kwitaho no kugarukira ururimi n’imico vy’ikirundi (ACADEMIE RUNDI).

  • Ikindi gihambaye kandi gihimbaye cakozwe muri iyi myaka cumi n’itanu iheze, cabaye ukunywanisha Abarundi biciye mu bikorwa biboneka atari amajambo n’ivyivugo.

Gutsimbataza Amahoro n’Umutekano twabigize igikorwa nyamukuru kuva mu mwaka w’2005. Nkako turazirikana na ntaryo ko atawusomera induru ziriko ziravuga.

Ni muri iyo ntumbero imigwi myinshi y’inkozi z’ikibi yasambuwe, ibiyayuramutwe n’inzoga zitemewe n’amategeko bigatuzwa. Ico ni igikorwa co guhozako, tuzokibandanya, kanatsinda uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho, nayo uwukebura uwiwe agwiza ibinonko.

Tugiye gukomeza ibiganiro hagati y’abarundi, ata n’umwe avuyemwo.

Hari hasanzwe urwego rw’ibiganiro vy’abanyamigambwe hagati yabo, tugiye gukomeza ibiganiro hagati ya Reta n’imigambwe kugirango umwe wese agire ico aterereye mw’iterambere ry’ubuzima bw’abenegihugu.  Imvugo ngo imigambwe itavuga rumwe na Reta twipfuza ko itosubira kuronka ikibanza mu Burundi.

Kanatsinda, utavuze rumwe na Reta y’Uburundi wovuga ururimi rw’iyindi Reta iyihe?

Ntitwipfuza abantu bama mu mpari bapfa ubutegetsi kandi turi mu ntwaro ya demokarasi. Mbega ubwo butegetsi woronka ubwihaye, wobukoza iki ko abenegihugu bamaze kunyugwa, batagitwarwa n’abategetsi b’abomekerano? Ni nkuko Demokarasi yaje kugira ngo isezerere za ntwaro z’amagaburanyama.

  • Uwufise akamubakiye azokwumvirizwa maze aronke inyishu ibereye. Binaniranye naho, turafise urwego rw’umuhuza ruzoheza ruhanure Reta icokorwa rwumvirije uwufise akamubakiye.

Eka noneho mu Burundi twararondeye inzira zose zituma amatati yose abonetse atorerwa inyishu, ni uko gusa hakiri abajuragirika bibaza ngo ubukiriro buri hakurya y’Uburundi.

  • Mu vy’agateka ka zina muntu, umuntu aritura ubutungane canke akitura umugwi wigenga ubijejwe kugira ngo uhanure Reta icokorwa kugira ngo bose batunganirwe.

Ndetse na vya vyaha vyatuzingamika, eka n’ayandi matati yo muri kahise, hariho imigwi CVR ujejwe kumenya ukuri no gusubiza hamwe na CNTB ijejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, bazobatunganiriza.

  • Kandi nagira menyeshe ko iyo migwi y’Igihugu ijejwe ubutungane bunywanisha tuzoyishigikira bimwe biboneka mu ntumbero yo kuyifasha gusozera neza ibikorwa ijejwe. Abahuye n’ivyago vy’ubwo bwicanyi nabo turazi ko bakeneye guhozwa no guhumurizwa, abavyagirizwa nabo bagashengezwa kugirango Abarundi na cane cane urwaruka rw’ubu na kazoza babonereho icigwa ko ata kibi cijana naho hohera igihe kingana iki.
  • Kubera ko Umutekano mu Burundi wagiye uriyongera uko bukeye uko bwije, ingabo z’uburundi zikerekana ubutwari n’ubuhizi, twaratabajwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika UA, maze turatabara mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Umutima wo gutabara tuzowamana, na cane cane ko tuzi ko umucanwa waka uja iyo ibisanze bisigaye.

  • Kugira tubishikeko, tuzobandanya kwitwarararika Inzego zijejwe kwivuna abansi no gucungera umutekano, zibe koko inzego zikwije, zikomeye, zifise ubushobozi bwo guhangana n’uwo wese yohirahira akazihangara, Inzego zirangwa n’ubwenge, ubumenyi, ubuhinga n’ubukerebutsi kandi zijanye n’ibihe.
  • Iruhande y’amahoro n’umutekano bituma Igihugu cacu kiba nyabagendwa kandi kigahurumbirwa n’amakungu, Ubutungane bwiza butunganiriza bose ni imwe mu nkingi z’Iteka n’Itekane vy’igihugu. Imanza ziraburanishwa zikongera zigashirwa mu ngiro ku bwinshi. Yamara rero haracariho agahaze mu gisata c’ubutungane n’ubucamanza.

Twiyemeje gutera iyindi ntambwe muri ico gisata, dufise ihangiro ryo gusasagaza ubutungane bwizewe na bose kandi bunywanisha abenegihugu na cane cane mu gusubiza umutamana intahe yo ku mugina.

Twifuza mbere ko iyo ntahe yo ku mugina ari nayo ama sentare y’intango yokwisunga mu gutunganiriza abenegihugu. Kuko sentare yo ku mugina niyo cabona kitabesha mu matati yo mu kibano.

  • Nihaba uwakoze icaha, yaba uwuri muri Reta canke uwundi, twese tumushengeze. Ntitwipfuza ko hari icaha na kimwe cosubira kwirengagizwa ngo gihave kitubera inkomoko y’indyane nkuko vyabaye muri kahise.

Ni muri iyo ntumbero dushinze ko ivyaha vyose vyakozwe hanyuma ubutungane bukaba bwarahejeje amatohoza, imanza zigacika, ababikoze bategerezwa kubihanirwa. Ibikiri mu matohoza navyo dusavye ababifitiye ivyemezo ko bokwegera inzego z’ubutungane bakabereka inkozi z’ikibi kugirango zishengezwe. Tubemereye ko ingingo zose zo gukingira ivyabona n’abagiriji zamaze gufatwa, ntihagire abagira ubwoba ngo imanza zisubire gucirirwa mu mabarabara no mubinyamakuru.

  • Kuva Uburundi bwitwa Uburundi, bubaye ubwa mbere hahera imyaka 15, mu mpande zose z’Igihugu, harangwa amahoro, umutekano n’impore kandi Uburundi burongowe n’abo abenegihugu bitoreye.Iyo ni yo demokarasi Abarundi twaharaniye.

Muri ico kigabane nyene, Amatora yo mu 2015, ay’Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2018, n’Amatora yo mu 2020 tukibandanya, yose yatunganijwe hakoreshejwe uburyo bw’Abarundi ubwabo.

  • Kwitunganiriza amatora incuro zitatu tutarindiriye ak’imuhana, ni intambwe idasanzwe mu gusubiza Iteka Uburundi. Ni kandi ikimenyetso kigaragaza ko Abarundi dushoboye, tuzirikana na ntaryo ko amazi masabano atamara imvyiro, kandi ko ak’imuhana kaza imvura ihise.
  • Kubera inyigisho zo kuzirikana igihugu zatangujwe na Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero, Abarundi twaramenye twongera turatahura iyo tuva n’iyo tuja, kuko icari caratuzingamitse kwari ukutamenya ko dushoboye, kwari kandi ukwambara ikirezi ntitumenye ko cera. Izo nyigisho ni Iragi ryiza tutazodohokako.
  • Muri demokarasi ishingiye kw’ishaka ry’abenegihugu, mwaraye mwitoreye indongozi zizi neza ico ari co gutunganiriza abenegihugu mu vyo bakeneye, zije kwungura ubuzima bwiza bw’abenegihugu. Abahora bidoga ko ivy’abenegihugu vyabaye umugabane w’indongozi z’igihugu ni bahumure. Kuva ubu tuzokwisunga iki civugo: “ITERAMBERE RIKOMOKA KU BENEGIHUGU RIKONGERA RIKABAGARUKAKO”.

Muvyumve neza: Si iterambere rikomoka ku benegihugu rikaguma hejuru, rica ryongera rikagaruka iyo ryavuye, maze amahasa akavyinirwa aho yavukiye. Tugiye gushinga Reta mvyeyi, yegereye kandi yumviriza abenegihugu ikanabahamagarira gufata iya mbere mu kudoma urutoki ku barya ibiturire n’abasesagura itunga rusangi. Aha, uwo ari we wese, yaba uwigenga canke abahurikiye mu mashirahamwe aharanira iterambere ry’abanegihugu, ahamagariwe kubigiramwo uruhara nakare ngo inkware yicwa n’umureretsi.

Tumenye ko ukurya ibiturire, ugusesagura n’ukunyonyeza ubutunzi bw’igihugu ari umuziro uzirwa.

  • Kugirango intwaro ibereye itsimbatare ni igikorwa ca twese kuko turi mu cari kimwe. Tuzogerageza dukure mu barundi agatima ko kugwanira ivyicaro ahubwo tubinjizemwo agatima ko gukorera abenegihugu.Imigambwe rero ni ibe iritegurira kugira ico iterereye, turi ngaha kugira dukomeze ibiganiro vyubaka igihugu. Na kare ngo “imyenge y’inzu imenywa na nyeneyo”.
  • Amashirahamwe nayo aharanira iterambere ry’abenegihugu, ni akenyere zigume. Murazi ko aho kare hahise amwe amwe muri yo yahora anegura gusa; ariko ubu twese hamwe tugiye ku kivi, hanyuma twinegure turiko turakora.
  • Vyaba ibinyamakuru canke amashirahamwe aharanira agateka k’abenegihugu, imiryango iruguruye kugira bamenyeshe Reta akabakiye ubuzima bw’abenegihugu. Kuva kera na rindi umwana ntiyaja kwararaza hanze ubuzima bw’umuryango; bakeburanira mu mbari. Uwuzobandanya iyo ngendo nawe tuzomenye ko indero kavukire yamujanye canke ko azoba afise uwundi shebuja akorera atari umwenegihugu.

Nta mwenegihugu n’umwe adafise ico yoterera mw’iterambere. Ejo nimwishinga kuvuga mudakora, mumenye ko muzoba mutanye ikivi abandi, uko nako kuka ari uguhemuka.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  • Tumaze kuzirikana ko tutaremewe gufashwa, ariko ko twaremewe gufashanya, Imboneza yacu itugiye imbere, twarakoze birashimwa, abaduteye akagere n’abaduhariye ivomo baratamarirwa, umwimbu urongerekana bidasanzwe mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu.
  • Twaritwararitse muri iyi myaka iheze, turihata kugira twerekane ko Uburundi butariho kugira ngo bugore amakungu. Twaricaye turisuzuma turabona ibitugoye ari navyo vyatuzingamitse ntitwitaho iterambere, hanyuma turabitorera umuti.

Nagomba rero menyeshe amakungu ko twakuze, baducukije hageze kuko iyo bitaba twopfuye tugicira inkonda. Ubu twarakanuye, turaca ubwenge. Ubu twatanguye kuvyerekana.

  • Tutitwararitseguhesha izina Uburundi mu makungu biciye mu migenderanire ishimikiye ku kwubahana, ku kwuzuzanya, ku gutsimbataza umwumvikano hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu no hagati y’Uburundi n’amashirahamwe atandukanye, ivyo twokora vyose mu gisata c’imigenderanire no gufashanya mu vy’iterambere ku gihugu cacu vyoguma bigoyagoya.
  • Tugiye kwereka amakungu ko Uburundi dushoboye kandi ko natwe dufise uruhara mw’iterambere ry’isi. Muramaze kuvyibonera ku ruhara Uburundi bufise mu gikorwa co kugwanaya iterabwoba kw’isi no kugwanya ibukozi bw’ikibi mu bihugu.

Turashima kandi turishimiye imigenderanire dufitaniye n’ibihugu bigenzi n’amashirahamwe atari make yo mu karere ka Afirika.  Tugiye kuyikomeza.

  • Twebwe turemera ko isi ari imwe, ata gihugu coyihariza ngo kiyigabe kandi Imana yaragaburiye ihanga ryose igisata caryo. Turemera kandi ko ata gihugu coba ukwaconyene kuko ibihugu vyose bigize umubiri umwe. Uburundi buvuye kw’isi, isi iba isambutse nico gituma ibihugu vyose dufise vyishi biduhuza, kandi kimwe cose gifise uruhara rwo gukorera mu runani rw’ibindi bihugu kugira abantu bose baba kw’isi batere imbere mu buzima bwabo.
  • Ibihugu vyose bitegerezwa kubungabunga isi, nico gituma ivyo dukora vyose dukeneye ko dukorana n’amakungu, n’ibindi bihugu mu bisata bitandukanye: Gukingira ibidukikije n’isi kuko duhema impwemu zimwe twese, guteza imbere no gukingira kiremwa muntu kuko isi ni umurima rusangi w’abantu bose. Ivyo vyose bitunganirizwa bigakorerwa mu runani n’amakungu iyo ava akagera.
  • Imigenderanire twipfuza ni uko ata bihugu vyoza biriyitirira amakungu kugira ngo bikumire ibindi no kubifatira ingingo z’agahotoro.  Ababikoze barakwiye gusubiramwo neza inzira yo kwunga imigenderanire irama n’ibihugu bikiri mu nzira y’iterambere kugira dukomeze impore hagati y’ibihugu vyose.

Ivyo tutumva kumwe ntivyotorerwa umuti mugukoresha igihagararo, ahubwo ibiganiro niyo yonyene nzira irashe yo gutahurana no guhanurana. Tugirako duhanura n’ibihugu dusangiye umugabane wa Afirika kwirinda inyosha mbi zobaryanisha na benewabo.

  • Nico gituma tubandanya twugururiye imiryango ibihugu canke amashirahamwe mpuzabihugu vyipfuza ko twegerana gusumba, kugira ngo duhanahane ivyo umwe wese ashoboye gukora ku neza y’ababa kw’isi bose.
  • ‘Umugenzi nyawe umubonera mu marushwa’, turakengurukiye cane ibihugu vyatugumye hafi, biradushigikira mu gihe hari ibindi bihugu vyashaka kuduta mu cobo.

Turakengurukiye kandi ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika ryiyumviriye umugambi wo guhanahana ibidandazwa twiyimburira iwacu muri Afirika. Ni umugambi mwiza Uburundi bushigikiye.

Kubwacu twipfuza kubona abanyafirika tutabonana nk’abanyamahaga, tukugurura amarembo, tukubaka amabarabara adufatanya. Birahimbaye mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko Uburundi burimwo. Umurundi ashatse kuja mu gihugu ico ari co cose c’uwo muryango ashaka aca mw’i barabara,mu mazi canke mu kirere.

None habuze iki ngo uburundi bufatane n’ibihugu vyo muri Afirika yo hagati canke yo mu Burengero tugendera hasi. Ivyo nivyo bikomeza ubumwe bwa Afirika kuko niho abenegihugu bose babonana mu muzi wabo bakamenyana kuko basabana agacanwa iyo bari ku rugendo.

  • Si n’ivyo gusa, abanyafirika bafise ubuhinga kama butandukanye bashobora gusabikanya bukabateza imbere. Kuva kera, twarutse twumva ko Abarundi baja gukora i Buganda, abandi bakaja aho twita i Manamba muri Tanzaniya. Turakwiye kubandanya uwo mugenzo watumye abenegihugu bamenyana, bakunga ubumwe biciye kuco umwe umwe ashoboye.Erega abanya afrika dusangiye ubuntu bwa afirika, nico gituma atawari akwiye kuva hanze ya Afrika ngo aduteranye kuko turi abavukanyi.
  • Tugomba kandi kuzokwereka abanyamitahe bo hanze ko bayizanye iwacu, bazokwunguka natwe tukunguka, na kare iminwe iryoha inyuranye kandi akaryoshe kaguranwa akandi. Twebwe Imana yaraduhaye umutahe w’itunga kama, nabo bafise imitahe y’amafaranga.

Tubiri rero tuvurana ubupfu; ubugirigiri nabwo bugira babiri. Dushize hamwe iyo mitahe ibiri, twunguka twese. Abanyamitahe bo muyandi makungu rero turabahaye ikaze i Burundi.

  • Twipfuza ko Uburundi kiba Igihugu abantu bo kwisi yose boza kwiberamwo kuko, aha iwacu, ntaco Imana itaduhaye gihimbara umwana w’umuntu. Uburundi buriteguye kubagirira neza, ivyo umwana w’umuntu ashoboye.
  • Uko dushaka ko abanyamahanga bamererwa neza i wacu, niko twipfuza ko abarundi nabo bamererwa neza iwabo. Ntitwipfuza ko hari umurundi yoba mu mahanga ari impunzi; umengo ntagira ubwenegihugu. Nico gituma dusaba ko abarundi bose botahuka, uwajanywe no gupagasa nawe aze aronswe vya ngombwa areke kwitera iceyi no gutera iceyi igihugu camwibarutse.
  • Ni nkuko dusaba abarundi bari mu bihugu vyo hanze kugira indero runtu. Uwo vyankiye nawe ni atahe iwabo kuko igito gitabwa iwabo hako atukisha Uburundi.
  • Tuzobandanya duhamagarira abarundi bari mu mahanga kugira uruhara mu guhesha izina Uburundi mu makungu no mu gutegura no gushira mu ngiro imigambi iteza imbere Uburundi.Dusavye kandi n’ibihugu ko bitohirahira ngo bisubire gutuma canke guha impigi abarundi bataye ibanga ngo bakore imigambi yo gusambura Uburundi.

Ni bame bibukako iyo bwuguruje ku mubanyi iwawe buba bukeye kandi ko ubonye inzu y’umubanyi ihiye ntuzimye iyawe iruhira gufatwa.

Abafise iyo ngendo nabo, abarundi bari hagufi yabo barababwira ko hari umwibutsa w’ikirundi uvuga uti: Ubonye inkuba irabije ntugire ngo mara abansi, n’umukunzi barajana. Ibihugu bibanyi tubisaba kuba abazimyamuriro koko kuko umugabo umumwera ubwanwa bwaca akakumwera ubundi.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  • Mu Burundi, ubu Reta iritaho gutegura kazoza k’urunganwe rw’ubu na kazoza kuko niryo terambere rirama kandi ridakumira. Ni co catumye Reta yitaho kugabanya impfu mu bana no gukomeza inyigisho mu mashure kugirango abana b’Uburundi bose bashobore kuja ku ntebe y’ishure. Ivyo vyabonekeye mu ngingo zafashwe zo kworohereza abakenyezi bibungenze n’abana bari musi y’imyaka itanu ngo bavurwe ku buntu, no kwigisha abana mu mashure nshingiro ku buntu.

Izo ngingo twarabonye ko zaramiye imiryango myinshi ari co gituma tugiye kuzozibandanyaahubwo turabe n’izindi zishoboka kugirango dutegure kazoza k’abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza.

Tuzonagura kandi amashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi kugira ngo abakukuruka babone ko bafise kazoza keza. Abakukuruke bagiye kuvuzwa ku buntu bateko baronke n’umushahara ungana canke wegereje uwo bahora baronka bakiri ku kazi. Tuzokingira twongere duhagararire abakozi muri rusangi, na cane cane bato bato imbere y’amategeko haba aha mu gihugu canke mu mahanga kuko twasanze ari igisata c’abenegihugu badakingiwe mu kazi kabo ka misi yose.

  • Kubona abarundi barakanuye, bagahaguruka bakiyubakira inyubako rusangi, ibibuga n’amasóko vya Kijambere, amasomero, amavuriro, ibitaro, amazi meza, uburaro bw’ingenzi, Ibiro vy’Indongozi n’ibindi vyinshi ni intambwe ikomeye idashobora gusubira inyuma.Tuzobibandanya

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  • Muri iki gihe twafatiwe ingingo z’agahatoro n’ibihugu vya buraya, twebwe abarundi twabibonye nk’inkebuzo ko hari hagezeko twimenya. Tubamenyesheje ko twigishijwe tukamenya, ubu twarakanuye. Bwabaye ubwa mbere mu mateka y’Igihugu, dukoresheje abahinga b’Abarundi, twitunganiriza Umugambi w’Igihugu w’imyaka 10 (PND 2018-2027), ari nawo ukomokako imigambi yose y’Iterambere tugiye gushira mu ngiro.  Uwo mugambi nico gitabu c’Inzira tubona ko abipfuza gusahiriza Uburundi bategerezwa kwisunga kuko ni imigambi yavuye mu biganiro vy’abarundi bose.
  • Twarahigiye kumenya gutunganya itunga rusangi. Ikigo OBR gifashanije n’abajejwe Intwaro n’Abajejwe Umutekano carongerereje umwimbu uko umwaka utashe, bituma Igihugu cacucibako uyu musi ku bice hafi 90% ku mahera Rata ikoresha ku mwaka mu gihe mu mwaka w’ 2005 twatoranya igihugu kironka ibice 45% gusa, amakungu akadufashisha ibice birenga 50%.Uwo mwimbu waratumye Reta isahiriza amakomine n’abenegihugu bahurikiye mu makoperative yashinzwe ku mitumba yose y’Uburundi mu kuronswa ingurane y’Imiriyoni cumi ku mutumba wose; tutibagiye kuronswa umwavu w’ikizungu ku giciro kitavuna.
  • Mu gisata c’iterambere nyene, Abarundi barayamaze bati « Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo« . Amahoro ntiyosasagara mu gihe Abantu barara batubitse umukanda. Ni co gituma muri uwo mugambi w’iterambere Reta yateguye imigambi yo kugwiza umwimbu mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi. Ivyo bisata tugiye kuvyitaho bimwe biboneka. Ubu turipfuza ko umwimbu w’uburimyi utoba gusa uwo gufungura, ahubwo turimire kuronka umusesekara wo gushora kugirango turonke amahera yo kwikenura mu bindi. Amatongo ya Reta yari yicaye agiye kurangurirwamwo imigambi ya Reta n’ibikorwa vy’amakoperative y’abenegihugu kugirango ivyatsi bitari kirumara tubihindure ngirakamaro.

Ni mu ntumbero yo guha agaciro isi, tugiye kuyikingira no gukingira amasoko y’amazi mu kubandanya gutera ibiti vyaba ivy’ivyamwa  canke ibikingira amazi n’isi muri wa mugambi EWE BURUNDI URAMBAYE.

  • Mu mugambi wo kugwiza umwimbu si uburimyi gusa, turategekanya imigambi yose ituma turamirwa n’itunga kama Imana yaduhaye.Ni muri iyo ntumbero tugiye gutunganya umugambi wo gukoresha ubutare n’agataka dufise mukubihingura.

Kugwiza amahinguriro ahingura itunga kama n’umwimbu w’uburimyi n’ubworozi, bizotuma abarundi batari bake baronka akazi, na bo nyene bashobore kwikenura mu vyo bakeneye.

Ni co gituma Reta igiye gushigikira bimwe biboneka igisata c’ubushakashatsi, kugira ngo abahinga b’abarundi, abikorera ivyabo canke abigisha ba za kaminuza, bashobore kuronka bishasha twofatirako mw’iterambere ry’igihugu.

  • Reta ico igiye kwibandako ni ugushigikira abagwizatunga baba abarundi canke abanyamahanga bifuza kuzana imitahe yabo mu gihugu cacu.

Abo bose bari mugikorwa co kugwiza umwimbu n’akazi bazofatwa nk’uko bariko bakorera igihugu, baronke agateka n’icishimikizo ca Reta kuko kare wamengo batamba birorera.

  • Ni muri uwo mugambi wokworohereza abagwizamwimbu- bagwizatunga Reta iriko ishiraho ibisabwa vyose kugirango igikorwa cabo corohe. Hariko harubakwa ingomero z’umuyagankuba ndetse tukaba twarategekanije no kugwiza umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba. Muri iyo ntumbero hakaba hategekanijwe ingomero z’umuyagankuba indwi,zizotuma atawushaka kugira ihinguriro ngo azindwe n’umuyagankuba.
  • Tugiye kandi kwitaho kwubaka amabarabara kugirango abagwizamwimbu boroherwe mu gihe bariko barashora umwimbu haba hagati mu gihugu canke baja mu mahanga.
  • Guteza imbere ibisata vyo kugwiza umwimbu kandi ntibisaba ibikoresho gusa. Bisaba n’ababikoresha. Ni co gituma Reta ifise umwitwarariko wo guteza imbere ubuzima bw’abantu, haba mukubaha ubumenyi bukwiye, kwitaho amagara yabo, gutunganya neza akazi ndetse no gutegekaniriza kazoza abakozi.

Ivyo ni ibisata bigiye kwitabwaho bimwe biboneka. Ejo aho bukera duhurire twese ku kivi, dukora umutima uri munda.

  • Turazi ko abarundi batari bake batagira uburaro cane cane abakozi bimuka bakaja gukorera muyindi mihingo. Kugira dukwigwe twese n’uburaro, Retayarashizeho ikigo OBUHA kugirango gitunganye uburaro bukwiye kandi ku giciro kitavuna, Reta ikaba izofasha kugirango n’abadafise amikoro manini baronswe izo nzu bakaza barariha amahera makemake gushika zibegukire.
  • Mu bijanye n’inyigisho, ubuhinga n’ubumenyi, Reta igiye guhinyanyura neza poritike ijanye n’inyigisho kugirango urwaruka gwige rubona iyo ruja, rwongera rwitegurira umwuga ruzorangura ruhejeje amashure. Twubake amashure meshi na cane cane ay’ubuhinga kugira turamure urwaruka rushoboye kandi rweze ku mutima.
  • Mugisata c’amagara y’abantu ni ngombwa ko abenegihugu bose boroherezwa mukuronka aho bavurirwa, abaganga n’imiti. Tugiye kuvyitaho kuva ku mutumba gushika ku rwego gw’igihugu, ikomine yose ishobore kuronka ibitaro.

Turipfuza ko twokwama tugavye mu gukinga ingwara n’ibindi biza kugirango ntibisinzikaze amagara y’abagifise inkomezi zo gukorera igihugu.

Muri iyo ntumbero nyene, mu gihe amakungu yose abangamiwe n’ikiza ca korona virusi, tubanze gushimira Imana ko gushika ubu atabantu benshi barafatwa nico kiza kandi tugashima ko n’abafashwe, benshi bamaze gukira. Twagomba gusaba dushimitse abarundi bose gufata ingamba zose zishoboka kugira ntihagire uwusubira kwandukirwa.

Ivyo navyo tuzobishobora umwe wese agize uruhara, akubahiriza impanuro duhabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, uwufashwe nawe twomusaba kubimenyesha abaganga bamwegereye acumva ibimenyetso vyambere avurwe hakiri kare.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  • Turasubiriye gukengurukira abarundi isinzi, abari mu migambwe n’abatayirimwo bo  bahisemwo neza bagafata ingingo yo gushigikira imigabo n’imigambi yashizwe imbere n’Umugambwe CNDD-FDD dusanzwe dukomokamwo.
  • Kanatsinda iyo migabo n’imigambi ni iyabo kuko ikomoka mu kuja inama n’ingingo vyabaye hagati y’Abarundi ubwabo, ari navyo vyadushikanye ku nteguro y’Ibwirizwa shingiro twiyemereje mu mwaka w’ 2018, no ku mugambi w’iterambere ry’Uburundi wo kuva mu 2018 gushika mu 2027 ari nawo tugiye kubandanya twisunga muri kino kiringo dutanguye uyu musi.

Aha rero muca mutegera ko tutaje kumena umushike ariko ko tugiye kwubakira ku Mushinge  Imboneza yacu, Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero twabuze tutanse yubakiye Uburundi n’abarundi.

Tuje kandi no kwubakira kuvyipfuzo vyanyu kuko ni mwebwe mwabishikirije none mwaraye mubigaragaje mukuvyitorera bihiganishije n’iyindi migambi yari yazanywe n’iyindi migambwe.

  • Twipfuza guteza imbere Uburundi gushika ku rugero rw’Ibihugu vyerekeza kw’iterambere rirama kandi ridakumira ubutagisubira inyuma.

Duhiriwe duhishije, mu mahoro n’umutekano ntangere, bene umurango babona, twaraye twinaguye muri demokarasi; iyo nayo ikaba ari yo mushinge w’iryo terambere twipfuriza Uburundi n’abarundi kandi tudakekeranya ko tuzorishikira vuba.

Ubumwe n’urunani mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu ni yo nkoni tuzokwishimikiza n’impamba yacu muri urwo rugendo. Zina murundi wese asabwe gutanga intererano yiwe.

  • Nagira menyeshe ko n’abo twahiganwa hariho ivyiyumviro vyabo vyiza nafashe nka nkama. Ejo nkazobahamagara ngo bampanure ingene tuzobishira mu ngiro, barangamburukira kuko nabo barakeneye ko uburundi buja mu bihugu bikize.Ntimukekeranye, TURI KUMWE TWESE, BIRASHOBOKA.

Icari caratwishe murakizi mwese, twarakize.

Burundi! Oyeee!!!!

  • Turi kumwe twese rero, tugiye guhangana bimwe biboneka n’ibibazo bikuru bikuru bihanze abarundi muri rusangi, dushira inguvu nyinshi ku bihanze imigwi imwe imwe y’abenegihugu na cane cane abarimyiurwaruka, abakenyezi, abageze mu za bukuru, abagendana ubumuga, abakozi ba Reta bakukuruka, abahungutse n’ababa mu bibanza bahungiyemwo mu gihugu hagati, igihe igihugu cari kikiri mu magume.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi

  • Imigambi dufitiye Uburundi n’Abarundi ni myinshi. Ntitwoyidondagura ngo tuyimare mu mwanya nk’uyu. Ariko rero, twagomba tubemerere ko ataco tuzokwisigariza mu kurondera ko umurundi wese atunga akongera agatunganirwa mu gihugu c’Uburundi.
  • Twashaka dusubire guhamagarira abarundi kwirinda ico cose coza kidutandukanya, yaba amacakubiri y’amoko, intara, imigambwe, amadini canke ibindi ivyo ari vyo vyose vyoza bidutesha iragi twarazwe na basokuru bo bamye na ntaryo batwigisha ko «  Abarundi turi bene MugaboUmwe » ; kanatsinda, Igihugu cacu c’Uburundi ni Impetso ya Twese.
  •  Muze twese tuje hamwe, tugire urunani rw’intamenwa, twirinde kwambikana ibara, kuremekana inteba ishushe, kurengeranira akarimbi ; twame na ntaryo twibuka ko Uburundi budukeneye twese mu budasa bwacu, tugendere umutima w’urukundo, ntihagire uwunezerwa ngo ni uko uwundi ababaye.

Tugire urunani rw’intamenwa, twihe iteka mu kwiteza imbere , ni naho tuzoba tugendeye mu makanda ya Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero, Rwagasore na Ndadayebo berekanye kobarazwa ishinga n’Uburundi butekanye, bwikukiye vyukuri, Uburundi bwigaba bukigaburira.

  • Ntitworangiza tudakengurukiye Abarundi bose bitavye amatora ku rugero rushimishije mbere mu Burundi tutari bwigere dushikako. Ivyo vyerekana ko demokarasi yashinze imizi mu gihugu cacu. Baragahora gutyo kuko indongozi yizigiwe niyo bafise ico bayibaza.

Iyo ntambwe ni nayo nzira yo kurwanya intwaro z’ivyaduka, zimwe za ryogora duhure zigeze kuba mu gihugu cacu, aho umwenegihugu ataco yabazwa mu bijanye n’ico yipfuza ko Reta yomukorera.

  • Turakengurukiye cane kandi abanyeporitike kuko bagumye baganira mu kiringo cose integuro y’amatora yamaze, kuva mu gushinga amategeko agenga amatora, mu kwiyemeza ingendo ibereye umunyaporitike mu kiringo c’amatora, umwumvikano wabaranze mu gushiraho abagize umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora mbere n’inyifato nziza cane berekanye mu kwiyamamaza, mu matora, no mu kwakira ivyayavuyemwo, aho bemeye gushira aho intahe ishize. Iyo ni yo ngendo ya demokarasi nkuko Abarundi bamaze kuyumva kandi bayishaka.
  •  Turakengurukiye kandi abagize umugwi CENI bitanze batiziganya bagatunganya neza amatora, abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abapolisi n’abasirikare, uruhara rwabo rwabaye ntangere kugira amatora agende neza.
  • Turakengurukiye, abamenyeshamakuru ku gikorwa ciza cabahesheje iteka mu kumenyesha ku mwanya ku mwanya ingene amatora ariko aragenda, ivyo vyatumye ata kangonongono kahaba ku kungene amatora yagenze.
  • Nashaka kandi nkengurukire abadukeje kur’iyi nstinzi, Abakuru b’Ibihugu canke Ama Reta, Abarundi n’abanyamahanga ku giti cabo, abikorera ivyabo, abahurikiye mu mashirahamwe y’iterambrere, abari mu nzego za Reta bose, abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu, eka uwo wese yanezerejwe nuko Uburundi buteye iyindi ntambwe ya demokarasi.Ko mwaduteye intege muri aya mabanga mwadutoreye, tubasavye ko bodushigikiza ibikorwa kugira iyi nstinzi igaragarire mw’iterambere ry’igihugu cacu.
  • Turashimiye mwebwe mwese mwitavye ibirori vy’uyu musi na cane cane abavukanyi bavuye mu mihingo ya kure.
  • Uwahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya Nyenicubahiro Jakaya Mrisho KIKWETE n’abo bagendanye,
  • Icegera c’Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Nyakubahwa Samia Suluhu Hassan.
  • ca Misiri ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi Riyetena Jenerari SEDKI SOBHY SAYED SAYED AHMED n’abo bagendanye,
  • Umushikirangaji ajejwe imigenderanire mu gihugu ca Congo Brazaville Jean Claude Gakosso,….Abaserukira ibihugu vy’abo n’amashirahamwe mpuzamakungu.
  • Nagira nkengurukire abenegihugu bo muriyi ntara nziza ya Gitega batwakiriye baragahora gutyo kandi nagira nongere ndabakeze yuko Imana yabateye iteka kabiri Abanyagitega mwaragabiwe umurwa mukuru wa polike mbere novuga rero nti uno musi nuko dusanzwe turi mu kigandaro wari umusi ntibagirwa kuko ndashobora kwemeza ko uno musi ariho umurwa mukuru wa politike watiwe. Umurwa mukuru wa Gitega uratiwe kuko muhatiriye umukuru w’Igihugu havugira vya muzinga 21 none hari ukwatirwa kuruta uko ? Nagira rero ndabahe impanuro ko kuva ubu mubaye bigenderwa ubu Gitega ntikiri rwanyu gusa, ubu hazohurira bose kuko niho bagira baze gukorera mube rero abenegihugu bazi kwakira, bazi gufasha abashitsi mubakire neza kugira ngo ntibaze bahatere akagere. Hanyuma mugume musaba Imana igumize ikiganza cayo ku ntara ya Gitega kugira ngo bose baze babone ko ari intara yo kubamwo koko, intara nyabagendwa. Utugeso tubi tubi mwoba mwari mufise uno musi murare muduhejeje kuko kuva ubu mugiye kuba igisagara c’abarundi bose ntimukiri igisagara ca Gitega gusa.
  • Nagira nshimire abarundi bose muribi bihe turimwo ingene bigumije mpereye ku ndongozi nkuru nkuru kuko muravye ibihe vyadushikiye muriki gihe iyo indongozi nkuru nkuru zitahabera abagabo hari naho abantu bari gutangura kuryana bavuga bati umukuru ni inde ? None rero nagira nkengurukire abarundi mwese mpereye ku ndongozi z’Uburundi zozo zagumye zifatanye mu nda zikongera zikaguma ziremesha.
  • Kubitwerekeye dusubiye kwemanga imbere ya mwebwe mwese; Abarundi ko iyi ntsinzi atari iy’umugambwe CNDD-FDD gusa, ni intsinzi ya Demokarasi mu Burundi, intsinzi y’Abarundi bose, ata n’umwe avuyemwo, uwadutoye canke uwutadutoye. Muri iki kiringo tugiye kurongora igihugu, « nta Nyagupfa, nta Nyagukira ». Ni muze mwese tuje hamwe dusangire ikivi n’ikigega, dukore twiyumvira igihe cose ko Uburundi ari ingovyi ya twese.

« Turi kumwe twese Birashoboka ».    

Ni hahangame Uburundi n’Abarundi, ni Hahangame demokarasi mu Burundi, Imana Mushobora vyose ihezagire Uburundi n’Abarundi.

Murakoze.

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
25 + 12 =