RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ijambo Rishikirijwe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye mu kwipfuriza Abarundi umwaka mushasha wa 2021

Barundi Benewacu,

Bakunzi b’Uburundi;

1. Muri iki kiringo turiko turasozera umwaka w’2020 twinjira mu mwaka mushasha w’2021, tubanze dukengurukire cane Imana Mushoboravyose yo yatugiye imbere muri vyose, tukarangura ibikorwa vy’iterambere turi mu mahoro, umutekano n’impore.

2. Umusi nk’uyu ni umusi wo gukengurukira Imana yatuzigamye mu mwaka wose, kanatsinda nk’uko tuvyivugira mu Kirundi, burya, “Uwumaze umwaka aba aramvye”.

Reka rero tubanze twipfurize umwaka mwiza w’2021 Abarundi bose, baba ababa mu Burundi canke mu mahanga n’abanyamahanga baba mu gihugu cacu.

Barundi benecacu,

Bakunzi b’Uburundi;

3. Uyu mwaka turiko turasozera waranzwemwo ibintu vyinshi: wabayemwo ibihe vy’umwizero n’ibihe vy’amageragezwa. Munkundire rero mbanze nkeze Abarundi mwese ko mwifashe rugabo uko vyaba bimeze kwose.

4. Twarakoze amatora kuva ku nzego zo hejuru gushika ku mitumba, kandi mwarerekanye ko Abarundi mumaze kumira akabuye k’abagabo, ko mutagikeneye abanyamahanga babatamika ijambo.

Ubu vyaribonekeje ko kazoza k’Uburundi kari mu minwe ya benebwo.

5. Inzego z’igihugu zaragiyeho kandi zaramaze kurama; Abarundi bose baragiye ku kivi kugira tugire urunani rwo kugwanya ubukene.

Turanezerejwe n’uko n’impunzi zitari zifise umwizero, ubu zamaze kubona ko ibintu vyagiye mu buryo zikaba ziriko zirataha ku bwinshi.

Duhimbaje umwaka mushasha rero duhimbawe ko amahoro n’umutekano vyiganje mu gihugu cose. Bikaba biboneka ko igihugu camaze kwiha iteka mu makungu.

6. Turongeye kandi kubashimira ko mwigumije igihe twabura kizigenza wacu, imboneza mu gukunda no gukundisha igihugu.

Ntivyari ibisanzwe kubona igihugu kimara imisi cumi kitagira kizigenza ariko kikaguma gitekanye.

Ivyo bikaba vyerekana ko twebwe Abarundi twamaze kunyurwa n’ingendo yo gukomeza ubumwe n’amahoro mu gihugu cacu.  

7. Mu guhimbaza uyu umwaka mushasha, twisunga iki civugo: “Mu rugamba rwo kurwanya ubukene: Tugire urunani, ubwira n’ubukerebutsi”.

Iki ni co civugo kizotumurikira mu vyo tugiye kurangura muri uyu mwaka mushasha kandi tuzohemuka ari uko dutsinze ubukene n’inzara.

Barundi benewacu,

Bakunzi b’Uburundi;

8. Igihe twashikiriza imigambi Reta-mvyeyi, Reta-nkozi igiye kurangura, twarabamenyesheje imigambi itandatu iza imbere y’iyindi. Iyo na yo akaba ari iyi ikurikira:

9. Ubwa mbere: intwaro ibereye.

Intwaro ibereye ni ryo soko ry’ubutungane, amahoro n’iterambere mu gihugu.

Urugamba rwo gutsimbataza intwaro ibereye rushingiye ku kwitwararika na ntaryo ubuzima bw’abenegihugu.

Ingingo ziraba intwaro ibereye zisaba indongozi kwifata nka senaka mu muryango.

Bisaba kandi ko itunga rusangi ribungabungwa, ndetse rigakora ku neza y’abenegihugu; akaba ari co gituma tudahengeshanya guhimiriza ko ingendo ya kera yo

gusesagura itunga rusangi, kurya ibiturire no kunyonora ivy’abenegihugu twobirandurana n’imizi hano mu Burundi.

Dukeneye ko itunga rusangi ritubera umutahe w’iterambere ry’ubuzima bw’abenegihugu bose.

Ni co gituma intumbero yacu ari ugusabikaniriza intara zose itunga ry’igihugu, haba mu gutanga akazi, gutanga amasoko canke kwubaka inyubako rusangi.

Intwaro ibereye igira umuziro ugukumira umuntu uwo ari we wese, bifatiye ku gitsina, uko umuntu yaremwe, canke uko ubuzima bwiwe bwifashe.

Ni ukuvuga nk’abagendana ubumuga canke abageze mu za bukuru, abana, abakenyezi n’urwaruka nta n’umwe ashobora gukumirwa mw’iterambere no mu buzima bwa misi yose.

Ni co gituma dusaba Abarundi bose, baba abari mu mashirahamwe y’abenegihugu, baba abamenyeshamakuru canke abamenyeshamana, dutegerezwa twese hamwe kuba magiriranire.

Nsavye nshimitse ko ayo mashirahamwe yomenya ihangiro n’intumbero yihaye kandi akabigendera, akamenya ko atajejwe kunegura gusa, ahubwo ko igikuru ari ugufasha

gutora inyishu ku bibazo vy’abenegihugu, gutyo igihugu kikaba urunani rwa bose.

Intwaro ibereye kandi igira umwitwarariko ku kigega ca Reta. Icungera umuhora w’amahera yinjira ikongera igacungera ko akora ico yagenewe.

Ni mu ntumbero yo gukurikirana itangwa ry’amakori ku bidandazwa, twatanguje urugamba rwo kugwanya urudandaza rwa magendo canke rwo mu binywabi.

Turashima ko abarundi batari bake bamaze kubitahura, aho hari ibidandazwa bitari bike vyafashwe, ababikoze na bo bagahanwa hisunzwe amategeko.

Tukaba kandi dushimishwa n’uko indongozi zitari nke zamaze gufata ingingo zo kwiyamiriza igiturire n’abagitanga.

10. Umugambi ugira kabiri waraba Amagara y’abantu, cane cane kugwanya ikiza karanda Korona Virusi.

Twarahagurukiye ico kiza muri rya sekeza “Ndakira, sinandura kandi sinandukiza”.

Iruhande yo gupima abantu bose babishaka, abarwaye bararonkejwe imiti ku buntu, inyigisho ziratangwa ubu mbere ico kiza kirashobora kuvurirwa aho canduriwe hose.

Ibikorwa vyo gukinga no kurwanya izindi ngwara bizoguma bibandanya kuko na zo nyene zitavuwe kare zisinzikaza  

amagara y’abantu benshi, bigatuma bataja ku kivi kugira ngo biteze imbere bateze imbere n’igihugu.

11. Ubwa gatatu wari umugambi wo gukomeza uburimyi n’Ubworozi, cane cane kwijukira kurima mu ci tuvomera.

Turahimbawe no kubona umwimbu uriko uriyongera bishimishije, inzara ikaba iriko irasezererwa mu gihugu cacu.

Uwu mwaka rero utanguye, ni umuco w’iyindi ntambwe mw’iterambere ry’uburimyi.

Mw’ihangiro ryayo ryo kugwanya ubukene, Reta-mvyeyi, Reta-nkozi yashize mbere kubanzakugwanya inzara, umuntu wese akaronkaico afungura. Ndetse nta n’ahandi  amafaranga yo kwikenura mu vyo tudafiseazova atari aho nyene.

Turahimbawe ko, mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo, Reta yashoboye gutanga ifumbire itari nke n’ishwagara yo kunagura isi kandi bitangwa ku gihe.

Ubu harashinzwe imirima y’akarorero ifise uburinganire bw’ihegitari ibihumbi bibiri n’amajana abiri na mirongo indwi na zitatu (2.273 ha) birimwamwo ibiterwa vyimbuka cane.

Mw’iterambere ry’uburimyi ntitwibagiye n’ibiterwa njabukamazi kuko nko ku cayi, amatoni yababa ibihumbi icumi  

ni yo yagurishijwe hanze, icagurishijwe mu gihugu na co ni hafi amatoni amajana indwi.

Ku bijanye n’ikawa na ho, amatoni yababa ibihumbi icenda yarashowe hanze.

Turipfuza ko mu myaka ikurikira tuzogwiza ivyimburwa vyo mu burimyi dushora hanze kugira twinjize mu gihugu amahera mvamakungu atuma natwe dusumira hanze ivyo tutihingurira ngaha iwacu.

Mu bijanye n’ubworozi, intumbero dufise ni iyo kubona tugwiza ibitungwa kugirango ubwambere abenegihugu bafungure neza, hanyuma turonke umusesekara w’inyama, amata n’amagi dushorera hanze, ndetse dushobore no kugira amahinguriro y’ibiva mu bitungwa.

Ni muri iyo ntumero uyu mwaka hatanzwe, biciye mu runani rw’abasangiye urugendo mw’iterambere inka za kijambere 2.028, Impene 34.224, ingurube 14.094, inkoko 11.160 n’inkwavu 4.250.

Barundi benewacu,

Bakunzi b’Uburundi;

12. Ntawovuga iterambere ry’uburimyi yasize inyuma ibidukikije.

Ni co gituma Reta yashize inguvu zikomeye mu bijanye n’ibidukikije.

Muri iyo ntumbero, twarakomeje wa mugambi “EWE BURUNDI URAMBAYE” mu gutera ibiti no kugwiza amatuta.  

Iyo mivyaro igizwe ahanini n’ibiti vyo mw’ishamba, ibibana neza n’ibiterwa, ibiti-kama, imigano n’ivyamwa.

Uwo mugambi turawukomeyeko kuko utuma dukingira amasoko y’amazi ndetse n’ayakamye tukayagarukana.

Ni co gituma mu vyo twakoze hakingiwe amasoko y’amazi atari make, harakingiwe kandi inzuzi n’ibiyaga Tanganyika na Cohoha hakoreshejwe canecane ibiti vy’imigano.

13. Umugambi ugira kane twaciye twihutira ni uwo gushira ku kivi urwaruka, ngo na bo basohore amaboko mw’iterambere.

Reta mvyeyi, Reta-nkozi irarajwe ishinga na kazoza keza k’urwaruka, kandi izokora ibishoboka vyose kugira rushobore kumenya kwitegurira kazoza keza.

Ni muri iyo ntumbero hatunganijwe umwiherero w’urwaruka rwize amashure ya Kaminuza, kuko ari rwo yogi ry’abazobera urumuri abandi mw’iterambere bakongera bakaba intwazangabo mu rugamba rwo kurwanya ubukene.

Uwo mwiherero wari ushingiye ahanini ku gukangura urwaruka, kugira rukoreshe neza umutahe Reta yashize mu migambi yabo, yaba ibicishije mu ngurane bazohabwa na ya Banki y’iterambere ry’urwaruka, canke umugambi mushasha Reta yashinze wo kugwiza akazi mu rwaruka.  

Muri uwo mugambi, Reta ikaba yashizemwo amahera angana n’imiriyaridi 48, ubu tukaba turiko turarondera abahinga muri urwo rwaruka nyene bawurongora, kuko twaratahuye ko ataco twokorera urwaruka tutarushizemwo.

Ubu rero tukaba twahereye ku kuraba ingene twonagura urwo rwaruka mu kubakarihiriza ubwenge mu bijanye n’ubuhinga, Ishure ribijejwe rikaba ririko rirubakwa mu ntara ya Karusi.

Indinganizo twihaye akaba ari ukuzobandanya dutega amatwi ico urwaruka rugona, tugikorereko, turutere intege kugira rushobore kwitegurira amahinguriro yarwo.

14. Ubwa gatanu: mu vyihutirwa Reta yashize imbere harimwo ukwitaho abakukurutse kuko na bo kugira barinde basaza hariho ico bamariye igihugu.

Kira noneho umuntu ashitse mu zabukuru ni uwo kubungabunga kuko kugira dushike mu bigero ni uko nabo bataturiye imvanda.

Muri uwo mugambi icaciye cihutirwa kwabaye kubavuza ku buntu ku bakukurutse ari abanywanyi ba Mutuelle, Isandugu rijejwe kuvuza abakozi ba Reta. Ku bandi ivyigwa biriko birakorwa.

Ku bijanye n’agahembo na ho, ubu ya mashirahamwe ajejwe gutegekaniriza kazoza abakozi ariko arakora ivyigwa bafashanije n’ubushikiranganji bubijejwe.  

15. Ica gatandatu kwari ugutahukana impunzi no gutunganiriza abateshejwe izabo.

Turashimishwa no kubona impunzi ziriko ziratahuka ku bwinshi, zaba izahunze imirwi ihungabanya umutekano, zaba izahunze intwaro z’igikenye.

Ico twiyemeje nka Reta mvyeyi ni uko abana b’igihugu bategerezwa kuciyumvamwo.

Ni co gituma twiyemeje kandi gukomeza umutekano, gukomeza umwumvikano hagati y’abanyeporitike, kugira Umurundi wese areme, n’uwahunze agire umwizero hanyuma ahunguke.

Barundi benewacu,

Bakunzi b’Uburundi;

16. Nta buzima bushoboka mu gihugu amahoro n’umutekano bitaramye.

Ni co gituma umwitwarariko nyamukuru wa Reta ari ugusasagaza amahoro n’umutekano kuri bose na hose.

Muri uyu mwaka dusozereye, Umutekano waranzwe mu gihugu cose, bituma harangurwa ibikorwa vyinshi mu gihugu.

Ubu ivyo tuvuga ni uguca ku mayange kuko ido n’ido muzoyishikirizwa n’abashikiranganji umwe wese mu gisata ajejwe, nk’uko vyama bigenda uko umwaka utashe.  

17. Mu gisata c’umutekano, haranguwe vyinshi. Ni ivyo mwibonera, ahari umutekano ntihayoberana, kanatsinda, “Akuzuye ntikamurikwa”, kandi ahatagira umutekano ntihihisha, kuko atawuhisha umwotsi inzu iriko irasha.

18. Ubwa mbere, Reta ibwirizwa gukingira imbibe z’igihugu kugira ngo ntihagire uwuvogera Uburundi ava hanze y’igihugu.

Mu misi iheze twarabonye ko imigenderanire n’ibihugu bimwe bimwe ndetse n’amakungu yari yaratosekaye kubera agatima ko kwiganza kw’ibihugu bimwe bimwe.

Ivyo vyatumye haba imigwi y’iterabwoba yahabwa impigi n’ukwo gutosekara kw’imigenderanire; ariko uyu musi hakaba hibonekeza akarusho.

Ni na co kiduha ingoga zo kuguma twitanga mu gufasha ibindi bihugu kugarukana amahoro canecane mukaba muzi ko dukorera ibikora inka abenegihugu bo muri Somaliya n’igihugu ca Afrika yo hagati.

Mu gihugu hagati, Reta irakora ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire Umurundi arara rubunda, ntihagire abamurara ku mugono canke ngo bamutsinde ku vyiwe.

Turababazwa no kubona hakiriho Abarundi bagihohoterwa n’Abarundi benewabo. Akaba ari co gituma twiyemeje

gutsimbataza urunani rw’abajejwe umutekano n’abenegihugu kugira ntihagire inkozi y’ikibi iduca mu ryahumye.

Mu bijanye no gukinga no kurwanya ibiza n’isibe, twarabonye ko imiryango itari mike ibangamirwa canecane n’isidagurika ry’imisozi hamwe n’imyuzurira.

Ni co gituma tutokwama duteze ico ibihe bitwereka, tuguma dufata ingingo zo gukingira isi no gukingira inzuzi tubicishije muri wa mugambi “EWE BURUNDI URAMBAYE”.

Ariko rero si ivyo gusa, turiko turaca imikobeko twongera duhimiriza canecane abanyagisagara ndetse n’abandi ko twoza turiga kwimba ibinogo mu mihana yacu amazi y’imvura yoshikiramwo, gutyo amazi akanyengetera mw’isi atarinze guca mu mivo ituma inzuzi zuzura ikibiriraho, imyonga igatwarwa.

19. Mu gisata c’imigenderanire,

Reta irabandanya gukomeza imigenderanire myiza n’ibindi bihugu be n’amashirahamwe mpuzamakungu mu ntumbero yo kugira ico tumariraniye mu kubaho no mu gutera imbere.

Murazi ko agafuni kabagara ubumwe ari akarenge, ingendo twagize zaratumye dutosora ahari agahaze bigatuma mbere Uburundi bufatwa nk’ibindi bihugu birangwamwo amahoro n’umutekano.  

Ivyo na vyo ni vyo bituma abagwizatunga n’ingenzi bazana imitahe yabo mu Burundi; gutyo bagasahiriza mw’iterambere ry’igihugu.

20. Mu gisata c’Ubutunzi.

Kubera ubukerebutsi n’ubwira mu bikorwa vy’abagwizatunga, amahera yinjira mu kigega c’igihugu yariyongereye, kuko amatagisi n’amakori ashika mu kigega ca Reta ari menshi.

Ivyo tubikesha abatozakori n’abatangakori bagenda batera intambwe mu kurangura neza ivyo bajejwe.

Uyu mwaka ikigo OBR kikaba cinjije hafi Imiriyaridi Igihumbi n’amajana atandatu n’imwe mu gihe mu mwaka uheze hari hatojwe Imiriyaridi 990. Ni ukuvuga ko hiyongereye Imiriyaridi 71, ni ukuvuga ibice 7%.

Ivyo vyashobotse kandi kubera urudandazwa rwo mu binywabi rwarwanijwe cane, abanyonora amatungo ya Reta, abarya ibiturire n’ababitanga bagiye bahindura ingendo uko bukeye uko bwije.

Kubera ivyo Reta yarashoboye gukwiza amafaranga ikoresha ku mwaka ku rugero rungana na 90%.

Bikaba biboneka ko hamwe twotera intambwe twoshika aho Reta irangura ibikorwa vyayo itarinze gufata umwenda mu mabanki.

21. Mu gisata c’ubutungane.

Reta yarihaye ihangiro ko hoba ubutungane bwigenga koko, bushaka ineza ya bose kandi bujanye n’ivyo abenegihugu bakeneye, harimwo n’iterambere.

Ubutungane ni bwo soko ry’umwumvikano mu gihugu, ni bwo bukingira agateka ka zina muntu.

Intumbero ya mbere muri ico gisata ni ukugwanya kudahana no guhagarara kugira amategeko akurikizwe mu gihugu kandi yubahirizwe.

Ubutungane kandi bugwanya akarenganyo, na kare uwuca urubanza rw’abavukana ararangamiza. Nta n’umwe arekuriwe kugendera ku bandi canke ngo hakore itegeko kuri ba ntege nke gusa.

Ni muri iyo ntumbero, kugira dukomeze ubutungane kuva hasi no kugwanya akarenganyo, Reta yateguye amabwirizwa abiri, rimwe rishinga intahe yo kumugina, irindi rishinga Inama nkuru y’ubutungane kugira igendure ko ata manza za ngondagonde zicibwa.

Ubutungane butegerezwa no kwubahiriza n’uwagirwa n’icaha kugira na we aronke umutima w’ukwisubirako.

Ni co gituma naho Reta ihana, iguma ari umuvyeyi.

Amabohero si ayo kuboha ni ayo gukosora, gukingira uwakoze ikibi ntibamwihore no kwereka abenegihugu bose ko uwurenze umurongo ategerezwa guhanwa, gutyo ubutungane  

bugakangira kugira abenegihugu bamenye ikizira, bacirinde. Aha rero umunyororo aguma ari umuntu, si igitabwa.

22. Kiretse ivyo biraba ubutungane bwamaho, mu ntumbero yo kugarukana umwizero mu Barundi no gukomeza urukundo hagati y’abonse rimwe n’ubu turacashingiye kuri bwa butungane bunywanisha, kugira dukure inzigo n’inzikira ku bahuye n’ububisha bwashikiye Uburundi muri kahise.

Turashima intambwe uwo mugambi w’ubutungane bunywanisha igezeko n’ubwitonzi umugwi ubijejwe ukoresha mu kwerekana abahuye n’ivyo vyago, gusaba igishingantahe ku bikekwa ko ari bo babikoze mu buntu.

Biha umwizero kuri bose kuko biboneka ko Reta ibikurikirana mu buvyeyi ndetse igasubiza mu vyabo abari barabinyazwe ata ruhagarara canke inzigo igiyemwo.

Uno musi biraboneka neza ko Abarundi bari mu nzira nziza yo gusubiza hamwe no kurekuriranira. Ivyo bikabonekera ku kugene bariko baritunganiriza isozerwa rya kahise kabi kadushikiye ata ndyane irimwo.

23. Mu bijanye n’iterambere,

Turashimikira cane mu guha ubushobozi abantu bose kugira bashobore kurangura imigambi y’iterambere. Ivyo bigaca mu guteza imbere amagara yabo, kubaha ubuhinga bwo gukora

biciye mu nyigisho ndetse bakanakingirwa mu buzima bwabo iyo bari ku mirimo.

Muri iyo ntumbero, mu gisata c’indero, Reta iriko irita ku rutare kugira intambamyi zose zibuza abana b’Uburundi kwiga neza ziranduranwe n’imizi. Aha twovuga nk’amasomero adakwiye, ubukene bw’intebe n’ibindi bikoresho nyunganiranyigisho, tudasize inyuma n’ubukene bw’abigisha babinonosoye.

24. Mu gukingira abakozi n’akazi,

Mu ntumbero yo kuronderera ineza abakozi bose, harasubiwemwo itegeko ribagenga, rizofasha gutegura neza imigambi yo guteza imbere akazi.

Haratunganijwe rusansuma rw’abakozi ba Reta no mu mashirahamwe yegamiye Reta, kugira hamenyekane igitigiri cabo n’ingene bokoreshwa neza, ntihagire abarya imitsi abandi.

25. Mu bijanye n’amagara y’abantu,

Umwitwarariko uza imbere ya vyose ni ukugwanya ikiza Korona Virusi.

Nta muntu n’umwe atazi ko aho cicaye ata gikorwa na kimwe c’iterambere gisubira gukorwa. Ni vyo, twarakigwanije aha iwacu mugabo kiguma gihonya inganda mu bindi bihugu ni co gituma n’ubu tuguma duhimiriza kugendera za ngingo ngo  

NDAKIRA kugira ntutinye kwipimisha wumvise ibimenyetso, kuko uwuyigwaye arakira mu gihe yivuje ningoga, SINANDURA KANDI SINANDUKIZA kugira wikingire mu kuguma witwararika gukaraba no kudakoranako.

Ubwa kabiri ni umwitwarariko wa Reta wo gutunganya neza igisata c’amagara y’abantu, duhereye ku mitumba gushika ku makonine. Ubu mbere tukaba twaratanguye kwubaka ibitaro mu makomine abikeneye kurusha ahandi.

26. Mu bijanye n’iterambere nyene,

Reta irahimiriza abagwizatunga gutangura gushira imitahe yabo mu bintu bigwiza umwimbu, kugira ngo ntihabe gusa kubika ivyimburwa mu buryo bwiza, ahubwo turonke ibintu biryohoye bishobora kugurishwa hanze y’igihugu, dushobore natwe kwinjiza amahera mvamakungu twokoresha mu kugura ivyo tutihingurira.

Ni muri iyo ntumberero tubahimiriza guhingura n’ibitari ibiribwa bifitiye akamaro abenegihugu nk’ibiva mu butare n’agataka canke mw’itunga kama Imana yaturemeye.

Turashimiye abagwizatunga bamaze kwumva ako kamo bagatangura guhingura ivyo twahora tugurira mu makungu. Abo bagwizatunga baragiriye akamaro abenegihugu mu gutanga akazi no kugura ivyo bakeneye batavunitse.

Ivyo duhimiriza Abarundi bokora si bike, igikuru ni uko bomenya ko ata murundi yokwicara mu gihugu ataco ariko arakora.  

27. Ku ruhande rwayo Reta ntaco itazokora kugira ngo yorohereze abenegihugu mu migambi yabo, kandi abagiye ku kivi baramaze kubibona.

Ni muri iyo ntumbero Reta izoguma mu migambi yayo ishimikira ku nyubako rusangi, nk’amashure, amavuriro, amabarabara, ingomero z’umuyagankuba n’ibindi bituma abagwiza umwimbu boroherwa mu bikorwa vyabo.

Abakozi abo ari bo bose, baba abanyamyuga, abanyatugenegene, abakinyi n’abanonotsi, abo bose Reta itegerezwa kubafata mu mugongo kugira ngo ivyo bakora boroherwe mu kubivyaza umusaruro.

Barundi benewacu,

Bakunzi b’Uburundi;

28. Ariko rero naho Reta yiyemeje gushigikira ibikorwa vyanyu cane cane mwebwe abanyamwete, twashaka n’abandi barundi tubashikirize impanuro zimwe zimwe.

29. Ubwa mbere: Umwe wese niyisuzume, arabe ico yamaze mu mwaka turangije. Mbega warungutse canke warahomvye? Wagumye hahandi nk’intosho? Wasubiye inyuma nk’ibirenge canke wateye imbere nk’umuzinga?

Niwihe inyishu uno musi, vyanse ejo ubandanye urondera gushika uyironse, uce ufata ingingo uzogenderako muri uyu

mwaka dutanguye. “Ikivi ni ica kare”, kandi, “ubuja gusha buratagata”.

30. Ubwa kabiri: Ntaho twokwishikana igihugu tutagikunda. Twigire twese inama ko tugiye guhagararira umutekano w’igihugu ata n’umwe avuyemwo; Tuvavanure n’agatima ko guhishira inkozi z’ikibi, abasuma, abakora urudandazwa rwa magendo, abatanga n’abarya ibiturire, abasesagura amatungo rusangi.

Nk’uko tumaze kubishikiriza Abarundi n’amakungu, abarya imitsi abandi mu kunyuruza amatungo rusangi, no mu guca intege abatangakori n’abandi barundi bakunda igihugu babasaba ibiturire, eka n’ababitanga, abo bose ubutungane burababona, kandi dusavye ko bwobavira hasi ata kinya.

31. Hambavu y’ivyo, mumenye ko ata n’aho twoshika kandi tutarwanije ubunebwe, ngo dufungure ivyo dukoreye twongere twibungabunge mu kugwanya ubuhumbu n’ibiyayuramutwe.

32. Ubwa gatatu : Kugira dutere imbere twese, nituremeshe twese urugamba rwo kurwanya ubukene, tugire ubwira n’ubukerebutsi, kandi turi kumwe twese birashoboka, nk’uko icivugo tuzogenderako muri uwu mwaka kibivuga: « Mu rugamba rwo kurwanya ubukene: Tube abanyamwete, tugire urunani, ubwira n’ubukerebutsi”.

Kugira tubishikeko, nitumenye gukoresha neza umwanya w’inyuma y’akazi, umwanya wo mu mpera z’indwi n’akaruhuko ko ku mwaka, dutegure ikizotubeshaho neza muri kazoza, na canecane tumaze gukukuruka.

Nitwisuganye rero bigishoboka, agafashanyo Reta itanga kaze kaze gafasha ku ntambwe tuzoba tugezeko.

Na kare, “Akabando ko mu busaza ugaca ukibasha”.

33. Ubwa kane: Baca umwibutsa ngo: “Ntawigira kubumba ku ntango”, “Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi”, kandi ngo “izo zibika zari amagi”.

Tumenyere kuziganya no muri duke dufise, twongere kumenya gukoresha ingurane kuko na yo iravyara umusaruro.

Mu guheraheza, nagomba kubamenyesha ko kuri twebwe iterambere rikomeye kandi rirama ari irikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako. Ni ukuvuga ko mw’iterambere ata n’umwe asigara inyuma mu bikorwa.

Nta gihugu cateye imbere abenegihugu bicaye, tumenye ko iminwa ikwiye kurya ari iyabirondeye. Nta gihugu cateye imbere abantu barondera impembo ariko ata mwimbu bagwijije.

Nsavye rero canecane urwaruka rwo rukibasha ndetse n’abandi benegihugu bose, nidukoreshe ubwenge Imana yaduhaye, twibwirize kwikorera imigambi no kwironderera

akazi, kandi twitabe umugambi w’igihugu wo gukorera mu mashirahamwe no mu makoperative.

Nsavye kandi Abagwizatunga kubabandanya bagwiza imigambi yunguka, bagwize amahinguriro ahingura ivyo twirimira, ibiva mw’itunga-kama dufise nk’ubutare, amazi y’inzuzi n’ibiyaga, amazi y’imvura, akayaga keza, Umugambi w’igihugu wo guteza imbere igisata c’Amahinguriro ubabere urumuri.

Ndahimirije kandi abakozi bahembwa n’ikigega c’abenegihugu ngo babe koko abakozi b’abenegihugu kugira bashimirwe bakoze.

Murumva rero ko muri uyu mwaka twamaze gutororokanya ivyotuma dukora mw’iterambere.

Hasigaye ko tuja ku kivi bikaba ari vyo twiyemeje mu kubaja imbere.

Umukozi wa Reta ni we ajejwe ivyo kuko ni vyo ahemberwa. Uwuzoca ku ruhande, ntiyorohereze umwenegihugu agiye guhanwa.

Uwuzokwicara ntakore na we, arahitamwo kuja ku ruhande ata wurahamushira.

Uwu mwaka utanguye, nta kwicara. Hariho imvugo igiye gusezererwa: Ngo akazi k’ibwami kica uwicaye, ngo ni ivya Reta, ngo umugabo ni uwurya ivyiwe n’ivyabandi, ngo impene irisha aho iziritse, canke ngo “Reta iguhenda ko iguhemba ukayihenda ko uyikorera”.

Ni co gituma uyu mwaka Reta-mvyeyi, Reta-nkozi izobandanya inzira yatanguye yo kunagura ibisata vya Reta, kugira na vyo nyene bigwize umwimbu, twongere dutere intege abikorera ivyabo kugira ivyo bakora bihurumbirwe mu gihugu no mu makungu, kandi bahingure ivyo twiyimburira ngaha mu Burundi.

34. Reta kandi izobandanya yumviriza ivyiyumviro vya bose biteza imbere igihugu, na canecane biri mu migambi Reta yashize imbere muri wa Mugambi mukuru w’Igihugu w’Iterambere w’imyaka cumi.

35. Ntizodebukirwa ku mugambi wo gukomeza amahoro n’umutekano, kunywanisha Abarundi no gukomeza imigenderanire myiza n’ibindi bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu.

36. Muhimbaze rero uwu musi mukuru mudasesagura, kuko, “Inda uyibarira uco wayirarije ntuyibarira ico wayihaye”, muwuhimbaze kandi mucungera umutekano w’aho mubaye,

kuko mu bihe nk’ibi inkozi z’ikibi zama zagerageje kuduca mu ryahumye.

37. Imbere yo gusozera, turamenyesheje ko bamwe mu banyororo baciriwe imanza bagiye kugirirwa ikigongwe, abandi batezurirwe. Bizokorwa hisunzwe icegeranyo c’umurwi uriko uratohoza ibijanye n’amabohero n’ubuzima bw’abanyororo.

38. Dusozereye dusubirakubipfuriza mweseumwaka mwiza w’2021, uze ubabere umwaka  w’urugamba rwo kurwanya no gutsinda inzara n’ubukene;

Muwuhimbaze mubandanya muri mu kanyamuneza ka Noweri,kandi muze muwuronkemwo ivyiza vyose mwipfuza n’ivyo mwipfuriza igihugu cacu, muzirikana iki civugo  c’uno mwaka:

« Mu rugamba rwo kurwanya ubukene: Tube abanyamwete, Tugire urunani, ubwira n’ubukerebutsi”.

Hanyuma niwahera tuze turabe umunyamwete w’ukuri.

Imana Mushoboravyose ibahezagire,

Umusi mukuru mwiza mwese.

Murakoze.

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
14 − 12 =