RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ijambo Umukuru w’Igihugu ashikirije kuwa 31 Kigarama 2019 ( Discours à la Nation, le 31 Décembre 2019)

Barundi , Barundikazi , Bakunzib’Uburundi ;

1.Turasozereye umwaka w’2019,twinjiye mu mwaka mushasha w’2020.Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n’Abarundi muri uyu mwaka turangije, ikatuja imbere mu migambi ihimbaye y’iterambere twaranguye, nihabwe icubahiro kandi yiganze mu Burundi .

 

2.Turipfurije umwaka mushasha mwiza w’2020 Abarundi mwese aho muri hose, haba mu Burundi canke mu mahanga, tutibagiye abanyamahanga baba mu Burundi Uyumwaka uzobabere umwaka w’amahoro n’imigisha myinshi biva ku Mana,umwaka w’iterambere no gutsimbataza demokarasi ishingiye ku matora y’iteka.

3.Umwaka w’2020,ni umwaka udasanzwe mu buzima bw’igihugu c’Uburundi . Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi muNzego zitandukanye z’igihugu,mumatora tudakekeranya ko azoba meza cane,kandi y’intibagiranwa mu Mateka y’Uburundi .

4.Turararitse Abarundi bose bakwije ibisabwa n’amategeko kuyitaba ata wusigaye inyuma, dutore nk’abitorera nk’uko Icivugo c’uyu mwaka mushasha kibishimangira kiti :“Twitorere indongozi n’imigambi nyayo, niryo terambere tunyotewe ridukomokako rikongera rikatugarukako” .

5.Dusozereye umwaka w’2019 twishira tukizana, mu mahoro, umutekano n’impore,kandi twawuranguyemwo ibikorwa vyinshi vy’iterambere mu bisata bitandukanye.

6.Turahojeje imiryango yabuze abayo kubera Ibiza n’isibe vyateye mu mpera z’uwumwaka urangiye, na cane  cane mu makomine ya Mugina na Ntahangwa. Ntitwokwirengagiza gushimira abenegihugu babandanya kugaragaza umutima wo gushigikirana no gutabarana wamye uranga Abarundi .

Barundi , Barundikazi , Bakunzib’Uburundi ;

7.Impera z’umwaka ni igihe co kwirimbura no gufata ingingo zibereye,zidufasha gutera imbere mu mwaka twinjiyemwo.Turashima ivyaranguwe na Reta, ivyaranguwe n’abenegihugu ku giti cabo; ivyaranguwe n’abagwizatunga, hamwe n’ivyaranguwe n’amashirahamwe yigenga. 8.Biragaragara ko Inyigisho zo kuzirikana igihugu zafashije abenegihugu gutegera akamaro ko kwitwararika cane umutekano,kugwiza umwimbu, kwijukira amakoperative ,gushika ku rwego rw’umutumba,kwitaho amagara yacu n’ibidukikije,no kurangura imigambi y’iterambere yisununuye; imigambi ishingiye kw’iyerekwa rya Seburundi ari ryo:“Iteka ry’Uburundi , n’abuzukuruza” . Abarundi barajijutse, baratahuye ko“Ak’imuhana kaza imvura ihise” ;kandi ko “ Amazi masabano atamara imvyiro” .

9.Ivyaranguwe mu mwaka w’2019 birashimishije.Vyinshi mwaravyiyumviye mu majambo tumaze imisi dushikiriza n’ibiganiro tumaze imisi turemesha. Icakoze ku mutima abantu benshi kwabaye ukwinjira icese IngoroNshasha y’Umukuru w’igihugu yitiriwe Umwami wa mbere w’Uburundi Ntare Rushatsi Cambarantama.

Reka tubacire ku mayange bike muri vyinshi vyaranguwe, ibisigaye muzobishikirizwa ido n’ido n’Abashikiranganji ,umwe wese mu bisata ajejwe.

10.Kuva kera na rindi , kw’isi yose,iterambere ryamye rishoboka ahari umutekano. Umutekano ni karahara mu ruganda ntibacura.Muri ico gisata, haranguwe vyinshi kugira umutekano ugume utsimbatara mu gihugucose.Harafashwe ibirwanisho vyinshi birimwo inkoho 91, ibisasu ntezwantoke 426 n’amasasu 7.000, harasamburwa n’ibindi birwanisho bikomakomeye8, hamwe n’ibisasu ntezwantoke380.

  1. 11. Imigwi y’abagizi ba nabi1.482 yarasambuwe,harafatw n’abiketswe ko ari inkozi z’ikibi3.704,amaritiro 324.463 y’inzoga zitemewe n’amategeko araseswa, harafatwa n’ibiyayuramutwe bitari bike harimwo n’urumogi .

12.Kubera ko Umutekano mu Burundi wifashe neza,tuzobandanya ibikorwa vyo gufasha kugarukana umutekano aho hose uzoba wahungabanye,tubisabwe n’ Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU canke Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Af irika UA.

13.Kugira tubishikeko,tuzobandanya kwitwarararika Inzego zijejwe kwivuna abansi no gucungera umutekano,zibe koko inzego zikwije,zikomeye,zifise ubushobozi bwo guhangana n’uwo wese yohirahira akazihangara, Inzego zirangwa n’ubwenge,ubumenyi , ubuhinga n’ubukerebutsi kandi zijanye n’ibihe.

Barundi , Barundikazi , Bakunzi b’Uburundi ;

14.Iruhande y’amahoro n’umutekano bituma Igihugu cacu kiba nyabagendwa kandi kigahurumbirwa n’amakungu,Ubutungane bwiza butunganiriza bose ni imwe mu nkingi z’Iteka n’Itekane vy’igihugu.Mu mwaka w’2019,imanza z’amatongo zaciwe zarashizwe mu ngiro zose,bituma umubano hagati y’abenegihugu uba mwiza.Hagati mu gihugu,ubutungane bwarabandanije guhagararira inyungu z’igihugu,imanza zishika 688 ziracibwa,amahera ashika imiriyaridi mirongo ine(40.000.000.000BIF)arinjira mu kigega ca Reta.

15.Hanze y’igihugu naho,muriS entare yo mu Muryango w’Ibihugu vyo muri Afirika y’Ubuseruko (EAC) ,Reta y’Uburundi yaratsinze urubanza rwemeza ko ukwitoza mukibanza c’Umukuruw’igihugu mu mwaka w’2015 kwakurikije amategeko,iremeza kandi ko ihagarikwa ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amwe amwe ata tegeko na rimwe ryahonyanzwe.

16.Mu gisata co kurwanya igiturire n’ayandi mabi agikomokako,Umugambiwa kabiri wo kurwanya igiturire n’ayandi mabi agikomokako uriko uraherahezwa, amadosiye 220 yarashikanywe muri Paraki nkuru ya Sentare irwanya igiturire, amahera arenga628.000.000 arinjira mu kigega c’igihugu.

17.Amahoro ntiyosasagara mu gihe Abantu borara batubitse umukanda.Nkako,  » Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo« .Nico gituma Reta yateguye imigambi yo kugwiza umwimbu kugira turwanye inzara.Muri iyo ntumbero, ihinguriro rishasha ry’intabire FOMI ririko rirakora bishimishije,rikaba ryahinguye amatoni arenga 54.000 y’intabire n’amatoni arenga 10.600 y’ishwagara.Reta ikaba yaraterereye kugira abenegihugu baronke intabire ku giciro kitavuna.

18.Mu bijanye n’ubworozi naho haratanzwe inka za kijambere 3.800,impene 38.376,ingurube15.428,inkoko zirenga 80.000,n’ibindi .Igisata co kworora amafi kikaba naco nyene carateye imbere.

19.Mu bijanye n’ibiterwa njabukamazi , himbuwe amatoni 10.803 y’icayi , ayashika 10.366 aragurishwa amadorari 22.457.469.Himbuwe kandi amatoni19.187 y’ikawa, hashorwamwo amatoni18.332 kumadolari 47.433.656.Iki gisata kikaba kiriko kiranagurwa kugira umwimbu n’amahera mpuzamakungu vyiyongere kandi abarimyi b’ico giterwa baronke akarusho kisununuye ku mwimbu baba baronse kandi batarinze gutama. 20.Ikindi co gushima ni uko Reta yakomōje amatongo ashikana hegitari4.500 yari yihagiwe n’abantu n’amashirahamwe,ubu akaba agiye kurangurirwamwo imigambi yaReta n’ibikorwa vy’amakoperative y’abenegihugu.

21.Mu gisata c’ibidukikije, imivyaro y’ibiti n’ iy’ivyamwa irenga 52.000.000 yaratewe muri wa mugambi w’igihugu « EweBurundiUrambaye » .Umusi wa kane wo mundwi ukaba wahariwe ibikorwa vyo gukingira ibidukikije mu gihugu cose.

22.Mu gisata c’inkino n’akaranga, Uburundi bwaraserukiwe mu nkino mpuzamakungu zitandukanye. Bwabaye ubwambere Intambamu Rugamba zironka amahirwe yo guserukira Uburundi mu nkino za nyuma zo guhiganirwa Igikombec’IbihuguvyaAfi rika mu mupira w’amaguru.Umugwi w’Igihugu w’abasiganwa mu mazi waratahukanye  imidari12 harimwo imidari 4 y’inzahabu.Eka n’imigwi ya Judo na Karate yaratahukanye imidari n’ibibanza vy’iteka mu nkino mpuzakarere no mu nkino mpuzamakungu. Uburundi bwararungitse n’imigwi ndangakaranga mu mahiganwa Mpuzakarere nayo nyene irashimisha abaje kuyirorera.

23.Kugira abenegihugu boroherwe mukurangura imigambi yabo,haratangujwe ibikorwa vyo kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi za Jiji , Mulembwe na Ruzibazi .Ibikorwa vyo kwubaka ingomero z’umuyagankuba za Mpanda, Kaburantwa,Ruzibazi na Kirasa;hamwe n’ingomero z’umuyagankuba mpuzakarere za Rusumo na Ruzizi ya gatatu,cokimwe n’Umuyagankuba ukomoka ku zuba, ku Mubuga bizobandanya.

24.Umuyagankuba dusanganywe warakwiragijwe mu micungararo y’igisagara ca Bujumbura nko mu Kiyange,Tenga,Gatunguru,Maramvya,Buterere,Kajaga na Gihanga.Umuyagankuba uzogenda wongerezwa no hagati mu gihugu, kugira ufashe abarangura ibikorwa bisaba umuyagankuba.

  1. 25. I gisata c’ubutare n’agataka carateye intambwe ishimishije cane.Umwimbu wiyongereye ku bice32%.Nkako,mu gihe ico gisata cari cinjije amadorari y’ Abanyamerika yababa imiriyoni 59 mu mwakaw’2018,mu mwaka w’2019 cinjije amadorari y’Abanyamerika yababa imiriyoni 78.

26.Iyindi nkuru nziza muri ico gisata ni uko Ubutare bwa Coltan n’ubutare buyiherekeza bwo muri Komine Marangara buzotangura kwimbwa mu mwaka buca dutangura,mu gihe ibikorwa vyo kumenya urugero rw’ubutare bubarizwa kuri Waga,Nyabikere na Mukanda bizosozerwa mumwa kabuca dutangura.

27.Igisata kijejwe amakori n’amatagisi kibandanya gitera imbere nk’umuzinga. Mu mwaka w’2019, ikigo OBR cariciteze gutororokanya amahera yababa imiriyaridi 808.Ayo mahera yararenze kure n’iyo, kuko hatororokanijwe ayarenga imiriyaridi990.Tugereranijen’umwimbu wo mumwaka w’2018,uno mwaka habonetse akarusho kababa imiriyaridi 153;ni ukuvuga hafi ibice20% vyiyongereye.

28.Turashimiye Imana y’Uburundi yama iduha ibirengeye ivyo twayisavye,kandi turakeje abarongoye ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi , tutibagiye abakozi baco ku mwete n’ubwira badahengeshanya kugaragaza.

29.Mu gisata c’amagara y’abantu,harubatswe ibitaro vya Reta vya Musenyi , Gatumba na Giko,amavuriro 69,amavuriro yubatswe mu bikorwa rusangi 37, ibitaro vy’abigenga n’amashirahamwe y’abigenga icenda.

30.Harasanuwe ibitaro vy’akarere ka Kiganda,ibitaro vy’I Gitega n’amavuriro matomato11.Haruguru wekandi ihinguriro rizokora imiti y’ubwoko bushika 100,amahera mpuzamakungu yahora agura imiti hanze akazoca agabanuka, n’igiciro c’imiti ikorewe ngaha kikazogabanuka.

31.Twariteguriye guhangana n’ingwara z’ibiza n’ayandi masibe nka Ebola, haratangwa n’imisegetera ishika hafi 7.000.000 hongera haratanguzwa umugambi w’ubushakashatsi w’igiterwa ca Cather gishobora gufasha gukinga imibu. Abaremeshakiyago7.307bahurikiye mu mashirahamwe bararonse ibikoresho vyo kwigisha, haratangwa n’amapikipi290.

32.Mu bijanye n’indero,harabaye utwigoro twinshi two kugarukira indero n’inyigisho mw’ihangiro ryo kunagura indero kavukire ishingiye ku mico kama y’abarundi ,inyigisho z’akanovera kandi zijanye n’ibihe.Ico gikorwa ciza kirabandanya. Dusavye Abarundibose, ababa mu Burundi no hanze y’igihugu kugira rwabo ibibazo vy’indero n’inyigisho.

33.Muri ico gisata nyene,abana barenga 67.000 bo mu mashure 69 yo mu ntara za Muyinga na Kirundo baragaburiwe kugira ntibacire hagati amashure kubera inzara.Abigishabashika 2.800 nabo bararonse akazi .

34.Mu ntumbero yoguteza imbere igisata c’inyigisho za Kaminuza,umugambi wa Reta wo gukwiragiza mu gihugu hagati ibigo vya Kaminuza y’igihugu hisunzwe akaranga k’intara uriko urashirwa mu ngiro.

35.Mu bijanye n’akazi , umugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara ugeze ku rugero rushimishije,haratangwa n’akazi ku bigisha n’ abavūzi .

36.Mu bijanye n’ibikorwa vya Reta,ibikorwa vyo kwubaka no gusiga kaburimbo amabarabara makuru makuru n’amabarabara yo hagati mu gihugu vyarabandanije,ayo mu bisagara bimwe bimwe na yo arashirwamwo amabuye.

Barundi , Barundikazi , Bakunzib’Uburundi   ;

37.Muri uyu mwaka dutanguye,ivyo twimirije kurangura ni vyinshi :

  • Mu ntango z’uno mwaka, abarimyi n’aborozi bahora batama mu kuronswa ingurane bagiye kwiruhutsa.Ibanki y’Uburimyi n’Ubworozi igiye gutangura ibikorwa,kandi Reta izoba iyifisemwo umutahe mu ntumbero yo guhagararira inyungu z’abenegihugu.Akarusho kazanywe n’iyo banki ,n’inyungu zitavuna ku basaba ingurane ugereranije n’ayandi ma banki .Akandi karusho ni uko iyo banki itazosaba ingwati abarimyi n’aborozi nk’uko ayandi ma banki asanzwe abikora.Turakeje abagwizatunga bayiyumviriye,twongera dutera akamo abandi bagwizatunga ngo bahurumbire kurusha igisata c’uburimyi n’ubworozi wo mushinge w’iterambere.
  • Tuzobandanya inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu mu ntara zisigaye n’ibisata bitandukanye.
  • Mu kwezi kwa Rusama Tuzokwitorera indongozi zacu;
  • Tuzobandanya kwubaka ingomero z’umuyagankuba;
  • Tuzonagura igisata c’ikawa,icayi n’ibindi biterwa njabukamazi ;
  • Tuzobandanya guhangana n’ihindagurika ry’ibihe mu gutera ibiti vyinshi mu gihugu cose no ku nkengera z’ibiyaga n’inzuzi muri wa mugambi »Ewe BurundiUrambaye« ;
  • Tuzoshigikira amakoperative yo ku mitumba yose y’igihugu;
  • Tuzobandanyakwigishaurwarukakurwanyaubunebwenogukingiraimico kamayacu;
  • Tuzorwanya twivuye inyuma urudandazwa rwo mu binywabi n’ingeso mbi y’igiturire no gusesagura itunga rusangi ;
  • Tuzocungera kurusha imbibe z’Uburundi twongere dukomeze imigenderanire no gufashanya.
  • Tuzobandanya kwifatanya n’amakungu mu kurwanya imigwi y’iterabwoba.
  • Tuzoshinga n’ibanki y’abakenyezi .
  • N’ibindi , n’ ibindi…

Barundi , Barundikazi , Bakunzib’Uburundi ;

38.Imbere yo gusozera,ngizi impanuro twipfuza ko mwogira impamba mu mwaka w’2020:

Ubwa mbere: Twige kwitegurira imigambi y’iterambere no kumenya gusuzuma aho tugejeje ibikorwa,tukamenya ko tugenda dutera imbere,ko tutava aho turi canke dusubira inyuma,tukamenya n’intambamyi yavyo kandi tukazikura mu nzira.

Ubwa kabiri : Twame twitwararika kutarera amaboko,tumenye na ntaryo ko iterambere ritizana ariko rironderwa,kandi ko dutegerezwa kurya ivyo twabiriye akuya,ata kurya imitsi abandi .

Ubwa gatatu: Twime amatwi abakwiragiza ibihuha,amarementanya; twame dutandukanya icatsi n’ururo,kuko mu gihe c’amatora havugwa vyinshi bishobora guhahamura abafise imitima ihuha.

Ubwa kane :Twirinde ugukumirana gufatiye cane cane ku migambwe,kandi abakuru b’imigambwe,abajejwe intwaro,abajejwe umutekano n’abajejwe ubutungane bagaragaze ubuhizi n’ubutungane muri uru rugendo turimwo rwo gutsimbataza demokarasi .

Ubwa gatanu :Twirinde gusesagura itunga ry’igihugu,twitwaza ko tutazi ico tuzoba inyuma y’amatora,twame twibuka ko amatungo y’igihugu Atari icibare cacu, ko ari nyabuna umurima w’isangi .

Ubwa  gatandatu: Abarongoye imigambwe batsimbataze discipline mu banywanyi babo, imigambwe ihiganwe idahiga kandi idahezanyayo, abanywanyi bayo bamenye ko bose ar iAbarundi basangiye ugupfa n’ugukira, basangiye impetso imwe ari bwo Burundi bwacu.

Ubw’indwi : Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’amashengero bigishe abantu babo akamaro k’amatora meza kandi ko umuntu wese atora ico ashatse ata gahato.

Ubw’umunani : Kudasesagura ubutunzi bw’imiryango yacu no gucungera umutekano w’ahotubaye,cane cane muri iyi misi mikuru isozera umwaka.

Ubw’icenda : Twame twibuka kandi tuzirikana ko ico tuzoba canke uko tuzovugwa muri kazoza bizova kuco tumariye abandi uyu musi .

Ubw’icumi :Twiteho kuruta indero y’urwaruka kuko izija guhona zihera mu ruhongore.

Ubw’icumi na rimwe: Urwaruka turusaba kutajana nyabahururu,rwirinde kugenza itima,rugishe inama abarukurira na kare “ Ishami rishashaye gushurika ryubaha imizi ” .

Ubw’icumi na kabiri : Amahoro ni kamwe gahara mu ruganda ntibacure, umurundi wese ategerezwa kuyateramira aho ari hose,kuko mu gihe tugezemwo dukeneye amahoro mazima Atari amahorerane.

Ubw’icumi na gatatu: Zina Murundi wese ategerezwa kuzirikana na ntaryo iyerekwa rya Ntare Rushatsi ariwe Seburundi ,akarigira inzira n’impamba muri vyose na hose.Bisigura ko Abarundi dutegerezwa kugwanira Iteka ry’Uburundi n’abuzukuruza bacu, kandi tugashira imbere Imana mu migambi n’ imigabo yacu yose.

Barundi , Barundikazi , Bakunzi b’Uburundi   ;

39.Ikituraje ishinga uno musi , ni uko twese twokwumva ko tugize igihugu kimwe, ko turi bene mugabumwe, ko dusangiye ugupfa n’ugukira,maze abana bacu bagakurira mu Burundi bwiza,butekanye,buteye imbere;bagakurira mu gihugu kirimwo umwizero wokubaho,igihugu cubashwe kandi c’akaroruhore.

40.Hasigaye igihe gitongo tuje mu matora.Umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI uri ku kivi , wama udushikiriza ingene ibikorwa biriko biragenda, kandi turashima ko bigenda neza.Murazi ko ari mwebwe nyene mwunganiye Reta mu kwegeranya uburyo bukenewe,kandi n’abahinga bo kuyategura bava muri mwebwe.Nimwitegurire rero kuyitaba muri benshi kandi mutekanye.

Barundi , Barundikazi , Bakunzib’Uburundi   ;

  1. 41. Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro,iteka n’itekane mu gihugu,twisunze Ingingo y’114 y’Ibwirizwa Shingiro,turagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa,abagendana ubumuga bugaragara,abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe. Ikigongwe kuri abo bose tudondaguye cisunga uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

42.Mu gusozera,Turasubiye kuremesha Abarundi n’amakungu ko amatora azogenda neza cane gusumba ayo tumaze gutunganya yose,Imana Mushoboravyose niyo Cabona.

43.Tukaba turangije dusubira kubipfuriza mwese umwaka mwiza w’2020,uze ubabere umwaka w’amata n’ubuki mu banyu no mu vyanyu,umwaka ubarutira muri vyose na hose imyaka yose mumaze kubaho.

  • Imanai hezagire Uburundi n’Abarundi .
  • Imana ihe umugisha Uburundi n’Abarundi .
  • Imana izigame Uburundi n’Abarundi .
  • Imana imurikishirize Inyonga zayo Uburundi  n’Abarundi .
  • Imana igirire neza Uburundi n’Abarundi .
  • Imana irabe ryiza Uburundi n’Abarundi .
  • Amahoro y’Imana abe mu Burundi no mu Barundi .
  • Izina ry’Imana Mushoboravyose ryame mu Burundi no mu Barundi .
  • Imana Mushoboravyose isambure imigabo n’imigambi mibi yose y’umwansi w’Uburundi n’Abarundi aho yoturuka hose.
  • Tubipfurije Umwaka muhire, umwaka w’amata n’ubuki .

 

                                                  Murakoze!

admin

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
4 × 18 =