RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Deniza Nkurunziza: Perezida Petero Nkurunziza yadusigiye iragi rikomeye ryo gusenga dukora twongera dukora dusenga hamwe no gukunda no gukundisha igihugu

Ikiganiro kiramvuye na Beninye Magendero

Mu gihe turi mu ndwi yahariwe kwibuka intwari Petero Nkurunziza yitavye Imana kw’igenekerzo rya 8 Ruheshi 2020, Radiyo mboneshakure Buntu, mu biganiro bitandukanye yabateguriye bijanye n’ino ndwi, yaragendeye umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Deniza Nkurunziza. Uwo munyacubahiro avuga ko Perezida Petero Nkurunziza yari umuntu atuje, avuga make, hageze kandi akavuga ibitumbereye, atanga ivyiyumviro mbere yadusigiye iragi rikomeye ryo gukunda no gukundisha igihugu bene co.

Beninye Magendero: Mbega umuhisi Petero Nkurunziza mwamenyanye gute? Ryari ?

 Deniza Nkurunziza: Twamenyanye ndangije umwaka w’icenda hanyuma nawe yiga kaminuza. Twamenyanye duhuriye mu nama z’abanyeshure zo mu ma komine kubera twari dusangiye komine. Hanyuma arambona je sinamenya ko yanshimye nabimenye ndabibwiwe ko yanshimye. Hakaba rero hari umwigeme w’umugenzi twiga kw’ishure rimwe i Busiga ariko we yarakuze gato kunsumba niwe yakunda no guha amakuru mama wanje ni nawe nabaza akantu kose. Urabona nawe uvuye hariya mu rutoke usanga bigoye n’ubwo je nasa n’umusirimu.

Uwo mukobwa rero niwe nabaza utuntu twose kuko je nari nashitse kw’ishure ntevye bivanye n’uko bari bihenze gato kw’izina ryanje muri orientation. Turi muri ya nama rero mbona yamwikebukanije ariko aramuganiriza aguma amubaza, kandi rero turi mu nama naguma mfashe kw’ijipo y’uwo mukobwa kubera nari mfise isoni hanyuma mugabo aramunyambura agenda kumukebukanya baguma baganira. Hanyuma dutashe mbona Nkurunziza aramperekeje tugenda turaganira turi babiri. Uwo musi mbere ni naho yaciye ambaza ko twotangura ubucuti buzorama atari ubwo gufyina. Ndabura ico nishura sinibuka ko navuze “ego” mugabo umengo naranumye kuko numva umengo simfise inyishu. Ni aho twamenyaniye. Ariko mu nyuma aca aza arabandanya arandondera ndatinda ndavuga ngo “EGO”.

Beninye Magendero: Kugira urinde uvuga “EGO” hari ikintu uba washimye ku muntu. Mbega mwari mwamushimye iki?

Deniza Nkurunziza: Jewe icambere namushimye yari umuntu atuje. Duhuriye no mu manama yaba ari umuntu atuje yamana igitabo, ntiyavugana n’abantu, yaba ariko arasoma igitabo imisi yose. Harya abantu bariko baratwenga bavuga amakuru we yaba afise igitabo ariko arasoma. Hanyuma turi mu nama ni umuntu yatanga ivyiyumviro vyiza akabaza ikibazo gikenewe hanyuma basavye ivyiyumviro misi yose nkumva atanga ivyiyumviro vyiza kandi nkabona baramukomeye amashi, ukabona ko ari umuntu azi ubwenge, atuje , ataguma ari mu bukurukuru yaguma asoma ibitabo. Ahanini ni ico rero nari namushimiye.

Beninye Magendero: None imbere y’uko mwubaka mwari mumaranye igihe kingana gute?

Deniza Nkurunziza: Twamaranye imyaka myinshi, itandatu. Kuva mpejeje umwaka w’icenda, ndiga n’umwaka w’icumi, ndiga n’imyaka ine inyuma y’umwaka w’icumi gushirako n’ uwundi mwaka umwe nakoze ica iba imyaka itandatu.

Beninye Magendero: Mbega muracibuka urubanza rw’ubugeni rwanyu? Rwari rumeze gute? Mwoducira ku mayange gatoyi?

Deniza Nkurunziza: Urubanza rw’ubugeni ntirwari ruryoshe. Rwari rubishe kuko hari mu magume yo mu 1994. Ntihari hameze neza kuko hari igihe waza wumva inkoho aha, hariya. Twebwe rero tuvuye muri état-civil dushitse ahantu tunywera ifanta bateye ikibombe kirwa mu mihana yari hepfo y’aho twari mugabo biravumbuka biragaruka bituvumbukirako, mu birahuri, twese twuzura ivu, umuntu wese aca afata inzira yiwe agenda. Ni uko rero vyagenze urumva ko rutari ruryoshe cane.

Beninye Magendero: Prezida Nkurunziza yaragiye mu migwi irwana, mbega ico gihe nk’umutambukanyi wiwe mwavyakiriye gute? Yarabasezeye? Vyagenze gute?

Deniza Nkurunziza: Mu kuja mu migwi igwana je ntiyansezeye. Je sinzi ko n’abandi bagiye boba barasezewe. Jewe ntiyansezeye, yagiye ambwira ko agiye kuramukanya mu misozi kuko twarakunda kujayo tugiye muri sport hakimeze neza hariyo imiryango rero twari tuzinanye. Iyo miryango rero ubucuti bwari bwabandanije mbere hari n’umwana bari baraduhaye yiga aha mu gisagara aba iwacu.

Rero ambwiye ko agiye kuramutsa abo bantu ubucuti bwari bwabandanije numva ari ibisanzwe. Amaze kugenda mbona umusi umwe uraheze, imisi ibiri, mbona indwi iraheze. Kubera we akazi kari kahagaze je ntashobora kuriha inzu je nyene nari nimukiye k’uwo tuvukana mbere ngira ni naco camuteye n’isoni kubera atamahera yo kuriha inzu twari dufise aca aranagenda. Hanyuma rero aho twari kwa mukuru wanje bakambaza bati :“mbega ari hehe?”. Nanje nti :”Je sinzi iyo ari, yambwiye ko agiye kuramukanya nta makuru nzi”. Mbonye indwi iheze, ndababara cane rwose numva ngize umutima mubi, nkibaza nti: “Je burya ntaco namukoreye noba ntibuka catumye umenga arampunze?” Ariko nkumva nta kiriho.

Muri ico gihe nari mfise imbanyi y’amezi ane, nkumva umengo antanye inda, nkumva nyene umengo angiriye nabi, ndababara numva nyene ndamwanse cane. Nkavuga nti: “Nomubona nimba nomurya amenyo, nimba vyogenda gute”, nkumva nyene sinzi ukuntu nzomugenza. Ariko rero haheze imisi ndabona abantu bavuye mu misozi baje mu gisagara ku kazi ndabaza umuntu  nti: “ Mbega ntawe wombonera?” Arambwira ati naramubonye ari kwa wa muntu umwe nyene w’incuti yari yambwiye ko agiye kuraba. Nca ndamubwira nti:“ Uze kuza ku mugoroba umpitanire agakete utashe”.

Nca ndamwandikira agakete k’ishavu ndamubaza nti : “Mbega habaye iki, nakugiriye iki catumye unta?”, ibintu nk’ivyo, nti: “ Ndakeneye kubimenya”. Hanyuma haheze imisi nawe aca aranyishura arungikana wa muntu nyene.

Ni ko kumbwira ati: “ Jewe burya sinagutaye ngo ni uko ndakwanse canke ni uko hari ico wankoreye, gusa hari ibibazo ntogusigurira mw’ikete kandi vya politike”. Nanje rero politike nari zero. Bica biguma uko ariko mu nyuma arongera aranyandikira ati :“Ubishoboye uzoduge tubiganireko turi kumwe niho wobitahura”. Hanyuma ndamubwira ko bigoye kudugayo, ariko uwundi musi narigoye ndagenda. Ndamubonye amaso mu yandi, icantangaje ishavu ryaciye rihera, yaciye anyitanga anzimana agacupa k’ikiyeri nanje nari nyotewe nari nkinywa inzoga.

Anzimanye ako kayeri ishavu ryose rica rirahera ntangura gutwenga, ivyo nari nzi vyose ngo ndamukarira ndamubaze, vyahereye aho twaciye tuguma dutwenga. Aca rero arambwira uko vyagenze, abimbwiye naciye ndabitahura kandi n’abantu yambwira bagenda bamutegera ahantu twaba naciye ndavyibuka kuko naguma ndahabona aba jeunes benshi, abimbwiye rero nca ndanavyibuka, ndamubabarira, ndamubaza nti: “None uzoza ryari?” Ambwira ati: “Umusi ntazi.” Ncandamubabarira nyene hama nca ndamanuka, ariko nkaguma niteze ko umwanya uwo ari wo wose ashobora kuza. Mbona umwaka umwe uraheze, ibiri, itatu , iratinda irashika k’umunani.

Beninye Magendero: None ico gihe yari mu migwi irwana imigenderanire yanyu yabandanije gute? Ntiwasubiye kumubona? Wasubiye kumubona atashe? Vyagenze gute? Canke mwari mufise ukundi mwayaga?

Deniza Nkurunziza: Muri ico gihe akiri muri iyo misozi ko nari nabonye aho ari, haaa, mu nyuma naraduga nkaja kumuraba, gusa hari hagoye kuduga mfise inda, wari umudugo udasanzwe. Naragenda kumuraba ariko hari igihe nashikayo bakaca batuvumbura nka harya ku kagoroba tugiye kuryama ukaza wumva ngo ngwaho baraje tukaca twiruka nanje ngo nagiye kuramukanya.  Naraza ndasimbirayo rimwe rimwe.

Beninye Magendero: Mu nyuma yahavuye atahuka ndetse aranaterwa n’iteka ryo kuba Umukuru w’igihugu, mbega aho ho ubwo buzima buhindutse uko, mwabaho gute? Mwavyakiriye gute? Vyagenze gute?

Deniza Nkurunziza: Vyambereye igitangaza, ariko muri iyo myaka umunani tutari kumwe ndashimira Imana ko ubuzima jewe bwari bugumye ariko kandi bwarahindutse mu buryo bw’impwemu. Muri iyo myaka tutari kumwe, nagize ibibazo vyinshi nari uwurira ku murango no mw’ijoro mfise agahinda kadasanzwe ntabona imbere n’inyuma imyaka ibiri ya mbere kuko yagiye mu 1995.

Nari umuntu ameze nabi, arushe mu mutima, arira vy’ukuri, adatwenga, duhuye wasanga najinyitse kubera ibibazo mfise. Muri iyo myaka ibiri nahatswe guturubura kubera hari igihe nagenda mw’ibarabara bagahakwa kungonga ndiko niyumvira. Aho hose mumutwe hariyo kazoza, burya ntihagire uwuzoguhenda, umuntu wese ariyumvira kuri kazoza. Mu nyuma nahavuye mvyara, ndibaza nti: “Mbe kazoza kazogenda gute n’aba bana?” Nzobarera gute? Nti :“None nyene ndapfakaye!!!”, nkumva nyene sindavyumva. Ndabaho nyene muri iyo myaka, hanyuma ndatinda ndahura n’Imana, emwe ndahura na Yesu, ndakizwa, ndamenya Imana vy’ukuri, ndamenya uko nkwiye kwisengera.

Hanyuma maze kumenya gusenga, ndabaho mu buzima bwo gusenga numva umutima uraruhutse. N’ubwo nari mfise ubukene ndi mu bibazo, narumva umutima uruhutse, burya ubukene nyamukuru ni mu mutima, burya urushe mu mutima n’uwoguha indege, n’uwoguha ivyo urya bikwiriye,…. Jewe maze kwumva mu mutima hameze neza, maze guhura na Yesu, ndamenya uko mpamagara Imana, vyagenze neza mu mutima numvise ndi amahoro. Mbaye amahoro, nta mahera nari mfise ariko nkumva ndanezerewe.

Umuntu twahuye muri iyo myaka yarabonye ko hari ubudasa n’iyo yindi myaka ibiri yari iheze. Nuko rero aza kuza ansanga ndi mushasha, ndi uwundi mugore nyene mushasha. Kandi kuba narakiriye Yesu vyaramfashije kubaho, kwigumya no kwirinda kuko ivyari kuntirimutsa n’abantu ntibari babuze kubera nari nkiri muto, yagiye ansiga mfise imyaka 25, urumva ko ntari nshaje cane n’abagabo batari kureka kumbona, mugabo Imana yarantabaye, imyaka ibiri nari mu gahinda nta mugabo yari kumvugisha kuko naguma ndira sinari uwutwenga ntawari kunturukira vy’ukuri.

 Inyuma y’iyo myaka ibiri naho nari uwutwenga mugabo ngatwengana Yesu, nkamenya uko mbaho, mbere nca ninjira muvyo gusenga, naba mu rusengero cane gusumba mbere no kuba muhira. Ni uko naciye mbaho. Agiye kuza rero, aza kuza asanga Imana isa n’iyabimbwiyeko gato. Abavugishwa baravugishwa nkandika ariko sinavyemera, erega nagiye kuvyemera bibaye. Mugabo umuvugishwa nemera, ni umuntu yaje ambwira ngo mu misi itari mike, aho hari ku mwaka ugira indwi, ngo: “ Je nahishuriwe ngo mbona twariko turasenga ngo mbona ufashe inzira ugiye muri Tanzaniya,  nakubonye ugenda ubundabunda, ariko icantangaje mbona ugarutse mu cubahiro,  wamazeyo umwanya muto  hanyuma ugaruka mu cubahiro”.

Kandi ivyo vyarabaye; burya imbere y’uko aza jewe narasimbiye muri Tanzaniya kandi vy’ukuri nagiye ndabundabunda,ntikwari kubundabunda nyavyo, nagiye n’imodoka ariko nari mfise ubwoba nkumva ndatinya, namazeyo amezi atanu gusa, hanyuma mukugaruka ngarukana icubahiro umuntu nagarutse mfise protocole nagiye atayo mfise. Hakaba n’uwundi yari yaravugishijwe, avugishwa aza aho ndi bose bakabona aguma avuga atumbereye jewe mugabo umengo si jewe ariko arambwira, ngo: “ N’ubwo uri muto ugiye gushirwa hejuru”. Wamenga sije ariko arabwira ariko avuga atumbereye iyo ndi. Hanyuma uwo turi kumwe andya akara ngo : “Reka dupfe kwandika , ntawuzi uko bizogenda”.

Sinavyitega kanini, ariko  mbonye bibaye niho naciye nibuka nti: “ Ibi ni vya bindi”. Hanyuma narashimiye Imana; we kuva mu bwiza ukaja i Kiriri!!! Hari umwana mutoyi yaba mu Bwiza yasengeye umu maman agwaye avuga ngo: “Mana  wakuye Deniza mu Bwiza ukamudugana i Kiriri, urashoboye gukiza n’uyu muntu agwaye”; kandi yaciye akira. Urumva iyo Mana yakoze ivyo ni yo yizeye yabona ko ikomeye hanyuma narashimiye Imana cane,  cabaye igitangaza nyene kuva mu Bwiza ugaca uja i Kiriri.

Beninye Magendero: Umukuru w’igihugu aba ari umuntu afatirwa cane, afise amabanga akomeye cane. Yararonka umwanya wo mu muryango?

Deniza Nkurunziza: Emwe twe yaraturonkera umwanya vy’ukuri, ntawidoga muri twebwe; yaba jewe baba abana. Yari afise ukuntu apanga umwanya wiwe, kandi inyuma y’amasaha y’akazi, yaragira sport, ahejeje sport ntakindi kintu yakora yagumana n’umuryango, yaricara muri salon akadutera inkuru, kandi yaraduha umwanya wo kuganira kenshi, ibiganiro vyo mu muryango.

Twatevye twarabikora mu kwezi rimwe, ariko hari n’igihe wasanga tuganiriye kabiri mu kwezi bivanye n’ivyo dushaka kuganira. Abana twarabaganiriza, akavuga nka serugo nanje akampa umwanya ngatanga impanuro ku bana, umwe wese akavuga, kandi n’abana tukabaha ijambo nabo nyene bakavuga ikiri ku mutima. Burya abantu bakena abavyeyi kubera baja mu kabare, kandi burya ntiyakunda gukora amanama inyuma y’amasaha y’akazi kaba ari gake cane.

Avuye muri sport, yaritunganya neza, agaca aja muri salon nk’amasaha atatu, umwana wese akavuga ico ashatse, nanje nkaza nkicara impande yiwe tukaganira, tukaraba televiziyo, ari ico tuvugana tukakivugana. Kandi ntiwavuga ngo ni umuntu yaba ariko aranywa inzoga ngo aborerwe, ahave yibagira kutuganiriza, yaba ariko arifatira agacayi canke amazi, tukaganira neza hama tukaja kuruhuka.

Beninye Magendero: Hari umuntu ashobora kuvuga ati jewe umushingantahe wanje arakara canke aratekereza. Mbega Perezida Petero Nkurunziza, mu muryango yarakara canke yaratekereza?

Deniza Nkurunziza: Mu majambo make, jewe nta na rimwe yigeze ankubita, kuko uwukara hari igihe akubitana, jewe ntiyigeze ankubita na rimwe kandi yari yarabinsezeraniye, arambwira ngo : “Wewe, sinzopfa ndagukubise, mbere je ndi umu, sportif ndagukubise nokumena”. Yantwaye ndi umuntu mutoya mfise ibiro bikeya cane, ntubone ubu akabiri karaje. Aravuga ati : “Ntuze witege ko ndagukubita kuko ndi umu sportif nohava ndakuvuna”. Muri make yari umuntu atuje, yari afise ukuntu ashobora kukubwira ikintu utakoze neza atekanye.

Gusa ari umwana yakosheje yaramukankamira n’ukubakubita yarabakubita, ariko jewe, twarabiganira, ari ico tudahurizako twarafata umwanya tukabiganira. Burya nasanze iyo mu muryango hari akanya ko kuganira hagati y’abubakanye, nta bibazo bihaba, kuko ahari kuba indyane, muca mwicara mukabiganira bigaherera mu kuyaga. Abarundi barayamaze ngo : “Ukuri gushirira mu kuyaga”. Muca mwicara mukabiyaga hanyuma mugasanga mwavyumvikanye vyagenze neza.

Beninye Magendero: Mbega mu bihe vyanyu vyo kwinezereza, mwinezereza gute?

Deniza Nkurunziza: Twebwe rero kuva abaye Umukurun w’Igihugu, umunezero wacu wa mbere, twatunganya amasengesho tugatumira abantu bakaririmba, ibi vyo guhimbaza no gutazira Imana, umunezro wacu wa mbere ni ho wari uhagaze, hanyuma twaheza tugasangira n’abandi. Twitwa rero ngo twakomesheje umunezero twaba twabaze inka tugaca dusangira na bo uko baba bangana bose, n’aho twaba dushika ijana twarashobora kwotsa ama brochettes akwiye abantu ijana tugasangira rero izo brochettes, ubona ko n’Imana yari yaraduhezagiye yaraduhaye inka tukayibaga yose.

Bano rero twabaye hamwe dusenga, duhimbaza Imana tukaca twicara hamwe. Umunezero kwari kwicara hamwe na wa wundi yahora yicara hariya kure twese tukagira umuzingi tukicara hamwe; abato, abakuze, twese hamwe kandi abatera inkuru, ababaza amakuru, ahamagara umwe mw’izina amubaza amakuru, kandi aho twumva tunezerewe cane. Ni nako twagira imisi mikuru burya, amasabukuru yacu kwaba ari gutumira barya baririmvyi twaguma hamwe, tugahimbaza Imana, tugatazira, tugasangira Ijambo ry’Imana, hama tugaca dusangirira hamwe ibifungurwa, wari wo munezero wacu .

Beninye Magendero: Mwari mutunze abandi bana atari abo mwavyaye, mbega yaravyakira? Cari iciyumviro ciwe canke canyu? Mwavyumva kumwe?

Deniza Nkurunziza: Hari aho mu miryango ivyo usanga batabihurizako. Twebwe rero twari twaragiriwe ubuntu twabihurizako. Yaje asanga jewe hari abo nari ntunze mba mu Bwiza bari bafise ibibazo, batagira aho baba, nari ndabatunze. Hari n’abo yasanze nari maze gusohora, ni ico gihe yariko aransaba ngo ngende muri Tanzaniya, namubwiye nti : “Jewe ndafise umukobwa agira agire ubukwe w’impfuvyi adafise n’umuntu n’umwe amusohora, ndakwinginze ayo matariki uriko urambwira ubanze undeke kuko, niho azokora ubukwe” .Ndabimusigurira, acaravuga ngo : “Ko ari impfuvyi, banza umusohore uheze”. Hanyuma nca ndamusohora ndaheza hari n’abandi nari ntuze.

 Agiye kuza, ndamubwira nti : “ Rero hariho abantu twabana” .Emwe navuga rimwe akumva kabiri. Nawe nyene, hariho umusi nari ngiye mu gikorane mu Rwanda, nsanga hariho abana batatu yamaze kuzana, nshika ndanezerwa ndabakira ndabashira mu bandi tuca tuguma hamwe. Ni uko umwana agize ikibazo ari we ahuye nawe ubwa mbere akamuzana, canke ahuye na jewe ubwa mbere  nkamuzana, twese tukumva turabihurijeko kandi tukabarera co kimwe nta vyo kuvuga ngo uyu turamukunze gose kuruta uwundi.

N’abiwacu twabarera co kimwe, twabaha bimwe, bafungurira ku meza imwe. Murazi aba maman nibo bakunda kugura impuzu, ngiriwe ubuntu nkaja nko hanze hamwe ushobora kuronka nyishi ugurira rimwe, naragura bose nkabagurira kumwe. No kugira mpime abana banje ko vy’ukuri bakunda abo bandi, mu misi ya mbere narafata nk’uw’iwanje nkamuzanira impuzu imwe, abandi nkabazanira zitatu kugira ndabe ko ashavura, akaca avuga ngo:  “Ntaco ndazi ko uzonzanira hanyuma”, nkabona baravyakiriye, bari babayeho bose bakundana natwe rero tukabafata co kimwe kandi twari twabihurijeko. No kugira ngo ntanguze irerero ry’impfuvyi, nawe nyene yaragize uruhara cane, yarabikunda, yarabifise mu mutima, narigeze kubimuganirira ukuntu muri jewe numva ngomba gufasha abana benshi bari hamwe, nkumva ko ndabifise mu mutima cane, agaca anshigikira, nkamubwiraa nti : “Ariko je numva ntazobishobora kuko bisaba ko ndabubakira inzu, bisaba ko nkora ibi n’ibi”, ngo : “Oya. Erega Imana iratunze,  Imana ishoboye vyose,  wewe uragira intambuko ya mbere  ibindi Imana izoca ibikora”; nkumva ko anshigikiye ko nogira irerero ry’impfuvyi, rero urumva twarabihurizako vyose

Beninye Magendero: Akenshi baravuga ngo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ngo ni umuhanuzi mukuru. Mbega waramuhanura nk’Umukuru w’igihugu?

Deniza Nkurunziza: Umuhanuzi burya ahanura muri vyinshi, erega guhanura umuntu ati : “Ako karato ntukambare ntikajanye n’iyo mpuzu”. Ubwo si ubuhanuzi? Hari abamuhanura hariya mu biro, binjira cane mu vy’akazi, abo bari abahanuzi bo hiyo, ariko nanje burya muhira naba ndi umuhanuzi,  nti : “ Ako gahuzu ntukambare ntikajanye, kuri uru rubanza twokwambara izi, vyogenda uku” .

 Nkamuhanura bene ivyo bito bito vyo mu muryango; nayo ivy’akazi, je nari narasenze Imana kugira ngo sinze ninjire mu vyo ntakwiye kwinjiramwo. Nawe ni nk’uko yinjiye cane mu vyo naba ndiko ndakora bijanye n’ibi vyo gufasha ntiyari kubishobora, na jewe burya ivy’akazi yari asanzwe akora sinari kubishobora. Mu kubisengera nari nasomye Ijambo ry’Imana, nasomye abagore batatu, ndasoma umugore yitwa Yezeberi, ndiko ndasoma amakuru yiwe ukuntu umugabo yatashe yasutuye umunwa, ntiyarya, ngo  mukuryama aca araba kuruhome.

Umugore aramubaza ati : “Ni ibiki? » Aca amubwira ngo : “Umuntu mutoya yamwimye uruzabibu bahereranije ,yashaka urwo ruzabibu ». Nawe uwo muntu yitwa Naboti yamubwiye ati :“Ni iragi sinshobora kuguha iragi » ngo aca arasutura umunwa, ntiyarya; ntiyanywa, umugore amubajije aramubwira ngo ni urwo ruzabibu. Umugore ha kumuhanura ati : « Wewe ihangane n’uwo muntu mutoyi, uruzabibu ni ikintu gitoyi », ahubwo aca amuhanura kumwicisha, umugore atora abantu b’ishirukanya bamwagirize ko yatutse umwami, yatutse n’Imana, hanyuma ngo abantu bace bamutera amabuye, erega umugore yandika ikete rija ku bashingantahe afata ikidodo c’umugabo wiwe akubita kuri iryo kete ararungikira abashingantahe, nuko baramufata baramwagiriza, abantu baruhira kumutera amabuye arapfa vyavuye kuri uwo mugore yitwa Yezeberi.

 Nsomye ayo makuru, ndavuga nti : « Mana urandinda, erega ashobora kuza ambwira ibintu vyamubabaje nanje nkajana nyabahururu, nkamuhanura ivyica abantu, nkamuhanura ibigirira nabi abandi ». Jewe nsomye numva uyu mugore yabaye igipfu. Uwo muntu amaze kwicwa aca araza kumubwira ngo : «  Ngwino rero urye, unywe ngo unezerwe ushikire rwa ruzabibu, wa wundi Naboti yapfuye », anezerewe cane; numva nti : «  Ivyo bintu uzobindinde , sinzobe umuhanuzi nk’uyo, numva nti : « Yari kumuhanura ko ivyo ari ibintu bitoyi, ntunigane n’uyo muntu ni mutoya, bireke ». Hanyuma rero ndisengera Imana ndavuga nti : “Mana uze undinde cane kwinjira mu vy’akazi kugira ngo sinzohave nsanga mpanuye ikintu ntikigende neza, nkasanga ndicujije. ».

 Kubijanye n’akazi, naba nzi nti : « Arafise abahanuzi, kandi abahanuzi hariya babatora bivanye n’ibikorwa bitandukanye ». Ndavuga nti : “Abo bazoba babitahura neza kuruta jewe”. Ni co gituma kwinjira mu vy’akazi hariya, bidakwiriye gose ko novyinjiramwo, ndisengera, ariko nca nsanga hariho n’uwundi mukenyezi nasomye muri Bibilia yitwa Esther, nawe nyene yagize ikibazo co mu bwoko bw’iwabo, ico kibazo kibaye Esther arasenga Imana arashobora kuja kuraba umwami.

Agiye kuraba umwami, nigishwa na Esther ukuntu umwami amwemereye, amutunze inkoni yamubajije ati : « Ugomba iki ga Esther? » Ngo : “ N’aho kiba igice c’igihugu ndaguha. Esther aratuza aramubwira ati : « Jewe nishakira uzoze ejo n’icegera cawe ndabagaburire ». Mbona ukuntu Esther abo iwabo bagomba kubica ariko agenda bukebuke, numva aranyigishije.

Ashitse kwa Esther arabagaburira neza, bararyoherwa, ati : « Esther ugomba iki? » . Ati : « N’aho coba igice c’igihugu ndaguha ». Ester naho nyene aratuza, ntiyashuhagira ati : “Ubwoko bw’iwacu bagomba kubamara,  ndakwinginze  rero nk’umwami » , agenda bukebuke; arongera aramubwira ati : « vyoba vyiza mwami ejo ugarutse nkongera nkabagaburira », wumve ukwo kwihanga, kutavuga ikintu ushuhagiye; na Esther rero numva aranyigishije yuko n’aho nobona ikintu nomuhanura ko nogenda bukebuke nkatinda nkakivuga bukebuke.

Esther yaciye aza kubivuga mu mwanya wo, mwiza, bica birikora bigenda neza, uwagomba kwicisha ubwoko bw’iwabo, aba ari we asubira mu kibanza cabo bigenze neza, Esther atiyanduje yagiye bukebuke, numva abo bagore baranyigishije.

Uwundi yanyigishije ni Abigayiri, ukuntu yari umugore w’ubwenge yari afise umugabo w’igipfu; ndavuga nti : « Hamwe umugabo wanje yoba igipfu muri iki canke kiriya,… », mbona Abigayiri ukuntu yabikoze neza, umugabo wiwe yari igipfu yarimana, nkavuga nti : « Hamwe nk’ivyo vyoshika, akimana ico twari dukwiye gutanga, na ho nyene uyu mugore aranyigishije, nogenda bukebuke ku buryo nsanga nabikoze neza, ico dutegerezwa gukora neza tukagikora neza ».

Abo bagore rero bari baranyigishije, mukumuhanura nagenda bukebuke. Burya twebwe duhanura utuntu dutoduto kandi tw’ikimazi; ni ho rero bavuga ko umukenyezi ari umuhanuzi mukuru. Kuko hari ivyo utamuhanuye bihereye imuhira, ashitse no kukazi vyoca bigenda nabi, atari n’ivy’akazi. Turi abahanuzi bakuru kuko duhanura utwo dutoduto nyene dutuma n’ibindi bikomeye vyo ku kazi bigenda neza.

Beninye Magendero: Iragi Prezida Petero Nkurunziza yabasigiye mu muryango, muvuga muti iki ntituzocibagira, ni irihe?

Deniza Nkurunziza: Gusenga dukora. Yadusigiye iragi ryo gusenga dukora, ntitugende gusenga ngo duhereyo. Yavuze ngo : « Dusenge dukora , dukore twongere dusenge. » Ni iragi ryo gusenga dukora. Yari umuntu asenga cane gose, atari ivyo kwigirisha kuri stade, atari kumbure ngo  ni uko mumubona, no muhira yari afise ukuntu asenga mu rutonde.

Imyanya yiwe yo gusenga yarayubahiriza, nta kindi kintu yashobora kuguza ibihe vyiwe vyo gusenga, kandi mu gusenga imisi yose yarapfukama Imana yari yaramutabaye yari afise amavi akomeye, umisi yirirwa yisonzesheje adafungura, iyo misi natwe ni nk’iragi turayubahiriza. Yarafata umwanya ukwiye wo gusenga, natwe rero iryo ni ryo ragi yadusigiye mu muryango n’abana tuguma twibukanya y’uko ari gusenga tukongera tugakora.

Beninye Magendero: Ni igiki mwoba mwarigiye kuri Prezida Nkurunziza kugira mugume muri umupfasoni w’icitegererezo?

Deniza Nkurunziza: Ico namwigiyeko yari umuntu akunda ibikorwa cane; ica mbere yarazinduka. Imisi yose yarazinduka yashika ku kazi kare kiretse hari ibindi bikorwa yaciyemwo. Namwigiyeko kuzinduka, kandi ageze ku gikorwa akagikora neza n’umwete; ivyo gufasha ba ntahonikora yarabikora na vyo nyene vyarampaye icigwa kuburyo mbere ubu nobifata nk’iragi. Gukunda ibikorwa no kwitwararika abantu batobato ni vyo namwigiyeko ahanini.

Beninye Magendero: Prezida Nkurunziza yaratanga inyigisho zijanye n’indero runtu ku rwaruka. Mbega mwihweje abana yabasigiye mubona inyigisho ziwe bariko bazigendera?

Deniza Nkurunziza: Ego, kubera twari dusanzwe tugira n’ibiganiro mu muryango, ndetse n’iyo agiye gutanga inyigisho ku bandi bisabwa ko babamwo na bo nyene barabamwo. Ndashima ko yansigiye abana batuje abana ntibariko barangora uyu musi, ibintu vyose turaja inama, tukayaga, vyose turiko tubikorera hamwe.

 Impanuro twagiye tubaha turi kumwe n’ubu ndabandanya kuko impanuro ntuhagarika baracariko barakura, hariho abari mu myaka igoye ndabandanirizako ariko ndafise intango mpera ko, nk’ubu ndababwira nti : « Muribuka papa ukuntu yahora ababwira canke ababuza kugira uku n’uku ,…» , nanje nkabandaniriza aho, nkongererezako, ikigaragaza rero ko bariko barazigendera ni uko ndababwira bakumva, na papa yarabahanura bakumva, twese turi hamwe twarabahanura bakumva n’uyu musi ni ko biri.

Beninye Magendero: Nk’umutambukanyi wiwe ni ikihe kintu c’inkoramutima mumwibukirako muvuga muti iki sinzigera ndacibagira?

Deniza Nkurunziza: Ni vyinshi ariko umuntu afata ikintu atibagira bivanye n’ico yakunda. Ikintu c’inkoramutima ndamwibukirako ni uko yaduha umwanya. Yari afise ukuntu ataja kuyerera mu masaha yo kumugoroba, vyari ibintu nakunda cane, nakunda ukuntu agumana natwe, tukaronka akanya ko kuyaga, ni ikintu nakunda cane n’ubu ndakimwibukiyeko ndavuga nti : «  Nagende yiruhukire amahoro yaragerageje kutuba hafi » . Imyanya yo ku mugoroba umukeneye waramuronka, ufise ico umubwira wari wo mwanya mwiza atuganiriza tukagubwa neza. Burya ni naho wamumenyera neza kuko ari muhira ntiyaba ari Perezida yaba ari umu papa, nanje ari imuhira yaba ari uwo twubakanye; tukamwikumbagazako, tukaganira nyene nk’umuvyeyi mu muryango. Ico ndakimwibukirako cane. Ndibuka nkiri inkumi narakunda kuvuga nti : « Jewe ndonse umugabo akunda kuja mu kabare vyombihira cane » . Ni vyo twayaga n’abandi bigeme turiko tuvuga ubwoko bw’abagabo twipfuza.

Beninye Magendero: Muri iki gihe turiko twibuka Perezida NKURUNZIZA, ni irihe jambo mwobwira Abarundi n’Abarundikazi?

Deniza Nkurunziza:  Ico nobwira Abarundi n’Abarundikazi ni uko  iyo twibuka umuntu cane cane ntitwibuka ngo twibuke ifoto canke ngo batwereke kuri televiziyo uko yariko arakina umupira, uko yariko avuga ibi canke biriya ariko cane cane ni ukwibuka iragi, ni ukwibuka ico yabasigiye.

Nk’ubu hariho abantu bamukunda, uwobabaza ati : « Mbega wamukundira iki? », Cane cane jewe ico nobwira Abarundi gushira mu ngiro, burya yaratanga impanuro nyinshi cane. Je nk’ubu ndi mu benegihugu ndiko ndamukurikirana naranezerwa cane inyigisho nazakira nk’abandi bose, nkumva impanuro ari nziza, ibijanye no gukunda igihugu yarabitwigisha cane.

 Icompa muri iyi misi turiko turamwibuka, umuntu wese akigira imigabo, akavuga ngo : « Yaratwigishije gukunda igihugu, nanje ngiye kwigira imigambi yo gukunda igihugu ». Yarigisha abantu gukunda akazi, icompa muri ino misi turiko turamwibuka, abantu bagakunda akazi. Burya yari umuntu w’umwizigirwa mu bintu vy’akazi, yarazinduka agakora akazi kiwe, hariho n’abantu bobo banakoranye bari bazi ukuntu akora, bari bazi n’ukuntu azinduka, adacerwa. Iyi misi yose turiko turamwibuka, Murundi wese n’Umurundikazi, dukunde ibikorwa, dukunde igihugu cacu, tube abantu b’abizigirwa mu kazi, urwaruka rukunde ibikorwa, ni zo nkomezi z’igihugu.

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
20 − 9 =