RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi mu guhimbaza umusi mukuru w’abakozi, kuwa 1 Rusama 2021

Barundi, Barundikazi,

  Bakozi, Bakoresha mwese,

  1.  Munkundire tubanze dushimire Imana Mushoboravyose yo idahengeshanya kwama na ntaryo itugirira neza ndetse n’ubu ikaba yaturamukije amahoro, dukomeye, Nihabwe icubahiro, irabikwiye.
  • Ejo aho bukera, mu Burundi tuzifatanya n’amakugu mu guhimbaza umusi mukuru w’abakozi n’akazi wama uhimbazwa mu bihugu vyinshi vyo kw’isi  kw’igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe.
  • Nk’Abarundi, ni umusi mukuru duhimbaza dukengurukira Imana Mushoboravyose, yo yaduhaye amagara, ubwenge n’ubukerebutsi, tugashobora kurangura ibikorwa twateguye, tukabikora abakozi n’abakoresha dufatanye mu nda, tugasangira ikivi n’inama, mbere tukimbura ibishobora kutubeshaho bivuye mu maboko yacu.

Erega si nka twebwe twirira ivyo twimbuye, hariho henshi badafungura badasumiye inyuma y’igihugu.

  • Munkundire rero, kw’izina rya Reta turongoye, Reta-Mvyeyi/Reta-Nkozi no kw’izina ryanje nyene, mbanze nipfurize bimwe bivuye ku mutima abakozi bose umusi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi.

Ni utubere umusi mukuru wo kuzirikana akamaro ko gukora mu buzima bwacu, no gufata ingingo zotuma ubuzi bugwira kugira ngo abakozi baronke ico bakora, bashobore gutera imbere mu buzima bwabo no guteza imbere igihugu.

  • Ku mukozi nyawe, amaze gutahura ko ivyiza vyinshi biva ku gikorwa kiranguwe kikavamwo umusaruro, si umusi mukuru nk’iyindi.

Ni umusi mukuru utari uw’abakozi bo kw’izina gusa, ni umusi mukuru nyabuna w’abakozi barazwa   ishinga no kurangura neza ibikorwa bashinzwe, bakabivyaza inyungu.

None nk’ubu twobazanya! Uyu mwaka twarungutse? Twarahomvye? Canke twabaye ba katiyunguruza?

Ego ndazi ko hari abungutse, kandi ndazi ko hari n’abahomvye.

Ariko hari n’abandi ataco bovuga kuko atawusoroma ivyo atarimye, abo rero ni inderamaboko, nta jambo bafise iyo abakozi bakoranye.

  • Turashimiye cane abakozi abo ari bo bose bitwararitse akazi bajejwe muri uyu mwaka, bagakora nk’abikorera.

Turashimiye umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro uhurikiwemwo n’abakozi baserukira Reta, abaserukira amashirahamwe y’abakozi n’abaserukira abakoresha, ku bwira n’ubwitonzi bakoresha mu kwiga no gutorera umuti ibibazo amazi atararenga inkombe.

  •  Turashimiye cane inzego z’umutekano n’abari mu makomite y’umutekano, tutibagiye n’abenegihugu bose bamaze kumenya ko gucungera umutekano bituma umuntu yiyumvira umugambi uramba kandi urama.
  • Turashimira kandi Abarundi bagiye hamwe bagashinga amashirahamwe atandukanye, amakoperative harimwo n’amahinguriro ahingura ivyo twimbura aha iwacu. Baratumye akazi kongerekana, baratanga amatagisi n’amakori, baraterera bimwe biboneka mw’iterambere ry’igihugu.
  • Kubera rero ivyo vyiza dukura mu kazi, twashimye guhimbaza uyu musi mukuru twisunze iki civugo, ari na co twiyemeje kugenderako muri uku kwezi kwa Rusama:

 “Dukure amaboko mu mpuzu, tugire urunani mu kugwana urugamba rwo gutuza ubukene”.

  1. Iki civugo c’uyu musi mukuru, gihamagarira umwenegihugu wese kugira ico akoze kugira twese dutere imbere ata wusigaye inyuma.

Kiduhamagarira kandi kugira urunani kugira ngo twuzuzanye, dukutse ikivi, ntihagire uwisamaza ngo asigare inyuma kandi na we akeneye kubaho neza mu gihugu, turi kumwe twese.

  1. Twipfuza igihugu giteye imbere mu bisata vyose, ni co gituma dusaba ko ata n’umwe yosigara inyuma. Umwe wese nagire ico akora kimuzanira amikoro atuma yikenura mu vyo akeneye. Mboneyeho akaryo ko gukeza abanywanyi b’ama syndicats batahuye ko uburyo begeranya buri kwezi bwobasahiriza mu kwiyungunganya maze nabo bakiteza imbere.

Benewacu,

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, Bakoresha,

  1. Iyo turiko turahimbaza umusi mukuru w’akazi, hariho abakozi bipfuza kumenya canke kwiyibutsa inkomoko yawo.  Ntitubigarukako cane, kuko vyama vyavuzwe kuri iri genekerezo nyene uko umwaka utashe.

Ico kumenya ni uko kuri uyo musi, abakozi n’abakoresha barahimbaza umusi bibuka ukworoherezwa kw’abakozi mu kazi kabo kugira ntibazorinde gusubira kugumuka nk’uko vyabaye mu myaka yahera, mu ntango z’uyu musi mukuru, aho barondera ivyo bafitiye uburenganzira.

 Mu gihugu cacu, duhiriwe duhishije kuko turafise amategeko meza y’akazi anywanye neza n’amategeko mpuzamakungu y’akazi.

Ayo masaha, n’uno musi ni yo amategeko y’akazi ategekanya aha iwacu no mu bindi bihugu vyinshi vyo kw’isi.

  1. Ni vyo, ibibazo vy’akazi bitari bike abakozi bafise vyaratorewe inyishu, umuruho n’indwara ziva ku kazi kabavuna vyaragabanutse.

Kuri twebwe ngaha iwacu, uyu musi tuwuhimbaza kugira abakoresha bame na ntaryo bafise umwitwarariko w’ubuzima bw’abakozi babo.

Ariko kandi ni akaryo ko gukebura abakozi ko gukora atari ukwicara, ari ugushiramwo ingoga kugira usabe akaruhuko kuko wakoze ukaruha.

Ndetse ni ukugira twibukanye ko umuntu akwiye gusaba agashirukabute kuko yakoze akimbura, ikigega kikaronka.

  1.  Turamenyereye ko iyo uyu musi ugeze, ari akaryo cane cane ku bakozi ko kuvuga ibibabakiye mu bikorwa vyabo. Mbere aha iwacu turabizi, ikibabakiye si uko batonda ku kazi ariko umwimbu ntuboneke; ikibaraje ishinga ni ukubona impembo yiyongera, agashirukabute kakagwira uko biri kwose.

Abakorera Reta mbere bobo ukundi uko, ntibaraba ko abenegihugu bakorera babanezererewe, haba namba, birabira gusa agashirukabute ko kigiye hejuru.

Ndetse hari n’ikindi: Abahembwa duke barashaka kunganya n’abahembwa menshi, ubu ni co kigezweko. Abahembwa menshi nabo bagashaka ko udushirukabute tugwira kugira ngo abahembwa make bazobasange bageze kure.

Bigenze uko bavyipfuza, tuzohava dusanga umugambi wo kunganisha impembo wohava uba nka wa mugani udahera sarukwavu yatsindira.

Murumva ko ikiganiro kihari ubu hagati ya Reta n’abakozi ari: “Tuzonganya n’abandi impembo ryari?”, “Tuzodugirizwa uturusho n’impembo ryari?” Kuri iki kibazo, ndemera ko twese bituraba ari na co gituma tubwirizwa kurabira hamwe aho kigeze, kugira tumenye aho twananiriwe hanyuma dutore umuti.

  1. Kugira ngo bigende neza, tubanze dufashanye gutahura  ibintu bimwe bimwe: ico ari co “akazi, ico ari co impembo canke agashirukabute n’umukozi w’ukuri” igihugu gikeneye.

Umwenegihugu wese yomenya ko akazi ari igikorwa umuntu akora n’umutima ubishaka hanyuma hakavamwo umusaruro. Mu bisanzwe ata musaruro uvamwo, ntawuta umwanya ngo akore ico kintu.

Ni nk’uko, ata karusho abona, umukozi afise uburenganzira bwo kwikinjurira, akaja aharuta ahandi.

Kugira ngo habe umwumvikano hagati y’umukozi n’umukoresha, baragiriranira amasezerano y’akazi. Umukoresha akazana igikorwa n’umutahe, umukozi nawe akazana ubuhinga n’inkomezi.

Ni co gituma impembo itegerezwa kuva mu nyungu, umwe wese, umukozi n’umukoresha akaronka igihuye n’umutahe yazanye mu mugambi. Mutungutse, mutubika umukanda mwese.

Naho nyene muravye nabi, ntimutera imbere kuko ataco mwasigarije umutahe kugira muwuvyaze umusaruro, muwungure kugira uvyare vyinshi.

Aha muca mutegera vya biganiro bikenewe hagati y’umukozi n’umukoresha. Bompi basangiye uruganda kuko ni rwo rubatunze, ni rwo ruzobatungira abana, abuzukuru n’abuzukuruza.

Bose rero boguma basuzumira hamwe ko uruganda rwabo rutera ruja imbere ku neza yabo kuko murumva ko barusangiye kanatsinda rubatungiye ubuzima.

  1. Ubu turabonye neza impembo ico ari co, igihe ukwiye impembo ituburutse, ni uko uba wungutse vyinshi. Ataco wungutse rero ntaco usaba kiretse ushaka gusambura uruganda.

None uruganda rutemvye, weho wa mukozi we! Uca uja hehe? Umenye ko ari rwo rwari rugutungiye umuryango, abana na bo, iyo utashe zirayoye, bakuraba mu maso.

Aha muca mwumva umukozi w’ukuri uwo ari we.

Ni urya azana ubuhinga bwiwe kugira ngo abuvyaze umusaruro, akitwararika ko yakoresheje umutima wiwe n’ingoga kugira ngo be n’umukoresha wiwe bunguke hanyuma baronke impembo ibatunga.

  1. None rero, tubazanye!

Ko twese ata n’umwe atonezerwa yongewe impembo, twoba twarungutse muri uyu mwaka?

Umwe wese agende arabe aho akorera, ni yasanga yarungutse, babiganire n’umukoresha wiwe.

Ni yasanga atungutse, naho nyene baganire bigire inama, mu mwaka uza ntibize bibe nk’uko, kuko bohava bicuza ngo naruhiye ubusa, ndandaza mpomba.

Ubwo ivyo biganiro bihora biba hagati y’umukozi n’umukoresha, bigatunganywa ata kurya umunwa?  Umukoresha wese yibaze, maze yihe inyishu, aheze yigire inama yo guhindura ibintu.

Jewe ku bwanje, nzonezerwa cane umusi nabonye ku musi mukuru w’uwa mbere Rusama, abakozi  n’abakoresha baje koko kwiginana, bihaya ivyo bakoze neza; Umwe avuga ati: “Wampaye inyungu”! Uwundi ati: “Wampaye impembo”.

Umukozi n’umukoresha ni babe mu mwumvikano ntangere ni ho bazokwiteza imbere, bagateza imbere n’igihugu.

Umukozi ntiyitwe “Kajekurya”, umukoresha ntiyitwe “Intashima”. Turashima cane ko abakozi batari bake bamaze gutahura uruhara rwabo mu kazi.

  1. Nagira ngaruke ku bakozi ba Reta kuko ni bo numva bidoga kurusha abandi; kandi bidoga baraba jewe nk’indongozi yagenywe n’abenegihugu ngo ndabashikirize ingingo ngenderwako.

Ico umukozi wa Reta yomenya ni uko ari umugiraneza,  umukozi w’abenegihugu.

Uwutavyumva uko ntaba arazirikana neza igihugu.

Mu rurimi rw’abafaransa, ibikorwa vya Reta bavyita “Services publics”. Ni ukuvuga ubufasha bw’abenegihugu bose.

Murumva ko mu bikorwa vya Reta ata nyungu irimwo. Inyungu y’umukozi wa Reta ni uko abenegihugu bamerewe neza gusa. Si uko yahembwe.

Irya “mpembo” aronka ntiyitwa impembo, ni agashirukabute aronka kuko yitangiye abandi ntiyihe umwanya wo gukora iwe ngo yiteze imbere.

Muca mwumva ko vya biganiro twavuga hagati y’umukoresha n’umukozi bidasa dushitse ku bikorwa vya Reta kuko abakozi bose ba Reta ni abakozi b’abenegihugu, na jewe ndimwo.

None ibiganiro hagati ya Reta n’abakozi ba Reta bigenda gute, kandi n’abakozi ba Reta ari abenegihugu mu bandi?

Abaserukira abandi bokoranya abo barongoye bakabazanya bati: twakoreye iki abenegihugu kugira tubasabe impembo?

Natwe rero abakozi ba Reta, nk’abenegihugu mbere b’imboneza, turisuzuma. Ni co gituma Reta y’Uburundi twayise Reta-Nkozi kuko abenegihugu batanga amakori ntibayatanga ngo tuyahambe nka wa wundi baha itarenta ngo ayungukishe hanyuma agaca ayihamba yibaza ngo izomera hanyuma yunguke.

Inyungu y’amahera abenegihugu batanga, ni iterambere ryabo. Tuyakoresha mu vyabo, bungutse tuba twungutse.

Ni co gituma intumbero ngederwako mw’iterambere ry’igihugu aha iwacu ari:

“Iterambere rikomoka ku mwenegihugu, hanyuma rikamugarukako”.

Ibiganiro rero vy’abakozi ba Reta ni ugutanga inyishu ku vyo abenegihugu batumye Reta; navyo ni ibi: Bararonse ubuzima bwiza? Barungutse?

Kugira tumenye ko bungutse, batanga amakori menshi n’amatagisi. Iyo ubonye ikigega ca Reta kibogaboga, uca umenya ko twungutse. Aho rero uca usaba agashirukabute gakirurutse.

None uno musi, umukozi wa Reta wese niyibaze mu gisata ajejwe ati: Nakoreye neza abenegihugu ku buryo nkwiye agashirukabute gakirurutse?

Niwasanga ivyo wakoze ata cavuyemwo gushika aho Reta iguhemba ifashe umwenda, uce ahubwo wigira inama yo kwongera ingoga kugira ugabanirize uwo mutwaro w’umwenda abenegihugu.

  1. Ico nosaba ngaha, ni uko ata wosaba ngo yongerwe agashirukabute kandi azi neza ko n’umwenda Reta yafashe mu myaka iheze kugira ihembe abakozi itarawuriha.

Muti none ko dutonda ku kazi, dukora duhomba?

Ico kibazo kigoye kwishura kuko hari benshi mu bakozi ba Reta, reka mvuge nti mu bakozi b’abenegihugu, batarazirikana neza igihugu, ingene ikigega caco kiduga, ingene kibungabungwa n’ingene gikora.

Uno musi urasanga umukozi wa Reta ashaka agashirukabute gakirurutse ariko we nyene abona abanyonora ikigega ca Reta akihorera canke akabakingira ikibaba.

Mbere hari naho usanga ari we nyene ariko aranyonora agaca asaba impembo irengeye.

Hari abandi bareka ibidandazwa vyari gutanga amakori bigaca ku ruhande ariko ukwezi kwahera agasaba impembo. None yibaza ko iyo mpembo ica iva hehe, ko hari aho nyene?

Hari abandi banka kuba indongozi no gufasha abenegihugu canke amashirahamwe mu bikorwa vyabo hanyuma bagashaka impembo kandi abo nyene bari gusahiriza mu kigega ca Reta bahomvye. None impembo ariko gashirukabute izova hehe?

Abandi baba ari bo bari bajejwe guteza imbere ubuhinga kugira amashirahamwe n’abenegihugu bimbure vyinshi baheze batange amakori n’amatagisi, ariko ugasanga biyicariye mu biro, kandi bagashaka impembo batariko barakora ngo izoboneke.

Ivyo vyose mu kuvyikurako baca basaba ngo Reta ni isabe imfashanyo, baheze bahembwe.

None ko umuntu wo gufashwa ari uwutishoboye, koko karashize ingani, abakozi ba Reta bitwe abatishoboye?

Jewe si uko ndavyumva; sindanavyemera; ni co gituma bintera isoni gusega.

  • Ni twaba twarasamaye mu Burundi, ni tuvyemere, hanyuma twigire inama yo kuja ku kivi. Muri ico gihe tumaze kugira umutima wo gukorera igihugu nk’uko abenegihugu babidushinze, tuzoheza aho gusaba imfashanyo dusabe abatwunguruza mu mutahe, na wo tuwuvyaze umusaruro hanyuma natwe dufashe abandi.

Ni co cipfuzo canje.

  • Ku bwanje, uwusivye gukora, n’ukurya ntakarye. Ndasubiramwo, uwusivye gukora, n’uguhembwa ntahembwe.

Uwuzi ko ataco yokwerekana yaranguye mu kwezi, ntatonde kurondera impembo. Uwo ni we ngumba y’ukuri kuko imana yamuhaye ubwenge n’inkomezi hanyuma abipfisha ubusa.

None ako gashirukabute wokaronka gute uri umwana w’ubute?

Tunezereze abenegihugu, nabo bazodutwengera kandi ako gatwengo kabo kazovamwo ikidutunga.

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, Bakoresha,

  •  Iyo dusubije amaso inyuma, turabona ico twamaze n’ico twabuze. Twarabuze vyinshi, twarataye umwanya mwinshi kubera ububegito bwa benshi muri twebwe bwatumye tubura amahoro.

Uno musi turiruhutsa kuko amahoro n’umutekano birasasagaye, turazi ko tudaturuka buka ngo dutahe bunyama.

Ni igihe rero ciza co kwiruka kugira twirihe umwanya twataye.

Muri uwo mwanya twataye, ibikorwa bitakozwe ni vyishi kandi biraturindiriye.

Kurima, tukworora kijambere ntavyo twitaho; twarira ikija mu nda gusa, umusesekara ntiwotubajije, tukitwaza imyibutsa yataye igihe ngo ivy’ejo biraba ab’ejo.

Guhingura itunga kama uwo wari umugani kuko biteba kwimbuka, bigasaba umutahe munini kandi nawo urondererwa mu bindi bikorwa.

Gutunganya aho abamukerarugendo barabira ivyiza vy’Uburundi, bivunira umusase canke bahengeka umusaya vyari umugani.

Ivyo vyose vyari akazi koduha itunga dukeneye kandi n’ubu karacaturindiriye.

Nta muntu yari acitaho uwundi mu gihugu ari co gituma abakozi benshi ba Reta n’ubu bataratahura ico ari co guteza imbere abenegihugu.

None uwobaza abakozi bo mu bushikiranganji bunaka ati, wewe ko ujejwe gukorera abenegihugu mu gihugu cose, uwokujana mw’ikomine runaka, wobereka ico wabakoreye?

Iyumvire wiyishure, uzi ko arya amahera ubushikiranganji bukoresha mu mwaka, ajejwe gukorera abenegihugu bose mu gihugu cose.

None ko mwahembwe, mwokwerekana, ikomine kw’ikomine, ico mwabakoreye?

Ivyo tubitahure, kandi ni co gikorwa kiturindiriye.

Ejo bakakubwira bati genda ukorere hariya, ntunane kuko wemeye gukorera igihugu hose, kandi ni vyo uhemberwa. 

  • Murumva ko twebwe duhiriwe, turacafise akazi katurindiriye. Hasigaye ko tuva hasi tukagakora.

Abandi barakamaze. Barubatse amabarabara, barubaka amashure, barubaka ingomero z’umuyagankuba, barubaka ivyo ba mukerarugendo bakenera, barubaka ibikoresho vy’ubuhinga ngurukanabumenyi, barubatse amahinguriro, ubu ntaco basigaje. Twebwe, ivyo vyose biracaturindiriye, dukure amaboko mu mpuzu dukore.

  • Ni co gituma imbere yo gusozera nagira ngire ico nkebura.
  • Mpere ku rwaruka n’abakenyezi bobo ari benshi mu gihugu:  

Nk’uko nabivuze, urwaruka n’abakenyezi ni bo benshi mu gihugu. Bategerezwa gufatwa mu mugongo na Reta kugira ngo bakure amaboko mu mpuzu, bakore ibikorwa vyo kugwiza umwimbu.  Twaraye tubashiriyeho ama banki azoborohereza mu kuronka ingurane ico mwarira wari umutahe kuko mwavuga ngo amaboko murayifitiye. Ni muje ku kivi umutahe wabashikiriye, muwuvyaze umusaruro kugira ngo n’abari inyuma yanyu bazosange ahubwo zirya banki zarakomeye kurusha.

Urya mugambi wo gufasha urwaruka kwiteza imbere ni urufunguruzo rw’iterambere mu gihugu kuko amafaranga imiliyaridi mirongo ine yo gukoresha ni umutahe ukwiye kugira mu myaka ibiri tuzobe dushitse ku mwimbu urengeye ayo kure n’iyo.

Nanezerejwe n’uko urwo rwaruka nyene rwaraye rubinyemereye mw’ihuriro ruherutsemwo ku ma genekerezo ya 8 na 9 Ndamukiza muri uyu mwaka nyene.

  • Ubu naho nerekeze inkebuzo ku bakozi bose iyo bava bakagera.

Umwe wese, ico akora nagikorane umutima ugikunda, akorane umwete n’ubwira kugira bose bamurabireko akarorero.

Dukore twipfuza kuzosiga izina ryiza, twitwararike kuba ab’ikimazi inzaruka zizokurikira zizokwirata. Nta coba kinezereje nko kwumva umuntu avuga ati nkore nka naka; ngo iki casizwe na naka.

  • Ku bijanye n’ibiganiro mu kazi:

Igihe habonetse ingorane z’akazi, kuko turi kw’isi, nta vyama bigororotse, tubanze tuzice hirya no hino, tuzimenye neza, tuzihagurukire dusangiye umutima n’inama, turondere umuti urama, hubahirijwe amategeko y’akazi. Bidakunze naho, duhanuze imbere yo kuzishira hejuru canke kuzijana mw’ibarabara. Uwo mugenzo mwiza uzotuma umwimbu wongerekana, n’ibibazo bija mu masentare bigabanuke. Duhamagariye abakoresha gukuraho ijambo “Shebuja” kuko abakozi si abaja.

Abakozi nabo ni bifate nk’abanyamitahe mw’ishirahamwe canke mu gikorwa c’uwabahaye akazi, bifate nka bene akazi. Abahurikiye mu ma syndicats ni ko kuko nyene, ni babe abahanuzi beza mu kazi, ku neza yabo, iy’ishirahamwe, n’iy’igihugu.

Bahomvye barire bose, ntihagire uwukekeza uwundi, bungutse naho basangire umwimbu.

  • Ku bijanye n’amagara meza y’abakozi:

Twame tuzi ko hakora umuntu afise amagara. Ni muze twitwararike amagara yacu, cane cane mu kugwanya ca kizakaranda Korona virusi n’umugera wa SIDA, na kare uwufise ikigega c’amagara ntabura ikigega c’amasaka.

  • Ku bijanye n’umugambi mukuru w’Igihugu w’Iterambere w’imyaka cumi (PND) n’akazi:

Bakozi na mwe bakoresha, nimwisunge uwo mugambi, kuko ushobora kubamurikira mu kwitunganiriza imigambi mito mito yobafasha kubaho neza no kubandanya mutera imbere.

Reta ico yiyemeje ni ukubafata mu mugongo mu kubatunganiriza ivyo mukeneye: Kubaronsa ingurane ku nyungu itavuna, guca amabarabara meza mucishamwo ibidandazwa, kwubaka ingomero z’umuyagankuba, kubigishiriza abahinga babunyoye, kubungabunga amagara y’abantu tutibagiye umutekano n’ibindi bikenewe kugira ngo mworoherwe mw’irangurwa ry’imigambi yanyu.

  • Ku bijanye n’intwaro ibereye mu kazi no gusabikanya itunga rusangi:

Kugira Reta ibatunganirize, bisaba ko iba ifise uburyo bukwiye. Ubwo na bwo buva mu mwimbu wanyu utuma amakori n’amatagisi biboneka. Mwirinde rero gucisha iruhande ngo umwimbu wanyu ntumenyekane canke ngo muhunge amakori.

Mudufashe kandi, tugire urunani rw’intamenwa mu kugwanya ba kaboko, abasesagura amatungo rusangi, abarya ibiturire n’ababitanga, n’abonona uburyo n’ibikoresho vy’igihugu.

Twipfuza ko vyose vyinjira, kugira biduteze imbere twese.

  • Ku bamenyereye kurya ivyo batabiriye akuya:

Aha ni nk’amashirahamwe yihaye akazi ko gutoza amahera abakozi bari ku kivi, ukarindira ico ayo mashirahamwe abakorera ukabura, amashirahamwe yo kunguruza abantu, ama syndicats amw’amwe, amashirahamwe y’abakozi bo munzu, abasigaye bashora ivyo batarimye, abashora izo batoroye, abagurisha inzu batubatse;  kandi birirwa bicaye, abo bose bateza imbere ubukene. Izo ngendo mbi nibazisezerere maze bikubite agashi bagire ico bakoze baterere mw’iterambere, barye ivyo babiriye akuya.

  • Ku vyerekeye kwitwararika abakukuruke:

Ku mashirahamwe INSS na ONPR,  twobibutsa ko uburyo begeranya mu bakozi ari ubwa benebwo, ko bobo,  ari ukububabungabungira bakabuvyaza umusaruro, ari co gituma ku bwa ngingo, bogeze mu za bukuru basanga bwarungutse, bamenye ko ubu tugiye gukurikirana ayo mahera yabo aho ari hose kugira abakukurutse baherekezwe kuko babereye kirumara igihugu. 

  • Ku biraba ishirahamwe Mutuelle na ryo:

Twagira tubibutse ko amafaranga asigara ku mwaka ku mwaka ategerezwa kuvuza abakukuruke kuko ni ayabo. Aha twovunira akagohe abenegihugu ko ku kijanye n’ikarata yo kwivurizako CAM, ko kizira kuyigura kuko urwaye. Uwubikora gurtyo, aba ashaka kwonka Reta ari mu bishoboye, kizire rero ko uba uwutishoboye kuko urwaye.

  • Ku bijanye no kwitegekaniriza kazoza:

Twashaka gukebura abakozi n’abakoresha ngo bibuke ko inkoni uzokwishimikiza mu busaza uyica kare  ukayibika kure y’imungu.

Ni ukuvuga ko umwe wese yokwibuka kwisonzesha ariko agateganiriza kazoza kiwe; gurtyo ntaze yipfuze iyo yageze ata kihashika. Guteganiriza kazoza si ukubitsa amahera mu kigega cabigenewe gusa, ni kandi kugira imigambi ukibasha kugira izogutunge ugeze mu zabukuru. Erega n’abana barakeneye ico uzobaraga mu vyo wimbuye, warondeye.

Ndasavye abakozi bose bitunganirize imigambi izobatunga bamaze gukukuruka, bamenyere gusaba ingurane mu ma banki kugira biyungunganye.

Ego ni vyo hariho abo iyo migambi isamaza bakibagira akazi bajejwe; ariko ni bamenye ko boha ico gikorwa abandi kandi bakakibarangurira neza.

Twonezerwa dusanze umukozi wese wa Reta afise na we umugambi, naho woba muto, umuteza imbere, ugateza imbere n’abo mu kibano. Umwe wese atange n’imiburiburi ubuzi butatu kandi abakozi bidegemvye mu kwihitiramwo syndicat bajamwo kugira ngo baterere kuko twamaze gutahura ko ama syndicats atari ukunyinyana.

  • Mu gisata c’ibidukikije,

Turateye akamo abakozi bose, abakoresha, cane cane abahurikiye mu ma syndicats, twese twijukire umugambi wa Reta wo gukingira ibidukikije, Ewe Burundi Urambaye. Umwe wese, atere igiti ku kazi, imuhira iwe, gurtyo duheme akayaga keza. Turipfuza ko mu myaka itatu, Uburundi bwoba bwambaye koko, bukaba akarore mw’isi yose, kandi turi kumwe twese, abakozi n’abakoresha birashoboka.

  • Imbere yo kurangiza, twashaka dusubire kandi kwibutsa abarundi bose, na cane cane abakozi ba Reta ngo barwanye ubunebwe, boye kuba intambamyi mu rugamba Reta-myeyi, Reta-nkozi yihaye rwo  kuzamura igihugu, birinde akarenganyo iyo gaturuka hose no kutitaho ineza y’igihugu.
  • Mu kurangiza, dusubiye kubipfuriza umusi mukuru mwiza w’akazi, muwuhimbaze muri mu kanyamuneza k’umwizero wa kazoza keza, muzirikina iki civugo: “Dukure amaboko mu mpuzu, tugire urunani mu kugwana urugamba rwo gutuza ubukene”.

Umusi mukuru mwiza w’Abakozi n’akazi mwese,

Imana ibahezagire,

Murakoze.

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
23 + 13 =