RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ku musi     mukuru w’abakozi n’akazi

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, Bakoresha,

  1. Uko umwaka utashe, nk’aya mango nyene, Igihugu cacu nticigera gihara mu kwifatanya n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi.
  • Guhimbaza uyu musi, si ukwiyerekana gusa, ni akaryo keza ko kwibukanya akamaro k’akazi turi hamwe, ingene twokarangura neza ku neza y’umukoresha no ku neza y’umukozi mbere no kuneza y’abakeneye umwimbu w’ibikorwa vyabo.
  • Dushimire rero Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi w’akanyamuneza ntangere, dufise inkomezi n’umwete vyo kurangura imirimo yacu.
  • Turipfurije kandi abakozi bose, indongozi n‘abo zirongoye, baba abakozi b‘igihugu canke abikorera ivyabo; tutibagiye n’abakorera mu bindi bihugu kubera amabanga bashinzwe canke ku giti cabo.

Bose bitwa abakozi kandi iyo bari hose kandi sinkekeranya ko na bo nyene aho bukera buca bawuhimbaza.

  • Aho bukera nyene, hano iwacu, uwo musi mukuru w‘abakozi n‘akazi, tuzowuhimbaza twisunze iki civugo ngo: « Mboneza mu bumenyi, nimube akarorero mu barwiza umwimbu“.

Murumva ko iki civugo gitumbereza cane cane ku “mbonezaa“.

Dushaka ko Imboneza ija imbere mu migambi y‘ iterambere rya bose, kandi igasabwa kubera akarorero keza  muri vyose abo irongoye.

  • Twama twabivuze n’ubu turabigarurakako.

Igihugu gikura mu vy’ubutunzi iyo abenegihugu bose bavuye hasi bagakora, bakaronka umwimbu.

Ivyo si ivyo turinda kwigishwa, kuko turabona ko Uburundi bukiri inyuma mw’iterambere kubera imyaka myishi twamaze turyana aho gukora.

None rero uyu musi ni uwo kwisuzuma duheze twikebuke, twivyukiranye mu gukora ibikorwa bituma Uburundi nabwo buja mu bihugu biteye imbere.

Nico gituma mubona dushaka guhera kuri ba kizigenza, batange akarorero kuko twinjiye mu ntumbero nshasha.

Barundi, Barundikazi,

Bakozi, bakoresha,

  • Mwarabikurikiranye, mu ndwi yahera, ku magenekerezo ya 20 na 21 Ndamukiza 2023, twaratunganije ihwaniro ku bijanye n’iterambere ry’Uburundi.

Twarerekanye ingene dushaka ko igihugu c’uburundi coba kimeze mu mwaka wa 2040 n’ibihumbi 2060 mu bijanye n’iterambere.

  • Muri iryo hwaniro, abarigiyemwo bose twariyemeje ko dushaka ko Uburundi kiba igihugu kirangwamwo impore, umwenegihugu arya akaryama, Umwana wese w’igihugu akaronka ubumenyi, akagira n’amagara meza, aho umuntu wese aronka ico akora kimuha amafeza yo kwikenura, akaronka ivyo akeneye vyose.

Dushaka igihugu gisa neza, gifise inyubako rusangi ibisata vy’igihugu bikoreramwo, n’uburyo bwiza bwo kwiyunguruza haba uciye mu mazi, ku ndarayi, kw’isi ndetse no mu kirere.

Ivyo vyose kugira tubishikeko ni uko dukora, umunwa ukaronka ico ufungura, umufuko nawo ukaronka amafeza yo kwikenura mu vyo dukeneye. 

  • Ikibazo rero ngaha dufise ni iki: “Mbega turafise ico dukora kugira turonke ivyo vyose?“

Nanje ndishura ntadidinganya nti : Ego cane, ivyo dukora biruzuye, nico gituma atawovuga ngo yabuze igikorwa yokora.

Turafise itunga kama Imana yaduhaye dutegerezwa guhingura, tukarivyaza umusaruro.

  1. Ikintu umurundi yoshira mu muzirikanyi wiwe ni ukumenya ico ari co impembo.

Impembo ni ico cose ukuye mu bikorwa vyawe.

Nta numwe ashobora kuronka impembo aha umuntu kandi atabona inyungu umuhaye. Bibaye uko uba uronse ivya gusa.

Iyo ushoye, uwukuguriye akaguha amahera ni nkuko aba aguhemvye kuvyo wakoze bikamugirira akamaro.

Nico gituma iyo udafise ico ushora utaba wakoze.

Umuntu rero arashobora gushora umwimbu, bamuhaye make baba bamuhaye impembo ntoyi. Agurishije ku giciro gishimishije naho aba ahembwe neza.

Uretse gushora umwimbu, umuntu arashobora gushora ubuhinga canke ubwenge bwiwe, akagurisha ivyo akora.

Muri ico gihe, akorera umuntu ibimugirira akamaro nawe akamuha impembo ku vyo yakoze.

  1. Hari ikindi cokumenya, ni uko n’uwubuze amahera yo kugurira uwashoye ari ikimenyetso cuko aba adakora ngo ahembwe. Muri ico gihe uba wabuze ico ukora ngo bakugurire.

Abatagira ico bakora ni barya birirwa kubarama bagataha basaba ivyo bafungura, abakora batahana uruboho.

Ariko rero kubura ico ushora si ukuvuga ko uba utakoze. Hari igihe ukora ugahomba, nturonke umwimbu ushora canke ugakora igikorwa kitunguka.

Kenshi na kenshi igikorwa kitunguka muzosanga ari igikorwa kitaruhisha, umuntu akagikora ashaka kwiyorohereza.

  1. None rero uyu musi ko abakozi twahuye ngo twigine uyu musi mukuru, ni akanya ko kuganira kugira dusuzume ivyo twakoze n’ukungene igikorwa cagenze hanyuma tuje inama yo kuraba ingene twese twokora twunguka.

Tumenye ko ubu tugiye gukora turaba iyo tuja mu 2040, no mu 2060.

Mw’ihwaniro twatunganije, twarabonye ko bishoboka ko mu 2040 Uburundi kizoba ari igihugu cifise mu buzima bw’abenegihugu mu 2060 naho kizoba kiri mu bihugu biteye imbere.

  1. Kizoba ari igihugu giteye imbere, birashoboka. Ariko kugira bishoboke bisaba guhindura ingendo.

None ko twavuze ko muri ico gihe umwenegihugu wese azoba afungura neza akaryama neza; ko umwenegihugu wese azoba afise amagara meza, abana b’igihugu bose bakaba bafise uburyo bwo kuronka ubumenyi, none wewe ugeze hehe?

Ko twabonye ko igihugu kizoba gifise amabarabara meza, ibisagara vyiza, umuyagankuba ukwiye, amazi meza kuri bose, n’ibindi, none twese hamwe turiko dukora iki ngo dufate urugendo tudahigimanga canke ngo tuzimagirike?

Vyose ni ugukora kandi dukora ivyunguka kugira uko bukeye uko bwije tuze turabona intambwe duteye.

  1. Turashimiye abo dutanguye ikivi baza baramaze kugira umurindi uboneka mu nzira y’iterambere.

Nico gituma kuri uno musi ari akaryo keza dusubiriye  kuronka ko kwirimbura turi hamwe, ‘‘umukozi n’umukoresha‘‘, turabira hamwe ingene  umwimbu wagenze; turabe n’aho tugeze mu rugendo rurora mu gihugu cifise.

  1.  Ariko rero reka tubanze twibukanye ko kuva kera abarundi twari tuzwi ko turi abakozi bakunda ibikorwa; ivyo bikavugwa n’abarundi bonyene babibamwo, bavyibonera; bikavugwa kandi n’abanyamahanga babibona uko nyene, kuko bitari agaseseshwarumuri. 

Gukekeranya ku mwete w‘abarundi ku kazi, rwari urubanza n’uwuhumirije yari guca!

Umurundi aho yicaye yaguma araba ico yoha amaboko, mbere asanze atobishobora wenyene agaca atumira abandi bakagira ikibiri.

  1. Muri iki gihe turimwo naco, tubivuge tubisubire, ibintu vyarahindutse kandi bihinduka nabi, ndetse birayangara ku bakozi batari bake. 

Hariho abakozi bariko barartyoza ako karanga keza kamye karanga abakozi ko gukora nk‘uwikorera, ata gitsure c’umukoresha canke atawuguhagaraye hejuru.

Muri iyi myaka hoho vyarabaye urudubi vyunyuwe n’ivyo bita “amabaramiro“, ihuriro rishasha ry’ibinebwe, aho ata kindi bigiraho atari ingeso mbi gusa. 

  1. Ku ruhande rw’abakorera igihugu, ngira ngo kubera ko kuva ku ntwaro mvamahanga bakoresha abarundi ku kimoko, abarundi bahavuye bishiramwo ko ata kimoko ata bikorwa.

Uwukorera igihugu yaratevye aribagira ko ari we nyene yikoresha, aca ariyicarira ati databuja ntaraza.

Ivyo vyatumye umwimbu uba muke, ikigega kiragaragara, abari kucuzuza nabo baca barahagarika ibikorwa ngo bahembwa make.

Bibagiye ko intwaro ya cami yahavuye, ubu ko abenegihugu, nawe urimwo, ari bo bami.

Iyo rero uhenze ko ukorera igihugu kandi wicaye, uba wihenze wewe nyene. Ata mwimbu, igihugu kizokena na wewe ukene uko nyene.

  1. Mu mwaka uheze twari twigiriye inama ko tugiye ku kivi kugira wa mugambi ‘‘Umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko wose uronke amahera“ ube impamo.

Ariko tuvanye, naho hari abakanuye bakaja ku kivi, twarabonye ko mu gihe c’ici hari abahororokewe ntibavomera ka karima ko ku mutumba, ari naco gituma hari indwi nkeya mwabonye hariho abidoze ngo imfungurwa zazimvye.

Twarabonye kandi n’abakozi b’igihugu babaye ibinebwe, ntibakurikirana ibijanye n’imbuto ndetse n’itangwa ry’umwavu. Ivyo vyose bica bitugirira ingaruka mbi.

Ariko uno musi nezerejwe n’uko twese twavuye hasi, abize n’abatize twese tukaja ku kivi.

  1. Hariho abikorera ivyabo mbona batakiryama, umwe wese arondera icomuteza imbere. Hari n’abakozi b’igihugu bikanguye, ubu bakaba bashobora kuzinduka ku mutwenzi canke bagataha ryarenze bakiri ku bikorwa.

Abo turabateye intege, nibo bazokwereka abandi ko guhembwa wakoze ari iteka, kuronka impembo ataco wakoze naho ari umugayo.

Nkuko twabateye akamo mu mwaka uheze, musabwe no kubandanya muhagarira inyungu z’igihugu mu migambi mutunganya kurangura, yaba iyikoresha amahera y’igihugu canke ayo dusahirizwa n’abagenzi.

  • Twebwe natwe ntiduhororokerwa, tubandanya inyigisho zo gukunda no gukundisha ibikorwa, guhimiriza urwaruka ngo ruhurumbire kuja hamwe n’abandi mu mashirahamwe kugira turwanye ubunebwe.

Kandi uyu musi turahimbawe ko urwaruka gwabifashe nka nkama gushika aho usigaye umengo urwaruka rutagira ico rukora ni akamaramaza.

Muriyo ntumbero nyene, turasaba ko akamo twateye mu mwaka uheze ko gushiraho amategeko yerekana akarangamutima k’umukozi wa Reta gafatwa nka nkama.

  • Kubera twamaze guhanga amaso iyo Uburundi butera buja, uyu mwaka twagomvye ko indongozi zikangura kuko iki gihugu nticohashika kw‘ihangiro kitagira indongozi ziciye ubwenge kandi zitanga akarorero mu bikorwa vy’iterambere.

Twabishize mu civugo kugira twese indongozi twikangure.

  • Uno musi turacafise indongozi zizi ko kugenwa ngo ukorere igihugu uba uronse kurya no kuryama. Abo ni vya binebwe, abarya ibiturire, abanyonora itunga ry’igihugu, abarenganya abenegihugu n’ababatesha umwanya mu guteba kubatunganiriza.

Haracariho indongozi zidatahura ko arizo zitegerezwa gutorera inyishu ibibazo vy’abenegihugu, ugasanga nazo zirorera mu bandi, zijuragirika nkuko umengo hari uwundi aza kuzereka ico zokora.

Hari n’indongozi zibagira ico ziri, zigifise imvugo ngo “Dusavye Leta ko yokora ibi canke biriya” nk’uko umengo Leta ni umuntu.

  • None rero Mboneza mu bumenyi, mumenye ko igihugu kibitezeko vyinshi, muzobazwa vyinshi kuko nimwaba indongozi mbi, muzokwegera ubukene mu bo murongoye hanyuma nabo barire babaraba namwe mudafise uwo muyaha. 

Muri iyo ntumbero nyene, twebwe twagize amahirwe yo kuba  imboneza kubera ubumenyi, ubukerebutsi, canke amabanga twaronse, tube   imboneza nyakuri  z‘abo turongoye, imboneza z‘ abantu bose.

Twize vyinshi, tuzi vyinshi, tuzobazwa vyinshi.

None rero ni tube akarorero, twongere twigishe urwaruka, turwereke umwonga uhuma n’uwudahuma, turwereke ibikorwa biteza imbere kuruta ibindi, turwereke inzira y’iterambere rukiri ruto, nakare ngo: « Igiti kigororwa kikiri gito ».

  • Ni vyo, turazi ko mwihebeye igihugu, ko mudashobora kuronka umwanya ukwiye wo kwikorera ivyanyu. Nico gituma n’igihugu gitegerezwa kubibuka.

Mugabo mere nka babandi ushika iwabo ukaramutsa uti ni muduhe, nabo bakishura ngo kuvyo uzanye, igihugu kizokwibuka ku vyo uzanye.

  • Ni muri iyo ntumbero twiyemeje kwama tuja inama n’ingingo kugira kuvyo igihugu kironse, gihe agahimbazamusyi uwo vyateye amabavu.

Ni naco catumye twese tuja inama mu kurabira hamwe ingene umukozi yoberwa n’ingero koko muri wa mugambi wo gutunganya ibijanye n’impembo y’umukozi w’igihugu.

Nkaba nshima cane ko mubitunganya umutima uri mu nda, muzi neza ko ico musaba gitegerezwa kuba ari ikiriho, ko mudasaba umuzi w’ibuye.

Aha nkaba nkenguruka ukugene mwategereye neza mukanemera ko uwo mugambi atawowukorera rimwe kiretse ashaka guta mu rudubi igihugu.

Nanje nk’ingongozi ibakurira, nabemereye ko uko muzokora ikigega kikabomboka kubera ibikorwa vyanyu ariko tuzoza turongereza nakare ngo ‘‘Agahimbazamusyi kaba musi y’ingasiro‘‘.

  •  Nico gituma ndabasaba mwebwe cane cane abakozi babayabaye ko mwomfasha kurereka indongozi z’ibito, zigifise wa mutima wo gusesagura itunga rusangi riri mu kigega, kugira muzishengeze kandi zihashwe.

Ubu naramaze gutahura ico amashirahamwe apfa n’abayobozi b’ibisata akoreramwo, ni uko abakozi babayabaye babaraba mu kanwa iyo bariko barya ivyo banyonoye.

None kuva ubu, ndasavye ama syndicats kurikanura, twihe intumbero yo gutuza ba kaboko. Kandi ndizeye ko turi kumwe twese tuzobishobora.

  • Ico nemereye abakozi nk’uwuserukira igihugu, ni uko kuva ubu tugiye gusubira kuja inama na jewe nyene ndimwo, twigire hamwe ingorane zose zituma ibikorwa vyacu bitagira umwimbu ukwiye.

Ndetse ndipfuza ko tutobandanya dukora turiko turidoga kuko umwidogo uvyara ubunebwe.

  • Mu gisata c’abikorera ivyabo, dushira imbere kurwiza no kuzamura akazi ku rwaruka.

Ibikorwa bishimishije vyarakozwe uyu mwaka  biciye mu bigo n’imigambi Reta yashizeho bifasha ahanini urwaruka kwishingira amashirahamwe no kwironderera ubuzi biciye mu migambi y‘iterambere rwitunganiriza kandi irwiza ubuzi, ikagabanura n‘ubushomeri.

Muri uyu mwaka turimwo, urwaruka rungana ibihumbi mirongo itanu na babiri n’amajana atandatu na cumi na bane (52 614) rwararonkejwe inyigisho zo kwishingira imigambi, rutako ruraherekezwa mu gushira mu ngiro imigambi yarwo.

Murabo rero, imigambi yababa Igihumbi n’amajana abiri na mirongo indwi na batandatu (1276) yarafashwe mu mugongo na wa mugambi w’urwaruka PAEEJ, ubuzi bungana n‘ibihumbi mirongo ibiri n’ijana na mirongo umunani na bune (20184) bukaba bwarabonetse, tutibagiye urwaruka rwaronkejwe inyigisho zo kwimenyereza akazi mu mashirahamwe y‘igihugu n‘ay‘abikorera ivyabo, narwo rukaba rungana n’igihumbi n’amajana icenda na mirongo irindwi ( 1970).

Aha rero ntiduharuye urwaruka rwo nyene gwironkeje akazi ubu rukaba rwemeza ko rutagiharurwa mu bakene b’imbere.

  • Tugarukiye ngaho gusa, ivyo bitigiri biratwereka neza ko tubandanije muri iyo nzira, no kuri uwo murindi, ubukene n’ubushomeri ku rwaruka bwogabanuka ningoga kandi bimwe biboneka.

Aboba batarabimenya nibamenye ko igisata c‘abikorera ivyabo arico giteza imbere igihugu n’abenegihugu baco, igisata ca Reta kikabaherekeza, kikabaha intumbero kandi  kikabashigikira aho hose biba bikenewe.

  •  Mu kuzamura ubutunzi, haratangujwe ihinduka mu bijanye n’itunganywa ry‘ikoreshwa mu gihugu ry’amafaranga mvamakungu. Muri iyo ntumbero, haramaze gufatwa ingingo zitari nke.

Murizo ngingo, haraye hasubijweho isoko ry’amafaranga mvamakungu rizohora riba hagati y’amabanki y’ubundandaji. Abandanza bose bazoba bakeneye ayo mafaranga mvamakungu bazoyaronka biciye mu mabanki y’ubundandaji basanzwe bakorana canke mu mazu agura akagurisha ayo mafaranga.

Ivyo rero bikaba bigiye no kworohereza abikorera utwabo kuronka amafaranga mvamakungu, n’abadandaza bato bato nabo bakahabonera akunguko.

Ariko, twongeye kubagabisha ko abazosubira kwidugiriza ibiciro bazohanwa.

Tuboneyeho n’akaryo ko kwihanikiriza kandi ingeso itanguye kwibonekeza kuva ibanki nkuru isohoye iyo ngingo , aho tubona abihaye intumbero yo gutoba uwo mugambi mu kuvunja bidaciye mu mategeko. Abazofatwa bose, bazocirwa urubanza ikibiriraho.

  • Turahamagariye inzego zitandukanye z’igihugu, amabanki eka n’abikorera utwabo kubashigikira muri iyo migambi bishinze. Turahimirije kandi Abakozi gukoresha neza uburyo, intererano n’ingurane turonka, gukorera mu muco, kubungabunga itunga rusangi, kugwiza umwimbu twikenure, tuziganye canke dushorere mu mahanga kandi amafaranga mvamakungu abonetse mu vyashowe hanze aterere mu migambi y’iterambere y’igihugu.
  • Umugambi w‘iyo Uburundi bugana mu 2040 n‘2060, ushira imbere abikorera ivyabo, abakorera igihugu nabo bakaba ari bo bishigikizo.

Nico gituma twipfuza ko kuva ubu, atari abikorera ivyabo bazokwiruka inyuma y’abarongoye ibisata bakoreramwo. Dushaka ko izo ndongozi ari zo zizorondera abo bakora bisunze intumbero y’ivyo bisata.

Uruhara rw‘abenegihugu bose n‘uruhara rw‘abikorera ivyabo ni ntasubirizwa nk‘uko biri no mu bindi bihugu vyose vyo kw‘isi vyateye imbere.

  •    Vyongeye, kuva ubu turakeneye guhindura ingene dukora. Umukozi wese akamenya ko akora ibiri ku rutonde, akamenya gukoresha n’umwanya, no kumenya gukamisha inyungu yaronse, ikamubera umutahe.

Abenshi mu burundi bashaka gukora nk’inkoko ivyuka mu gitondo itazi aho iza gutoratora n’ico baza guhura.

Ivyo turabibona cane cane ku ruhande rw’indongozi n’abakozi b’igihugu, aho tubasaba gukorera kuvyo bategekanije ukabibura ariko bakagusaba uburyo bwo kubikora.

Muriyo ntumbero yo guhindura umuzirikanyi kugira dushike kw’ihangiro twihaye, turasaba abakozi bose gutunganya imigambi neza, bakurikije ico dushaka gushikako. Muri iyo ndinganizo bategerezwa kwerekana uburyo busabwa mu kigega c‘igihugu bukaza bwisunga iyo ntenguro.

  • Muriyo ntumbero nyene, ibisata vyose vy’igihugu bizoza  birerekana aho bigejeje isemo uko umwaka utashe, umwenegihugu nawe tukaza turasuzuma aho agejeje isemo mu ntumbero yo kumwereka urugendo rusigaye kugira atere imbere.
  • None ko inkware zisezerana mu masesa, uno musi dutahanye iki?
  • Ubwambere umurundi wese niyihe ico agiye gukora yisunga ico ashaka kuzoba ari mu 2040, na 2060. N’uwovuga ko ashaje, ni yigire inama y’ico azoba ari umusi azotahirako i Bukama. Naho hoba hirya y’ejo, ejo azokora iki tuzomwibukirako hirya y’ejo.

Ibinebwe navyo, tuvyemereye ko tutazokwemera gukora ngo nabo barye ivyo batabiriye akuya. Uwuzokwanka gukora iwe, tuzomukoresha ahandi.

  • Ubwakabiri buraba abakozi b’igihugu: umwe wese mu gisata arimwo, ni arabe ico agiye gukora kugira abarundi baharonkere akarusho. Ni muri iyo ntumbero twahinduye itunganywa ry’ibwirizwa riraba amafeza azokora mu mwaka.Ubu duharura ico igisata ciyemeje, tukemeza ko n’impembo uyihabwa n’ico gikorwa.

Kugirango tubikurikirane neza, uko amezi atatu aheze hazoba isuzumwa, amahera igisata kizoba kitakoresheje muri ico kiringo c’ayo mezi atatu, tuzoca tuyashira mu yindi migambi ikurikirwanwa n’ibiro vy’umushikiranganji wambere n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kugira igihugu ntigihombe canke ngo gite umwanya.

  • Duhamagariye abenegihugu bose kuvavanura n‘ingeso mbi yo gushaka kwinegura ngo nta mashure bize ngo none nta ruhara bafise mu nzira y‘iterambere turimwo. Bameneye ko mu migambi y’iterambere turiko turarangura no mu yo twimirije uruhara rwabo ni ntangere.

Mu batize amashule menshi harimwo abarimyi, harimwo abubatsi, ababumvyi n’abacuzi, ndetse n’iyindi myuga ituma umwimbu ugwira tukaronka ico dushora.

Ntakwisuzugura ngo ntaco umaze kandi ari wewe nyene ukenewe mw’iterambere rirama, kubera ibikorwa n’umwete vyawe.

Uno musi mukuru wahariwe abakozi ubizirikane kandi umwe wese afate ingingo zo kudasigara inyuma mu bikorwa vy‘iterambere.

Nkuko nabivuze, umwe wese yigire inama ati: ‘‘Nokora iki kugira ngo nanje ndonke ico nshora“?

Barundi, Barundikazi,

Bakozi bakoresha,

  • Ngira ndangize iri jambo amaso ndayerekeza kandi ku mboneza.
  • Ni mwebwe ndongozi muzi kubona neza irya shusho y’Uburundi bwo mu 2040. Ni muje imbere, abandi benegihugu bakurikire.

Duhanze amaso mwebwe ingene zizoshigikira iryo hangiro mu gufasha bimwe biboneka gushira mu ngiro  icivugo c‘uno musi, arico: „Mboneza mu bumenyi, mube akarorero mu bagwiza umwimbu“.

  • Dushaka kubona igihugu cacu ari igihugu cifashe, cikwije  kandi gitunganye; aho uwukibamwo wese yumva ko aroraniwe, atunze kandi atunganiwe mu vyiwe no mu biwe.

Tuzoshikiriza abenegihugu uwu mugambi uhambaye, maze umukozi wese ashushanye imigambi yiwe kuriyo mbona kazoza, atahure uruhara rwiwe , twese tujane atawusigaye inyuma.

  • Nsavye indongozi kurema umwizero mu benegihugu, umwizero wa kazoza keza twamaze kubona.

N’abenegihugu ndabasavye kugamburukira izo ndongozi kugira ngo twese tujane mu 2060 atawusigaye inyuma.

Ni kuri ayo majambo mperejeko, nsubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza w‘abakozi n’akazi; kabe akaryo ko gusangirira hamwe utwo mwateguye kugira ngo musezerane musangiye umusa, mu wundi mwaka tuze duhure dufise ico twirata twungutse.

Imana ibahezagire,

Umusi mukuru mwiza mwese.

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
20 × 1 =