RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ku musi wo guhimbaza imyaka 30 iheze Abarundi bitoreye Amasezarano y’Ubumwe bw’Abarundi

1. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana

Mushoboravyose yo yatuzigamye, tukaba dushitse uno

musi Ubumwe bw’Abarundi butakiri akarimi.

Iyo Mana Nihabwe icubahiro, kuko inzira twaciyemwo

ntiyari yoroshe.

2. Turipfurije umusi mukuru mwiza Abarundi bose,

tuwuhimbaze mu kwigira inama yo kwunga ubumwe

nya bumwe atari ubwo ku rurimi gusa ;

Ubumwe bugaragarira mu rukundo no mu ngiro, cane

cane mu gusangira ikivi n’ikigega.

3. Twashimye guhimbaza uwu musi mukuru twisunze

icivugo kivuga kiti:

«Ubumwe bw’ukuri bwungwa no gusangira

ibikorwa n’umwimbu».

Ni muze rero dukorere hamwe, tugwize umwimbu, kuko

dufise umwimbu mwinshi dusangira, ntitwosubira

kwitana ibisambo.

Barundi benewacu,

4. Ubumwe bw’Abarundi turiko turibuka uyu musi,

ntihagire uwujuragirika mu kwibwira ko bumaze imyaka

30.

Ubumwe bw’Abarundi bumaze imyaka igihugu cacu

kimaze citwa Uburundi.

Kuva kera na rindi Uburundi bwamye ari igihugu cunze,

kigizwe n’Abarundi basangiye vyose, bafise Ubumwe

bw’intacika.

5. Uno musi mu guhimbaza ubumwe bw’Abarundi, ni

ukugira twibuke ko haje ba gateranya,

turasubiranamwo ; ni kugira kandi tuze turibuka

n’ingaruka mbi vyatuzaniye kugira ngo twisuzume,

twicuze, twihane kugira iryo bara ntirigasubire mu

gihugu cacu.

6. Duhimbaza uyu musi kandi kugira ngo twibuke umusi

twisubirako mu 1991, inyuma y’imyaka irenga ibiri twari

tumaze twisuzuma, turaba ingene twova mu ndyane

zari zanyoshe Abarundi.

Uyo musi w’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 1991 ni ho

twafata ingingo yo gupfundika amasezerano y’ubumwe

bwacu bwari bwarasambutse.

Tuwibuka kandi kuko twabonye mu Burundi hakiriho

abantu bagifise akarezareza, bakirota babona

Abarundi basubiye kuryana, kugira tugume tubibutsa

ingaruka z’amacakubiri, babone gucira imoso ako kabi,

nabo bashobore kuvuga bati : « ntirigasubire, si je

nohahera, hohera iyo mpwemu mbi iryanisha

abavukana ».

7. None rero, benewacu, turyumeko kuko biragaragara ko

ubumwe bw’Abarundi bwamyeho kuko imbere y’umuzo

w’abanyamahanga, ntaho twigeze twumva canke ngo

dusome mu vyanditswe ko hoba hari ahavugwa ko

Ubumwe bw’abasokuru bwoba bwarigeze

buhungabana.

Mu ntwaro, ntitwigeze twumva aho bagabangana

uburongozi bafatiye ku bwoko kuko mu migenzo

y’Uburundi, « Umutware atwarira bose, agatunganiriza

bose ».

Ego hari ivyo twumvise.

Twarumvise ngo abo mu nda y’Ingoma

basubiranyemwo ; ariko abo nabo baba bapfa

ubutegetsi, ariko ntivyaca bikwega iyindi miryango ngo

icanemwo.

None uno musi, abapfa ubutegetsi bama bashaka

kubikwegeramwo n’abatipfuza kuba n’umukuru

w’umutumba.

8. Kuri uyu musi, reka kabe akaryo rero ko kwibukanya

mu majambo make ingene Ubumwe bw’Abarundi bwari

bwifashe mu mateka y’Uburundi, imbere y’umuzo

w’abanyamahanga :

a) Mu bijanye n’umutekano, ubumwe bw’Abarundi

bwamye bwigaragaza iyo umwansi ateye igihugu.

Naho yaba afise inkomezi zingana iki, uwuteye

igihugu yagwanirizwa hamwe n’Abarundi bose, nta

n’umwe yijijanya imitima canke ngo yidohore hageze

kurwanira igihugu.

Ndetse no mu gihugu hagize uwumenja ku Mwami,

yacibwa na bose, bakamucira umukenke,

bakamuharira ivomo.

N’umusuma ari umusuma, ntiyava ku mutumba ngo

ahungire ku wundi ; ikigeramiye umwe caba

kigeramiye n’uwundi.

b) Mu vy’intwaro no mu mibano, Abarundi bose bari

bungiwe ubumwe n’Umwami umwe, Sebarundi ;

Imana imwe n’ukwemera kumwe, bakagira imico,

imigenzo n’ururimi bose bahurirako.

Ivyo ni vyo vyerekana ko twese twari bene mugabo

umwe.

c) Mu vyerekeye iterambere, umugenzo wo guhinda

ikibiri cari kimwe mu bimenyetso vyerekana ugushira

hamwe kw’Abarundi mu mibano yabo no mu kwiteza

imbere mu kugwiza umwimbu.

Eka no mu vy’uburaro, nta muntu yifasha kwubaka

inzu. Iyo hageze umwe wese yazana umuganda

wiwe, akazana n’amaboko.

d) Mu bijanye no gufatana mu nda, umwe agowe bose

baba bahuye n’ivyago, na kare “ntacica umukondo

ngo gisige amara”.

Ni co gituma aho hambere hahise umuntu agize

ivyago inka zigakubitwa n’inkuba, ababanyi

baramuvyukiriza, mbere akaronka n’ibiruta ivyo yari

afise ; inzu yasha bagashwabaduka bose kuzimya,

mbere itokombeye bose bayubakira hamwe.

e) Muri iyo nzira yo gufatana mu nda nyene, Abarundi

bari bazi ko agafuni kabagara Ubumwe ari

akarenge : baragemuriranira, bagatererana,

bakamariranira imanza ;

f) Mu bihe bimwe bimwe nko mu muryango

wavutsemwo amahasa, ubushuri, canke ingundu,

Abarundi barabanguka cane mu gushigikira

umubanyi kugira ngo ntihagire uwubavamwo kubera

umunanu.

Kanatsinda bavuga ko umwana atari uwumwe,

umwana yari uw’Uburundi. Ni co gituma no mu

nyifato, umwana yakurana indero ndundi koko.

Indero, umwana yayifatira aho ageze, kuko uwukuze

wese yari umuvyeyi.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi,

Umuntu yokwibaza ati : None vyagenze gute ngo

Abarundi bacanemwo ?

9. Abakoroni bamaze gushika mu gihugu cacu ica mbere

cabatanganje kandi baca barashangashigwa, ni

urunani basanganye Abarundi rwo kugwaniriza hamwe

umwansi, barabona ko batazobagonda bafise ubumwe

nk’ubwo babasanganye.

10. Baratangajwe kandi no kubona ingene igihugu

gitunganijwe mu ntwaro, mu mibano, mu butunzi, mu

mico n’akaranga kandi bo bavuga ko baje kudushira ku

murongo.

Ivyo ni vyo babonye nk’intambamyi zobabuza gushinga

ubutegetsi bwabo, ni ko kurondera hasi hejuru inzira

bocamwo kugira ngo bashike ku migambi yabo yo

gucura bufuni na buhoro Abarundi, no kubanyaga

ivyabo babona.

11. Ngo akica urugo karuva imbere ; baciye bakorana

n’abagumutsi Kirima na Maconco bari bagararije

Umwami Mwezi Gisabo, gushika aho babaha intara

batwara mu ntumbero yo guca intege Umwami mu

kumwaka ubutegetsi no gucamwo igihugu imice.

Gutyo baba baratituye iteka ry’umwami, mukaba muzi

ko urugo rutagira umugabo atakitarukengera.

Itembagazwa burundi ry’umwami Sebarundi ryabaye

neza na neza igihe bamuteje igikumu ku nguvu ku co

bise amasezerano y’i Kiganda yo ku wa 6 Ruheshi

1903.

Gutyo, Umwami aba ahebeye ubutegetsi

abanyamahanga tudasangiye imico n’imigenzo ; kuva

ico gihe tuba twinjiye mu butegetsi butitaho ineza

y’abenegihugu ; ata kindi kiburaza ishinga atari uko

Abarundi bariko bararyana.

12. Ni ngaho batanguriye kuvangura Abarundi, bigisha

ko atari bamwe, ko bamwe ari abansi b’abandi, ko

badasa, ko hariho abaciye ubwenge kuruta abandi, ko

hariho abaremewe gutegeka n’abaremewe gutegekwa

no gukora; amateka n’amabanga Igihugu cari

cubakiyeko barayasambura.

13. Kuva ico gihe intwaro yitaho ineza y’abenegihugu

yari iciwe mu Burundi, vya vyiza vy’igihugu vyahora

biduhuza tukabisangira twese, vyaciye biba

ivy’abanyamahanga ; Umurundi aherewe ku rushi

akavyita igiha Mana, abataronse nabo bikabatera

inzigo.

Urwanko n’inzigo biba biratewe mu gihugu ;

abanyamahanga baba bankishije Abarundi igihugu

cabo uko.

14. Uburundi bumaze kwikukira, aho twosubiranye

bwa bumwe bwacu, uwari kubunagura ari we

umuganwa atari umugani Rudoviko RWAGASORE

baciye bamugandagura bamusubiriza Abarundi

bamaze kumira akabuye k’amacakubiri batamitswe na

basesankuyoze.

Inararibonye mu gihugu aho zotanze akarorero mu

gusanasana wa muhivu wunga Abarundi ahubwo

bagumye begenyeza riho indyane mu bantu.

Abobaye abavyeyi b’igihugu ni bo baryanisha

abenegihugu bafatiye ku macakubiri barazwe

n’abakavantara.

Barundi benewacu,

15. Uburundi bwarapfunywe ariko ntibwapfuye,

bwagiye buragwa buvyuka, Ubumwe ntibwagiye

akagirire.

Naho twari twemeranije amasezerano y’ubumwe

bwacu, nticabujije ko n’ubundi abagwanira ivyicaro

badukwegera mu bugesera aho kuva mu 1993

Abarundi twasubiranyemwo, tutanazi ico dupfa.

Ariko mu nyuma, Abarundi bahavuye babona ikiruta

ikindi, maze abanyepolitike bemera kwicara hamwe

ngo basuzume bongere batorere umuti icanyoshe

Abarundi mu bumwe bwabo.

Naho mu mitima yabo bari bubakiye ku macakubiri

y’ubwoko, mbere bakitunganya mu migambwe

bahagaze mu bwoko, umuti badutoreye i Arusha

warafashije kugarukana ubumwe bw’Abarundi.

Ubwa mbere icari gikenewe kwari ugusubira kuronka

Sebarundi adahagararira ubwoko, inzego z’umutekano

zikingira bose, ubutungane butunganiriza bose.

None nimurabe, uno musi nta migambwe igihagaze ku

bwoko, Abarundi ubu barabana badatinyana

kanatsinda baramaze kumenya ko : « Bapfana iki

barutwa na bamariraniye iki ».

Ndetse uno musi tuwuhimbaje dufise Reta mvyeyi,

ikimenyetso c’umwizero ko bene Burundi batazosubira

gucanamwo.

16. Uno musi ngira ngo nta n’umwe atabona ihinduka

ridasanzwe mu mibano y’Abarundi. Ivyo ari vyo vyose,

kiretse bamwe twita ibinani, umwe wese areze ku

mutima, arabona ko ivyo arimye azobirya, inzu yubatse

azoyibamwo.

Ikimenyetso kitabesha ni ihunguka ku bwinshi

ry’Abarundi bari bataye baromoka, bata igihugu

cabavyaye.

Uno musi ushitse twaragarutse kw’isoko ry’Ubumwe,

tuzi igisumba ikindi ; ubu tukaba turiko turasibura inzira

zari zarasivye, twirura n’imitima yahahamutse kubera

ivyadushikiye.

Ibitari bike biramaze kurangurwa, ibindi biriko

birakorwa mu ntumbero yo kuzitira ico cose cosubira

guhungabanya Ubumwe bw’Abarundi.

17. Kugira ngo ubumwe twari twarabuze bugaruke

twongere tububagarire ntibuze busubire guhungabana,

si ikintu coroshe na cane cane ko abonse rimwe

bakoraniye icaha kibishe, icaha c’amaraso.

Ariko ntihagire uwogira ubwoba, musubize umutima

mu nda kuko hasubiza hamwe abacanyemwo, kandi

hahaguruka uwari yicaye.

Ni co gituma turiko turunga ubwo bumwe tutibagira no

gusanura imitima kugira ntitugume turi imbohe

z’akahise kabi.

18. None birashoboka ko twibagira ako kahise kabi nk’uko

amasezerano y’ubumwe abidutegereza? Jewe

ndishuye nti: “ego cane birashoboka”.

Ariko tumenye ko kwibagira mu kirundi bidasigura

guhanagura mu mutima ngo tubifate nk’uko ako kabi

katigeze kaba.

Kwibagira mvuga ni ugufata ko ibiba vyabaye ariko

uwahuye n’ivyo vyago tukifatanya na we,

tukamuremesha, tukongera tukamuha icizere ko

bitazosubira.

Ivyo navyo nta handi biva atari uko indongozi mu

gihugu zogendera ubuvyeyi koko, zikerekana ko abana

b’igihugu ari abana b’igihugu koko ata n’umwe

akumiriwe.

Abahuye n’ivyo vyago barasaba ko igihugu cemera

koko ko bahuye n’ingorane kandi kikifatanya na bo mu

kubaremesha.

Abahuye n’ivyo vyaha vy’akahise barashaka na bo

gutekana bazi ko ababikoze bavavanuye n’ako gatima.

Barakeneye kubona inzego z’igihugu zibizeza ko

bitazosubira kuko ahanini ababikoze bakoresha inzego

z’igihugu.

19. Ni co gituma Abarundi twahisemwo intwaro ya

Demokarasi kugira ngo abenegihugu batwarwe

n’indongozi bizeye kandi bitoreye.

Abarundi baratoye inzira yo gusubiza hamwe kugira

umwe wese agire umwizero wa kazoza.

Ivyo bibonekera ku kugene bakirana umutima

w’ikigongwe abahuye n’ivyago bose ndetse n’abari

baranyazwe ivyabo bakabisubizwa ata guhotorana

bigiyemwo.

Iyo ivyanyegejwe bigiye ahabona, Abarundi baranezera

bariko babazanya bati : « Ubwo abo babikoze bari

bakomeye mu mitwe yabo ? »

Ivyo binyereka ko umwe wese yicuza kandi akaba ariko

ahanura abandi ngo ntirigasubire.

Murumva ko n’ivyo bibi vyakozwe biriko bija ahabona

ari inkebuzo ikomeye.

Ni co gituma dushimira umugwi wo kumenya ukuri no

gusubiza hamwe ku bwitonzi bariko barakorana,

tukabasaba kubandanya muri iyo nzira birinda

gukomeretsa abahuye n’ivyago. Dusaba n’Abarundi

kureka gukekeza ababikoze kuko burya n’abo

mwosanga atari bo ari ishetani yari yabiziziye.

Erega na bo baricuza.

20. Ubu turi mu gihe co gusubiza hamwe nk’abavukana.

Mbega twobandanya twinubana ngo bitumarire iki ko

urima inzigo ukinovora intuntu ?

Mu gihe tuba duhuje imitima n’inama, vyose tuvyakirira

hamwe, tugaheza tukarima urukundo kandi ivyamwa

vyiza bica biboneka.

Ni co gituma tubahimiriza uno musi gukorera hamwe

kugira dusangire imizi y’iterambere.

Urunani mu makoperative ni icemezo kitabesha ko

twagarutse ku karanga kugira ngo dutere imbere.

Erega amakoperative, mu mvugo ndundi ntaho bitaniye

n’ikibiri.

21. Muri make turavye, ivyo tumaze kwirangurira tutazeye

inze ni vyinshi kubera twibereye mu bumwe n’amahoro.

Ubu nta n’umwe atabona umurindi turiko

mw’iterambere kubera dutekanye.

Birahimbaye cane kubona Abarundi bagarutse kuri ka

karanga k’abasokuru mu kubana mu mahoro, mu

guhana abageni, mu kugabiranira, mu gufashanya, mu

guhana indaro, mu gukorera hamwe imigambi yo

kwiteza imbere no guteza imbere igihugu, n’ibindi,…

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi,

22. Imbere yo gusozera twashaka tubatekerere impanuro

zituma ubumwe bwacu butsimbatara:

Ubwa mbere, Ubumwe mu gihugu butsimbatazwa

n’intwaro ibereye.

Mumenye ko igihugu ari ryo tunga rikomeye

rituvukanisha, kuko atawurirushamwo uwundi mu

buzima.

Indongozi rero ni zibe koko abavyeyi b’abenegihugu,

zitunganiriza bose ata mwana n’ikinono. Zikore zitagira

nkunzi, Abarundi bose batunganirizwe.

Ubutungane busabwa kutirengagiza urubanza ngo ni

uko uwukubitwa intahe ari uyu canke uriya, kudaca

imanza za ngondagonde, ngo butunganirize uyu ngo

burenganye uriya.

Abacamanza nibumve ko ata wokorerwa icaha ngo

ntatunganirizwe kandi atawokora icaha ngo

kirenzweko uruho rw’amazi.

Ubwa kabiri : Mu mibano yacu turangwe n’urukundo

rugenga ikiremwa muntu, kuko tururahura ku Mana.

Mbere ndababwiye nti n’umwansi wawe mukunde, kuko

ni ho uzomugira umuntu, akurabiyeko.

Niturondere ibiduhuza, tuvavanure n’inzira

ziduteranya.

Ivyo na vyo bizobonekera mu gukorera hamwe,

dusangira akabisi n’agahiye, dusangira ibikorwa

n’ikigega.

Hagize abatera imbere kurusha abandi na ho, nibibuke

ko hari abasigaye inyuma, bahindukire babazamure.

Ntimube nka babandi bavuga ngo : « Umukene na

nyina aramwanka » canke ngo : « Uwukize akira

iwabo », mumenye ko ubunwa butamira ntibuguhe

bukoma induru ntiwumve.

Tugwanye rero ubukene, kugira igihugu cacu

ntikizosubire kuzera inze, kuko uwutigaburira

ntiyigaba.

Murazi noneho kutigaba aho vyagejeje Abarundi, kuko

umwe wese bamutegekera ku vyo bamuhaye.

Ubwa gatatu : Dusavye Abarundi kugaruka ku mico

myiza yamye iranga Abarundi kuko ari na yo ituma

tubona kumwe ibintu, umwe ntace muri iyi nzira ngo

uwundi afate iyindi.

Aha twovuga nk’inyifato y’ubuntu, kumenya ikizira,

gukunda igihugu, kuvugisha ukuri, gukunda ibikorwa,

kwubaha abantu n’ivyabo, ubutwari n’ibindi.

Tumenye ikizira kandi abakurambere bigishe abakiri

bato.

Mu gihe twoyidohokako twosanga twarandutse imizi

dusanzwe duhagazeko tukibura iyo twibonye.

Ubwa kane : Tuzirikane, tumenye ivyo twaciyemwo,

tubone aho tugeze n’iyo twerekeza, twunge ubumwe

n’Imana maze bitubere inzira yo kwunga ubumwe

bwacu.

Ivyadushikiye ni uko twari twiciye ku Mana, twigira kure

ka gatima mpanuzi k’ubuntu tuyikurako.

Tugaruke rero ku Mana, tube umwe nk’uko Imana ari

imwe.

Nihaba hakiri abafise Imitima ihumanye, imitima

y’amacakubiri, nta nkeka Imana izoyuhagira, iyityorore

babe abantu b’ubuntu babushitse.

Kira noneho, ni twaba mu Mana, mutima mweranda

azotwosha dukore ibiroranye.

Ubwa nyuma, twige kuja mu makanda y’abatubereye

imboneza mu kugumya wa muhivu utwungira ubumwe.

Aha twovuga duhereye kuri basokuru batigeze

babutirimukako, Rwagasore yatugarukaniye agateka

k’igihugu twari twaranyazwe, Ndadaye yaharaniye

demokarasi izana intwaro inywanisha, Nkurunziza

yakaburiye Abarundi gukunda Igihugu, n’abandi benshi

biguze igihugu.

Abo ni bo dukwiriye kuja mu makanda yabo, na kare

“Uwufise ikimuri ntahakurira hasi”.

23. Twebwe natwe, nk’uko twiyaturiye kuba abaserukira

Reta mvyeyi, Indongozi z’igihugu kuva ku rwego

rw’Umukuru w’Igihugu gushika kuri serugo mu

muryango, dutegerezwa kuba inkingi z’ubumwe mu

kumurikira abandi no mu kugendera iragi rya ba

Sokuru.

24. Ku binyerekeye, nagira nsubire ndabamenyeshe icese

ko mu gihe cose nzoba ndi Umukuru w’iri hanga

ry’Abarundi, nta ndyane hagati y’Abarundi

nzokwemera ko zisubira mu Burundi.

Uwuzokwumva afise ikimubakiye cotuma yita kuri

mugenziwe, araza anyiture nzomutunganiriza.

Kirazira ko mu Burundi dusubira kwumva ngo ko

nshavuye reka nice Abarundi, uwuzobikora nawe

amenye ko abarundi bakanuye, bazomufata hanyuma

acirirwe urubanza abereye.

25. Mu gusozera, twashaka dusubire kubipfuriza umusi

mukuru mwiza ;

Muwuhimbaze mubandanya muzirikana icivugo

cahariwe uyu musi:

«Ubumwe bw’ukuri bwungwa no gusangira

ibikorwa n’umwimbu».

Muwuhimbaze mu rukundo ruranga abonse rimwe,

abahetswe mu ngovyi imwe.

Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi;

Imana ikomeze Ubumwe bw’Abarundi;

Murakoze!

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
27 − 20 =