RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ingo zitera imbere iyo hari ugufashanya ibikorwa ku bubakanye

Inkuru ya Emelyne Nzeyimana

Gufashanya mu rugo biratuma rukomera mbere n’ibikorwa iyo bose babikora ata kubitererekana , akarusho kaba kanini haba mu mwimbu eka no mu mutekano w’urugo. Mpawenimana Jean-Pierre wo ku mutumba wa Kidiridiri muri Komine Busiga intara ya Ngozi aremeza ko kuva atahuye agaciro k’ugushigikira umukenyezi wiwe mu bikorwa vyo mu rugo, bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa,  urugo rwabo rwateye imbere mu vy’ubutunzi.

Uyo mugabo biboneka ko akiri muto avuga ko hari ibikorwa kera yahora yibaza ko vyagenewe abakenyezi gusa agira ati : « Kuva ndi umwana, haba mu muryango canke mu kibano,nakuze mbona ibikorwa vyo mu rugo nko guteka, kuvoma, gusatura inkwi  kwitaho abana n’ibindi, vyakorwa n’abagore gusa, ngaca nibwira y’uko ari uko nyene bibwirizwa kumera kuko uhirahiriye ugakubura uri umuhungu baragutwenga. Maze no kwubaka urwanje, ibikorwa bene ivyo ntavyo nakora utavuga ngo mbuze umwanya, ariko vyavana n’uko ariko nakuze ndabibona. Nari nzi ngo umugabo avuye nko kurima, aca akaraba akaja guteramira kw’ibare, ibisigaye vyo mu rugo biraba umugore. Jewe ni ukuri uko n iko nabitahura ».

Yamara , nk’uko Mpawenimana Jean-Pierre abandanya abivuga, gushinga urugo rwiwe vyatumye atahura vyinshi kuko ngo yaribonera na we nyene ko umugore ababara mu gihe yarwa avyuka ariko atunganya ibikorwa  vy’urugo :  « Aho mariye kwubaka urwanje, n’ubwo nigira sindabibazwa ku bikorwa vyo mu rugo, narabona ko umugore bimubabaza bikanatuma umutekano wo mu rugo uhungabana rimwe na rimwe. Mu nyuma nahavuye nja mu mashirahamwe ; mu nyigisho batanga harimwo ukuduhimiririza twebwe abagabo gushigikira abagore bacu mu kubafasha ibikorwa vyo mu rugo bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa. »

Mpawenimana Jean-Pierre abandanya avuga ko amaze kuronka izo nyigisho, yatahuye ko akwiye gushigikira umugore wiwe mu bikorwa vyo mu rugo, a ri na ho yaca atangura kumuba hafi bagafashanya muri vyose.  Agira ati : « Nasanze mbwirizwa guhindura ivyiyumviro nkamenya y’uko urugo ari babiri kandi ko iterambere ry’urugo rituraba twese. Ikindi naratahuye ko ikibuza abagabo gukora bene ivyo bikorwa ari « Imico n’imigenzo » yaremeka umukenyezi ibikorwa vyose vyo mu rugo (umuzezwanzu,umunyakigo,umunyaruhimbi), nca ndabona ko nkwiye kuvavanura na yo kuko natahuye ko ata terambere rishoboka mu gihe umukenyezi adashigikiwe n’umugabo wiwe. »

Uko bamwakira mu kibano…

Ku bijanye n’ingene ikibano kibona iyo nyifato ya Mpawenimana, uyu mugabo w’i Busiga avuga ati : « Mu kibano babifata nk’aho umugore yampaye imiti kuko batari bamenyereye ndabikora mbere bamwe bakavuga ko ndi umugabo w’inganzwa. Abagabo bamwe baranyinuba kuko bavuga ngo nta mugabo ndimwo, abandi bakavuga ngo ndabamaramaje .Ariko n’ubwo ivyo vyose babivuga, jewe narabandanije mba hafi uwo twubakanye muri ivyo bikorwa kuko nabona akarusho biriko birazanira umuryango ».

Agaciro  yabisanzemwo…

« Ugufasha uwo twubakanye ibikorwa vyo mu rugo nabisanzemwo agaciro gakomeye. Abarundi barayamaze bati : « ibigiye inama bigira Imana » ; bivanye n’ukuntu twabanza kuja inama yerekeye ibikorwa vya buri munsi, vyatumye dukoresha umwanya neza bigatuma turwiza umwimbu ushimishije. Ikindi naco, umutekano twari twarabuze imbere waragarutse kuko twakorera mu mwumvikano nta ngere », bibandanya bivurwa na Mpawenimana Jean-Pierre.

Agashimangira ko uwo mwumvikano watumye bagura ibikorwa, iruhande y’uburimyi n’ubworozi basanzwe bakora, baranadandaza kandi navyo nyene  bakabifashanya  kandi bikagenda neza kuruta aho aba avyigungirako. Vyongeye  ngo uburyo bubonetse babukoresha muri vya bikorwa vy’iterambere ry’urugo,kandi baramaze gushika ku yindi ntambwe mw’iterambere ry’urugo mu butunzi.  Agashimika  ati : « Ni ukuri naratahuye y’uko ugufasha uwo twubakanye mu dukorwa two mu rugo bifise agaciro kanini cane. »

Mpawenimana arafise abo yabereye akarorero

Nk’uko Mpawenimana Jean-Pierre avyemeza, ngo hari abatari bake bo mu kibano ciwe na cane cane abagabo yabereye akarorero, bavavanuye n’imico n’imigenzo yatuma badashigikira abagore babo mu bikorwa vyo mu rugo. Ngo babonye iterambere ry’urugo rwabo, baramwegera bakamubaza, nawe ntiyatinya kubabwira y’uko vyose abikesha inyigisho zamwuguruye amaso akavavanura n’imico hamwe n’imigenzo vyaremeka ibikorwa vyose umukenyezi wiwe ; kandi abo nabo kugeza ubu ngo barahindutse haba mu vyiyumviro no mu bikorwa ubu ngo barafashanya n’abagore babo.

Mpawenimana Jean-Pierre aratanga impanuro ku bandi bagabo…

Abagabo batana ibikorwa abakenyezi babo barahanurwa na Mpawenimana Jean-Piere afatiye ku kugene yatahura ibikorwa vyo mu rugo kera n’ingene yahindutse. 

Agira ati : « Impanuro noha abagabo nkanje, ni uko bojijuka bakamenya ko amase ya kera atagihoma urutaro ; bakavavanura n’imico hamwe n’imigenzo iremeka umukenyezi ibikorwa vyose vyo mu rugo ; bakibuka y’uko urugo ari babiri kandi ko iterambere ry’ urugo riraba bose(umugabo n’umugre) »

Ikindi ahanura abagabo ngo ni uguha agaciro intererano z’abakenyezi na cane cane mu gutegura  imigambi y’iterambere ry’urugo  kuko ikiyago naco kiratuma ibintu birushiriza kugenda neza.

Iruhande y’ivyo,  ngo bokwima amatwi abagifise ivyiyumviro bikumira umukenyezi mw’iterambere kuko burya umukenyezi ni we nkingi y’umuryango ; akavuga ko inzu itohagarara itagira inkingi . Ari naco gituma asaba abagabo gushigikira abagore babo mu bikorwa vyo mu rugo bongere bamenye ko uruhara rwabo ari ntangere mw’iterambere ry’umuryango.

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
15 − 11 =