RADIO TV BUNTU

Ijwi ry'impfuvyi n'abapfakazi

Bienvenue sur la Radio TV Buntu, un médium qui diffuse des programmes qui inspirent les veuves, les veufs, les orphelins, les personnes âgées en leur montrant qu’il y a encore de l’espoir de vivre malgré les difficultés qu’ils traversent. La radio TV Buntu souscrit également à la promotion de l’autonomisation de la femme, favorise l’éducation de la jeune fille, informe et forme la population sur les thèmes d’autodéveloppement.

Ijambo Rishikirijwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi mu Gihe Uburundi Bwibuka Imyaka 58 Iheze bwikukiye.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Imyaka mirongo itanu n’umunani irarumanye Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira. Imana Mushoboravyose nihabwe icubahiro kiyibereye.  Tuyisabe idutere intege, iduhe ubwenge n’ubwitonzi, turi hamwe twese mu runani rw’intamenwa, dukore dutsimbataze Intahe y’ukwikukira, kandi birashoboka.
  1. Uyu musi mukuru ubaye turi mu mubabaro ntangere, umubabaro ukomoka ku rupfu giturumbuka rw’Umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Nkurunziza Petero, yabaye Imboneza mu gutsimbataza Intahe y’ukwikukira. Dusabe Imana Mushoboravyose imuronse uburuhukiro budahera mu birimba vy’Ijuru.
  1. Duhimbaje kandi uyu musi mukuru mu gihe isi yose iyo iva ikagera yugarijwe n’ikiza-karanda Korona, ico na co mukaba muzi ko kibuza abantu kwishira bakizana. «Ibuye riserutse ntiryica isuka», kandi «Umugabo atinya ingwe, ntatinya iyamwinjiranye». Guhera uyu musi nyene, twahagurukiye ico kiza gushika kiranduranywe n’imizi.
  1. Tuwuhimbaje kandi duheruka mu matora y’Umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’ay’abajenama ba komine, yose uko ari atatu  abera rimwe, hakoreshejwe uburyo bw’Abarundi ubwabo, yitabwa ku rugero rutari bwashikirwe mu gihugu cacu, aba ku mugaragaro ata gitsure c’abakoroni, kandi agenda neza mu nteguro, no mu vyayavuyemwo.

Kwishingira intwaro mw’itekane ry’abenegihugu kikaba ari kimwe mu bimenyetso bikomeye vyerekana ukwikukira kw’igihugu.

  1. Tuwuhimbaje kandi Umukuru w’Igihugu mushasha aherutse gushikira ku mugaragaro amabanga yo kurongora Igihugu. Ibirori vyo kumwimika biba ishengero rikoranye, arahirira imbere y’Imana n’abenegihugu, abari mu migambwe n’abatari muri yo, abamutoye n’abatamutoye, abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu, tutibagiye n’abashitsi b’iteka bavuye mu bindi bihugu.
  1. Ikindi gikorwa gihambaye kijanye no gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira, kwabaye ukugena no gutanguza ibikorwa vy’abagize Reta y’Uburundi yaraye ishikirijwe Abarundi n’amakungu. Ivyo vyose vyakozwe mu bwigenge ntangere, hisunzwe amateka n’amategeko y’Uburundi.
  1. Turipfurije rero Abarundi bose aho bari hose, mu gihugu canke mu mahanga umusi mukuru mwiza, umusi mukuru w’akanyamuneza. Twiyumanganye n’aho turi mu mubabaro, twongere tuwuhimbaze twibuka  incungu y’Intahe y’ukwikukira Umuganwa Rwagasore Rudoviko, abamufashije urugamba, hamwe n’intwari zagize uruhara mu gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira nka Ndadaye Melikiyoro na Nkurunziza Petero.
  2. Uyu musi mukuru tuwuhimbaje twishimikije iki civugo: « Ivyo nkora vyose, ni vyo bihesha ishusho Uburundi bwacu». Tuzirikane rero ko icipfuzo ca mbere kiri mu Ndirimbo Ndangabuhizi y’Iguhugu cacu, ari co : «Shinga icumu mu mashinga, gaba intahe y’ubugabo ku bugingo», gishirwa mu ngiro n’ivyo dukora, ivyo tuvuga, n’inyifato yacu. Amakungu azotwubaha twiyubahirije kuko « Umuntu yubahirwa ico bamubonamwo». ni muze rero dukore kandi tuvuge ibitera Iteka Uburundi, twamirire kure ico cose coza gikoza isoni Igihugu cacu.
  1.  Ako kamo kogushinga icumu mu mashinga tubicishije mu gukora ibihesha ishusho nziza Uburundi bwacu, gaterwa Abarundi twese ata n’umwe asigaye inyuma, baba abari hagati mu gihugu, abakandizi b’Uburundi mu makungu, ndetse n’abarangurira imirimo itandukanye mu makungu.

Umwe wese akore ibikorwa kandi arangwe n’inyifato n’imvugo bihesha Iteka n’Icubahiro Uburundi. Twamize ku muzirikanyi wa mwibutsa wa basokuru ngo : « Urera nabi ugatukwa n’abakwe ».

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Bamwe mwaravyiboneye, abandi mwaravyumvise mu biyago, abandi mwarabisomye. Urugamba rwo guhabuza Intahe y’ukwikukira ntirwari rworoshe namba. Ariko kubera Imana Mushoboravyose yagiye imbere Uburundi n’Abarundi, bararurwanye bagirako bararutsinda.
  1. Uguhabuza intahe y’ukwikukira kwarababaje abakoroni n’Abarundi b’ibihemu na ba ndayamutaye. Nkako, abo tubabwiye Intahe y’ukwikukira yabakuye amata mu kanwa kuko ivy’igihugu vyose vyari vyarabaye nka gwabo, ari na co gituma ataco batakoze kugira ukwishira n’ukwizana kw’Abarundi kuzimangane burundu.
  1. Dutereje amaso inyuma muri kahise k’Igihugu cacu, dusanga intahe y’ukwikukira yama igarukira aho rwotera izuba, intwaro ya demokarasi yoyishigikiye ikama inigirwa mu menshi, amahoro n’umutekano bigahungabana kenshi, intwaro z’agahotoro n’agacinyizo zikiganza, Ubutungane, agateka ka zina muntu n’amategeko bigahonyangwa.
  1. Inkurikizi z’ivyo vyose kukaba kwabaye ukurara rubunda, guhunga igihugu c’amavukiro, isinzikara ry’ubutunzi rusangi n’ayandi mahano yahanze Uburundi. Ikibabaje kuruta ibindi vyose, ni amaraso ya beneburundi b’intungane yasesetse kenshi.
  1. Agahengwe katanguye kuboneka kuva mu mwaka w’2005, aho twinjiriye mu ntwaro ya demokarasi itari iy’uruhendo, gushika aho twese twumva ko tugize igihugu kimwe, umuryango umwe, aho twipfuza ko duteye imbere dutera imbere twese kandi dufatanye mu nda, tuzi ko turi abana b’igihugu kimwe, dusangiye gupfa no gukira.
  2. Naho injavyi zabandanije zitoba, twarabandanije urugendo rugana muri demokarasi y’ukuri, ishigikira intahe y’ukwikukira, kanatsinda, « Amaso y’ibikere ntabuza abavoma », kandi ngo : «Imvura irahinda ntibuza abasenya ».
  1. Kuva mu mwaka w’2005, haribonekeje umwitwarariko udasanzwe wo guhagararira, kubungabunga no gutsimbataza Intahe y’ukwikukira. Ivyo bibonekera cane cane mu nyigisho zo kuzirikana Igihugu, gukomeza urukundo n’ubumwe  muri Beneburundi, kubumbatira umutekano, gukingira ubutunzi bw’Igihugu, guharanira no guhagararira inyungu z’Igihugu, hamwe no guteza imbere Igihugu.
  1. Izo nyigisho zatanzwe mu gihugu cose, mu bisata no migwi itandukanye igize ubuzima bw’Igihugu cose. Zaradufashije kumenya amateka n’Amabanga vy’Igihugu, turamenya iyo tuva n’iyo tuja, turagaruka kw’isôko ry’Iteka n’Itekane vy’Igihugu, ku karanga n’akarangamutima k’Umurundi kama.
  1. Ubu turabona ko Abarundi batari bake bamaze kuvavanura n’agatima ko gutuka no gutyoza igihugu cabo. Mbere ubu urabona ko nka bose banezererewe Igihugu cabo. Iri ni Iragi ryiza dukesha Umuhisi Nyenicubahiro NKURUNZIZA Petero. Dusaba zina Murundi wese kwama azirikana iryo ragi, yongere arigendere mu mvugo no mu ngiro.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Ego ni vyo Intahe y’ukwikukira imbere ya vyose ihera ku kwiganzura agacinyizo, agahotoro n’agahahazo ka ba kavantara, hanyuma tukishingira intwaro itubereye, ijanye n’ivyipfuzo n’imico yacu. Yamara rero, Uburundi ntibwoshinga icumu mu mashinga butubatse imigenderanire myiza n’ibindi bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu.
  • Turazi kandi turazirikana ko «Isi idasakaye, kandi ko bwuguruje ku mubanyi iwawe buba bukeye». Akarorero ka hafi ni iki kiza karanda Korona. Catanguriye ku muntu umwe, mu gihugu kimwe, ariko uno musi cararandagase isi yose, kandi inzira irashe yo kugitsinda ni uko ata muntu n’umwe canke igihugu na kimwe cokwigira sindabibazwa.
  • Iruhande y’ibiza bitazira umwe, biramaze kugaragara ko ihindagurika ry’ibihe n’ingaruka mbi zibiherekeza zikomoka ahanini ku mahinguriro y’ibihugu biteye imbere kurusha ibindi, ariko izo ngaruka mbi zimeze nka ya nkuba irabije utagira ngo mara abansi kuko n’umukunzi birajana. Iyo ibihe bihindutse, akayaga keza kagakena, bizanira ingaruka mbi abantu bo kwisi yose.
  • Amakungu rero ni twese ata n’umwe avuyemwo, dutegerezwa gukorana ata bugunge n’uburyarya, tugasenyera ku mugozi umwe, tukazirikana ko dusangiye ugupfa n’ugukira. Imbere y’ibibazo biraba isi, ntakwimbana mu mizi canke ngo tubone ko ari vyiza ko «Umwana w’uwundi yimba aguhisha ivu».
  • Ng’ico icatumye twitwararika imigenderanire, tukarondera abagenzi b’ukuri mu mpande zose z’isi, ba bandryatuyaga na bo turabîrînda. Kukaba nkako, turazirikana na ntaryo ko «Agafuni kabagara ubumwe ari akarenge», ko «Iminwe iryoha inyuranye», ariko ntitwiyobagiza ko «Uwutokuvuna yokuva inyuma» !
  • Vyongeye, gushinga icumu mu mashinga ntivyizana biraronderwa. Na kare ngo « Ntawuterwa iteka atekeye mu vyatsi », kanatsinda « Uwushaka iteka araritekerera ». Uno musi kubona hari ibihugu vyaduciriyeko iteka biteretse, ibindi bikadutobera isôko ariko tukabandanya tubaho, mbere tukabaho neza kuruta imbere y’aho, ni ikimenyamenya ko twănagūtse, ko twasubiranye rya teka ryo kwigaba tukigaburira, kanatsinda ubu dufise n’ishishiro ridushikana mu rubanza tutari abavumvyi, ariko turi abatumire bahire.
  • Uko ni kwo twashoboye kwitaba akamo twatewe n’Amashirahamwe Mpuzamakungu, turatabara mu bihugu bitandukanye, amahoro n’Umutekano vyahungabanye. N’ubu tukaba turiko turafashanya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kugarukana amahoro mu gihugu ca Repuburika ya Centrafrique, tukongera tugafasha ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika mu kugarukana amahoro mu gihugu ca Somariya.
  • N’ubu nibatabaza Uburundi, tuzokwitaba akamo kuko dusigaye turi abazimyamuriro b’amakungu. Ico gikorwa c’Iteka catumye Uburundi bushinga icumu mu mashinga, kandi bwabaye Ubutumwa turungikiye Isi yose ko turi magiriranire, ko twaremewe gufashanya tutaremewe gufashwa. 
  • Ba sokuru barayamaze ngo « Ntawuhomera iyiyonka », barongera bati « Ntā mpērá y’umurozi », ahandi bati « Inda mbi ntiyengerwa ».
  • N’aho twakoze ibishoboka vyose ngo tubanire neza ibindi bihugu nk’abazimyamuriro n’abakunzi b’igisimbamwavu, hariho ababirengejeko uruho rw’amazi baratudurumbanya, barambika ibara Uburundi n’Indongonzi zabwo, bakorera inteba ishushe Igihugu cacu, bagifatira ingingo z’akarenganyo n’agahotoro, ivyo vyose bakabikora bihetse kuri benewacu bataye umurongo.
  • Abo duhejeje kuvuga birya akara ngo biraheze baratunyaze Intahe y’ukwikukira, bakibagirako ko « Igiti gikurira mu babaji », canke ko « Agati gateretswe n’Imana kadahenurwa n’umuyaga ».
  • Muribuka namwe ingene bagerageje gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu mu mwaka w’2015 Imana igakinga. N’ejo n’ejo bundi, tubimenye kandi tubimenyere, kirazira kikaziririzwa kuvuguruza Ijambo ryapfunditswe n’abenegihugu biciye mu matora.
  • Turashimiye Inzego zijejwe Umutekano, izijejwe kwivuna abansi, hamwe n’Abarundi bose bahagaze rugabo mu gutesha inkorabara zashatse kutunyaga Intahe y’ukwikukira. Ariko ngo atagapfuye, ntagakira, abo babisha baratwigishije gukunda igihugu no kugicungera kuko turazi ko atakwiyanjanjwako, ko igihugu ari ukukirarira ijoro n’umurango. Ni muri iyo ntumbero nsubiye gutera intege Abarundi bose, kwumva no gutegera akamaro ku guteramira igihugu duciye kuri za nyabune.
  1. Turashimiye kandi Ibihugu n’Amashirahamwe Mpuzamakungu vyafashije mu kubeshuza no kwiyamiriza ibinyoma n’amarementanya vyariko birakorerwa Uburundi. Ubu tukaba twaramaze kwerekana ubugabo bwacu muguhagararira amahoro no gutunganya intwaro ibereye Abarundi, ko rero ishirahamwe ONU ryokwumva ko tutakiri ku ntambwe yo kuturereka ico dukora, ahubwo hageze ko dukorana mu bibazo biraba iterambere rirama kandi ridakumira.
  • Turasubiye kumenyesha amakungu ko imiryângo y’Uburundi yuguruye, abipfuza gufashanya n’Uburundi bose barahawe ikaze kuko turafise ivyo twokorana. Ariko baze bazi ko twipfuza gukorana twisunze amategeko mpuzamakungu agenga imigenderanire n’ugufashanya.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Imbere y’umuzo w’abakoroni, Uburundi bwari Ubwami buramutswa abaganwa n’abagabo bigaba bakigaburira, Ubwami bwikwije mu bisata bitandukanye, Ubwami butera imbere nk’umuzinga uko bukeye uko bwije.
  2. Bwari Ubwami bwiganjemwo amahoro, umutekano n’impore. Uburundi bumaze kugwa mu minwe y’abakoroni, niho bwaciye butangura gusubira inyuma nk’ibirenge, butakaza iteka n’itekane mu bisata vyose, amaraso n’amarira bisubirira amata n’ubuki.
  1. Inyuma yo guhabuza Intahe y’ukwikukira, imyaka 43 yose yaraheze iraherengetera Uburundi bugoyagoya, bugwa buvyuka. Yamara bwarapfunywe ntibwapfuye, bwarahabishijwe ntibwahababuka. Igihe kigeze bwahagurukanye Ubugabo burikunkumura akabi, busubira kuramutswa Intahe n’ibihugu. Rya Shaka n’Ubuhizi vyaragaragaye kuva mu mwaka w’2005, Uburundi burasanurwa bwongera burasanasanwa.
  1. Iruhande yo gusanura ivyasambutse, guhumuriza no gusanasana imitima yatuntuye, iterambere ryarasubiye kwibonekeza mu bisata vyose bigize ubuzima bw’Igihugu, Abarundi twarakubise i Bweru twibuka ubwenge, benshi mu bari bahunze igihugu barahunguka, mbere abatari bake bahungukana ubwenge, ubumenyi n’imitahe vyagize uruhara rudasanzwe mu kuzamura Ubutunzi, Ubuhinga n’Ubumenyi bw’Uburundi bwari bwasinzikaye umwanya muremure.
  1. Ivyo vyaherekejwe n’Ingingo kivyeyi zifise intumbero yo kuramira Abenegihugu biciye mu gusabikaniriza Abarundi bose umwimbu ata mwana n’ikinono, Abarundi dusubira gusangira ikivi n’ikigega nk’uko vyari bimeze imbere y’umuzo w’abakoroni.
  2. Akarorero ni amashure n’ibitaro vyinshi vyubatswe, bica bijana n’ingingo nziza zashimishe abenegihugu bose n’amakungu, zo kwigisha ku buntu abana bo mu mashure y’intango, no kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu, n’abakenyezi bibarukiye mu bitaro canke mu mavuriro vya Reta. Ivyo  vyatumye igihugu gitegura kazoza keza k’urwaruka rwacu mu kurucisha ubwenge no mu  kurufasha kugira amagara meza kuko ari rwo Burundi bw’ejo.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Kugira ngo iterambere rishware  mu gihugu cose ata ntara isigaye inyuma, mu ntango  twarahaye  imiriyoni amajana atanu ikomine yose ngo itunganye ibikorwa vy’iterambere, none ubu tukaba tugeze aho umutumba wose uhabwa imiriyoni cumi zo kwiteza imbere mu kugwiza umwimbu, kuko tumaze kuzirikana ko iterambere nyaryo rihera aho nyene ku mitumba. Ni co gituma ubu duhimiriza abenegihugu bose ku mitumba kuja hamwe, bakagira ikibiri mu bikorwa vy’iterambere kuko « Nyamwigendako atarimira impeshi ».
  1. Harashinzwe n’umusi mukuru wa komine uhimbazwa  ku musi wa gatandatu wa mbere wo mu kwezi kwa Myandagaro, aho abavuka komine bahura bakaganira ku vyaranguwe n’imigambi y’iterambere yimirije muri komine yabo. Harashinzwe imigambi yerekena ingene abarundi twipfuza ko Igihugu cacu coba kimeze mu mwaka w’2025 (Vision 2025). Ivyo vyose vyashobotse kuko twikukiye, dushaka igihugu cifashe, kizira inzara n’ubukene,  kizira kuzera inze, giteye imbere  kandi tuzeyeko amagara n’ubuzima, uburaro n’uburamuko.
  1. Ni muri iyo ntumbero twarateguye twebwe nyene  Umugambi w’Igihugu w’Iterambere w’imyaka cumi 2018-2027, dusangamwo imigambi yose y’iterambere yashizwe imbere  mu bisata vyose vy’igihugu.
  1. Nk’uko mubizi, kurangura imigambi bijana n’uburyo bw’amafaranga. Ko twavavanuye na ya ngeso mbi yo kwama tuzera inze, harashizweho itegeko ryorohereza abanyamitahe,  bashaka gushinga amashiramwe mu gihugu cacu, rikaba ryatumye abagwizatunga bazana imitahe yabo bongerekana.
  1. Ubu amashirahamwe n’amahinguriro atari make akaba yaravutse kandi  ariko arakora mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu. Gutyo amahera yinjira mu kigega ca Reta  akongerekana.
  1. Harahinyanyuwe ingene amakori ya Reta yotozwa kugira abagwizatunga bagire uruhara mw’ iterambere rusangi. Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi (OBR) carakoze bishimishije,bikaba vyatumye Uburundi bushobora kwibako ku bice 90%.
  2. Ariko n’ahoamafaranga yinjira mu kigega c’Igihugu yongerekana ku mwaka ku mwaka, haracariho ibihengeri bikenewe kuzibirwa kugira ngo amikoro y’Igihugu yisununure. Tugiye kuzibira ivyo bihengeri, duhashe abasesagura, abanyonyezi, abarya n’abatanga iguturire co kimwe n’abahembwa bicaye.
  1. Kugira ngo igisata kijejwe gutoza amakori n’amatagisi  kirangure imirimo kijejwe corohewe, hagiye kwubakwa igorofa igeretse cumi na kabiri (12 niveaux) izokoreramwo ibisata vyose vy’ico kigo vyahora bishwiragiye hirya no hino, gutyo abaje kubugura no kwitura ico kigo na bo nyene boroherwe.
  2. Abarundi barayamaze ngo « Hari nkunzi na gaheta ». Uwovuga ivyaranguwe akibagira umugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu mu gushinga Umugwa Mukuru hagati mu gihugu i Gitega, Ingoro y’Umukuru w’Igihugu yitiriwe uwo dukesha Uburundi, Umwami Seburundi NTARE RUSHATSI, Ibanki y’Urwaruka, Ibanki y’Abarimyi, Ibanki y’Abakenyezi, canke Umugambi w’Igihugu ujejwe iterambere, abamuteze abiri bovuga bati, yavuze arazindwa! Ubu biraboneka neza ko kazoza k’Uburundi kari mu minwe y’ihanga ry’abarundi.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Igihe twashikirizwa amabanga yo kurongora Igihugu, twarashikirije muri rusangi imigambi mikuru mikuru izorangurwa na Reta turongoye mu kiringo c’imyaka indwi. Yose ni imigambi ifasha mu gutsimbataza Intahe y’ukwikukira. Abashikiranganji twaraye tugenye bazobashikiriza ido n’ido ry’iyo migambi umwe wese mu gisata ajejwe.
  1. Mbere ivyihuta kurusha ibindi mwaravyumvise, twabishikirije mw’Ijambo ry’umukwanguro twashikirije inyuma yo kurahira kw’abagize Reta y’Uburundi. N’ubu twashaka kubasaba kugira urunani, mu bumwe n’urukundo dushigikire iyo migambi mu bikorwa.
  1. Ico twashaka kugarukako muri kano kanya, ni uko Uburundi bugiye kuramutswa benebwo, Beneburundi mw’iteka ryabo. Uburundi bugiye kuramutswa koko Intahe n’ibindi bihugu. Iyo tuvuze Igihugu kirangwa n’Iteka n’Itekane, canke tukavuga Igihugu c’abagabo bigaba bakigaburira, tuba tuvuze bimwe mu majambo atandukanye.
  1. Tuba tuvuze ca gihugu beneco bakora ku munwa aho bashakiye hose, mu mifuko yabo na ho hakabarizwa amahera yo kwikenura.

Ni muri iyo ntumbero Reta igiye gushigikira bimwe biboneka abenegihugu bose bazova hasi bagahingura isi n’itunga kama Imana yatugabiye.

  1. Aha turashimishwa cane n’agacumu k’ubumwe katanzwe n’Abarundi mu gisata c’uburimyi, kugeza n’aho twihingurira intabire y’ikirundi ivanze n’iyikizungu, gutyo tugabanya ku rugero rushimishije ubumara bwonona isi ndimwa, umwimbu n’akanovera k’ibifungurwa birongerekena, amagara y’abantu n’ibidukikije birakingirwa, abarimyi baronka intabire ku gihe no ku giciro kitavuna, aborozi baronka isoko y’amase y’ibitungwa yahora abapfako ubusa, Igihugu na co kibona kuziganya amafaranga y’agaciro yahora akoreshwa mu kugura intabire mu mahanga ku bice 50%, bisigura ko twaziganije hafi imiriyoni 30 z’amadorari y’amanyamerika.
  1. Mu gisata c’ubworozi naho, dufadikanije n’abasanzwe badusahiriza mu migambi y’iterambere, haratanzwe inka, impene, ingurube, inkoko n’ibindi bitungwa vya kijambere, kugira tugwanye inzara n’ubukene, kandi bifashe mw’iterambere ry’Igihugu n’abenegihugu. Ubu ivyo bitungwa bikaba biriko biragwira mu benegihugu. Turipfuza ko mu misi iza, twogwiza umwimbu bimwe biboneka kugira ngo tugire umusesekara dushora hanze vyaba mu birimwa canke inyama z’ibitungwa.
  1. Kugira utwigoro tudondaguye ntitube impfagusa, birakenewe cane ko akamo Imboneza yacu yateye kw’Igenekerezo rya 17 Nyakanga mu mwaka w’2019 kokwitabirwa n’abo kega. Ubushikiranganji bujejwe igisata c’Uburimyi, butegerezwa kurikanura kugira mu Burundi ntihasubire kwinjira intabire irimwo ubumara buhindanya isi yacu, bugasinzikaza n’amagara y’abanyagihugu. Muri iyo ntumbero, dukwiye guha ikibanza n’agaciro intabire twihingurira, na cane cane ko akarusho izanira Igihugu n’Abenegihugu atari agaseseshwarumuri.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Iyo umwimbu wiyongereye, ibisata vyose birashikirwa. Mu gisata c’akazi, Reta yarerekanye ko yitayeho abakozi bayo, irongera imishara yikurikiranya ku rugero rwa 34%  na 15%, yongera iratanguza umugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara y’abakozi, ubu ico gikorwa kikaba gishitse ku ntambwe ishimishije. Turizeye ko, turavye aho ico gikorwa kigeze, mu misi iza na ka karusho ko kumwaka ku mwaka kazoboneka kuko kari kahagaritswe n’uwo mugambi abakozi batari bake bakenguruka.
  1. Kuva kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro na ho, Reta izorihira abakozi bayo bakukurutse vya bice 20 % bahora bariha mu kwivuza. Hazofatwa n’izindi ngingo mu misi iri imbere, maze uwukukurutse ashobore kubaho nk’uko yarabayeho akiri ku kazi.
  1. Kugira dutsimbataze intahe yo kwikukira, ni uko abarundi twomenyana mu kibano, kandi tugafatana mu nda. Kugira tunagure uwo muco mwiza wo gushigikirana wamye uranga Abarundi mu bihe vyiza no mu bihe vy’umubabaro, twaragarutse ku mugenzo mwiza wo gushigikirana, hatanguzwa kandi Umugambi ufasha abenegihugu bari mu  mashirahamwe kwivuza borohewe.
  2. Harashinzwe Umusi wo Gushigikirana wama uba rimwe mu mwaka, haratanguzwa kandi umugambi « MERANKABANDI », uronsa abafise amikoro make amafaranga yo kuzamura ubuzima bw’umuryango, mu ntara zitatu z’Igihugu.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

  1. Imbere yo kurangiza, twashaka kubagira inama yodufasha gutsimbataza Intahe y’ukwikukira.

Ubwa mbere : Tuzirikane neza icivugo ngenderwako c’Uburundi : Ubumwe-Ibikorwa-Amajambere. Gisigura muri make ko ataco twokora ngo kirame tutari kumwe, kandi ko tudakoze tutotera imbere !

Twame dufise ku muzirikanyi ko iyo twerekeza ari igihugu giteye imbere, cigaba kikigaburira. « Turi kumwe twese, birashoboka ».

Ubwa kabiri: Tuvavanure n’agatima ko kugarariza inzego zivuye mu matora kuko inyifato nk’iyo ataho itaniye no kurwanya intahe

y’ukwikukira na demokarasi, kandi tumenye ko kizira kikaziririzwa

kuvuguruza abenegihugu ku co baba bapfundikiye mu matora. Ko twamaze gusezerera intwaro z’igikenye n’iz’amagaburanyama, Zina ndongozi namenye ko ari umusuku w’abenegihugu. Indongozi ni zikorere abenegihugu bashime ata numwe avuyemwo ni ho n’amakungu azobona ko Uburundi ari igihugu c’ijunja kuko gifise indongozi z’ubuvyeyi.

Ubwa gatatu: Twame tuzirikana ko Umurundi wese, yaba mu Burundi canke mu mahanga, ari ubwa mbere na mbere Umurundi, kandi ko naho yoronka ubundi bwenegihugu,  ata teka azigera aronka risumba iryo kuba Umurundi. Turasavye Abakandizi b’Uburundi mu bindi bihugu kwama bavyibutsa Abarundi mu bihugu barimwo.

Ubwa kane : Dufashanye, tugire urunani rw’intamenwa, turwanye ubunebwe, dukomeze ubumwe n’urukundo mu bantu, dukure amaboko mu mpuzu dukore, dutere imbere,  dushigikire intahe y’ukwikukira.

Tumenye ko Igihugu kikizera inze, kigihanze amaso imfashanyo ziva hanze, kitaba cishira ngo cizane, ukwikukira kwaco guherera mu majambo gusa, na kare « Uwanka gucuka acika uruzingo ».

Ubwa gatanu : Dufashanye  mu gusasagaza Ubutungane, bube Ubutungane butunganiriza bose ata nkunzi, kandi tuzirikane ko Ubutungane ari kirumara mu gutsimbataza Intahe y’ukwikukira.

Ubwa gatandatu: Umurundi wese yumve ko Uburundi ari icari ca twese. Turasavye impunzi z’Abarundi zitahuke mu gihugu cabibarutse.

Mu Burundi nta nyagupfa na nyagukira, Uburundi buradukeneye twese. « Amaherezo y’inzira  ni mu nzu », ni mutahe iwanyu mukiri abarundi b’ubuntu, kuko « Inkoko irara mw’ishamba bugaca yacitse inkware» ! 

Ubw’indwi : Twijukire ibikorwa, tuje mu mashirahamwe, duteze imbere amakoperative ari ku mitumba yose, tworore turime kijambere, twimbure turonke ivyo dufungura n’umusesekara dushora mu masoko, twikukire koko.

Ubw’umunani : Nidukomeze imiryango yacu yo mushinge w’Igihugu, turerere urwaruka mu bikorwa tubigisha ikizira, kugira ngo dutegurire kazoza keza uburundi.

Urwaruka gwamaze gushika mu bigero na rwo turusaba gukanura, babone iyo baja. Natwe tukaba tubemereye kuzobaguma hafi tubafate mu mugongo muri iyo nzira.

Ubw’icenda: Twamirire kure imbuto mbi yabibwe n’abakoroni mu Burundi, twamirire kure ubugunge n’uburyarya, dusangire tudacuranwa, turagirane atawusobanurira uwundi, duhinde ikibiri atawukebera mugenziwe, uwuteye imbere yibuke abasigaye inyuma.

Ubw’icumi : Tuvire hasi rimwe mu kugwanya ikiza Korona kitubuza kwishira no kwiza, dushigikire ingingo zafashwe na Reta mu ntumbero yo kugwanya ico kiza ; cane cane isekeza twataziriye; «Ndakira, sinandura kandi sinanduza».

  1. Dusozereye dusubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze mu rweze n’akanyamuneza, umwe wese azirikane uruhara rwiwe mu gutsimbataza Intahe y’ukwikukira, umwe yibaze ati : « Mbega nokora iki ngo Uburundi bwacu bushinge icumu mu mashinga » ? Umwe wese yamize kumuzirikanyi ko, « Ivyo akora vyose, ari vyo bihesha ishusho Uburundi bwacu», ace amenya ikizira n’ikirekuwe.

Niharambe Intahe y’ukwikukira kw’Uburundi !

Imana Mushoboravyose ihezagire Uburundi n’Abarundi !

Murakoze!

Gaspard Maheburwa

Articles similaires

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Résoudre : *
28 − 4 =